Japan: uwagirizwa kugandagura Shinzo Abe yari afitiye umujinya ishirahamwe ryiwe-igipolisi

Imodoka itwaye ikiziga ca Abe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Igipolisi kiriko kirakora amatohoza kw’igandagurwa ry’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe kivuga ko yari asanzwe afitiye umujinya “ishirahamwe runaka”.

Uyu yagirizwa ubu bwicanyi, azwi kw’izina rya Tetsuya Yamagami w’imyaka 41, yari azi ko Abe yari muri iri shirahamwe nyene kandi ko yamwishe kubera ico, nk’uko abakora amatohoza babivuga, ariko bakaba badatanga izina ry’iri shirahamwe.

Abe yapfiriye mu bitato ejo ku wa gatanu inyuma y’aho arasiwe ariko ashikiriza ijambo mu myiyamamazo.

Yamagami aremera ko yamurashe akoresheje inkoho yakorewe muhira, nk’uko igipolisi kibivuga.

Abe yari we mushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani yamaze ikirongo kirekire, urupfu rwiwe rukaba rwababaje iki gihugu cari gisanzwe kitavugwamwo ubukozi bw’ikibi hakoreshejwe inkoho.

Yarashwe ariko yamamariza uwari umugambwe wiwe, Liberal Democratic Party (LDP), mu matora y’inama nkenguzamateka ategekanijwe ejo ku wa Mungu.

Umushikiranganji wa mbere Fumio Kishida, na we nyene akaba ari umunywanyi w’umugambwe LDP, avuga ko yabuze “n’ico avuga” kuri uru rupfu rwa Abe, akavuga ko intwaro rusangi y’Ubuyapani “idashobora namba kusubizwa inyuma n’ubukozi bw’ikibi”.

Avuga ko imyiyamamazo ibandanya ukuri kwamye kuri uno wa gatandatu mu gihe umutekano ucungerewe bikomeye, kandi ko n’amatora ategekanijwe kuri uyu wa Mungu azoba ukuri kwamye.

Uwamurashe nta n’uko yagerageje guhunga

Igipolisi caciye gisimbira kuri uyu mugabo yagirizwa kwica uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe

Ahavuye isanamu, Asahi Shimbun/Reuters

Insiguro y'isanamu, Igipolisi caciye gisimbira kuri uyu mugabo yagirizwa kwica uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igipolisi kiriko kiratohoza igituma Abe yagandaguwe kandi nimba uwabikoze yabikoze ari wenyene.

Amasanamu yerekana uwagirizwa kumugandagura ahagaze iruhande ya Abe imbere y’uko amurasa.

Ababibonye bavuga ko babonye uyu mugabo afise inkoho ndende yegera Abe ku metero nkeya akarasa amasasu abiri. Uyu yahoze ari umushikiranganji wa mbere yaciye agwa hasi, abari aho bakoma induru batumva ibibaye.

Abajejwe umutekano baciye basimbira kuri uyu mugabo yari afise inkoho atanagerageje no kurondera guhunga.

Inkoho yishe Abe yahinguwe mu vyuma no mu biti, nk’uko abapolisi babivuga, ikaba yasa n’iyari itekewe mu gasaho kadafatwa n’amazi.

Hari n’izindi nkoho n’ibiturika bitari bike vyafatiwe mu nzu y’uwagirizwa gukora iki caha.

Abe yarashwe amasasu abiri mu kiyunguyungu, umutima ukaba warashikiriwe.

Mu minota ya mbere inyuma y’ukuraswa, avugwa ko yari akomeye kandi avuga, ariko abaganga bavuze ko amaze gushikanwa ku bitaro atakintu na kimwe cerekana ko yari agikomeye.

Abaganga bamaze amasaha atari make bagerageza kumurokora ariko biba ivy’ubusa, kuko bahavuye batangaza ko yacikanye.

Isaha cumi na zibiri z’agatondo kuri uno wa gatandatu mu masaha yo mu Buyapani, imodoka itwaye ikiziga ca Abe yabonetse ivanwa mu bitaro kugira asubizwe muhira iwe ku mugwa mukuru Tokyo.

Inkoho

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Inkoho yakoreshejwe iri hasi inyuma y'aho uwagirizwa kugandagura abe ahagaritswe n'abapolisi

Ubukozi bw’ikibi hakoreshejwe inkoho mu Buyapani ntibukunze kwibonekeza, aho gutunga inkoho bibujijwe mbere n’ubukozi bw’ikibi bushingiye kuri poritike bukaba busa n’ubutahavugwa.

Mu 2014, habaye ubwicanyi butandatu gusa bwabaye hakoreshejwe inkoho mu Buyapani, ugereranije na 33.599 muri Amerika. Kugira ngo umuntu agure inkoho, ategererwa gukorwako amatohoza kandi agapimwa ko ata ngorane zo mu mutwe yoba afise. Ariko naho nyene, inkoho ntonto nizo zemewe gutungwa.

Abe yabanje kuba umushikiranganji wa mbere mu kiringo c’umwaka umwe gusa mu 2006 hanyuma asubira kuva 2012 gushika 2020 imbere y’uko atanga imihoho, avuga ko yari afise ibibazo vy’amagara.

Mu gihe yari ku butegetsi, yashizeho poritike yo gukomeza urwego rwo kwivuna abansi na poritike y’imigenderanire n’ayandi makungu yongera arondera gusubiramwo ibwirizwashingiro ry’amahoro ryashizweho inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose.

Yarahimirije kandi poritike y’ubutunzi yagiye kwitwa Abenomics, yari ishingiye ku kworohereza abasaba ingurane, kubaganya amakori no kunagura inzego.

Yasubiriwe n’incuti ya hafi mu mugambwe Yoshihide Suga, nawe yagiye gusubirirwa na Kishida.

Fyonda aho musi urabe ingene Shinzo Abe yishwe n'ingene umushikiranganji wa mbere Fumio Kishida yavuze:

Insiguro ya video, Iyicwa rya Shinzo Abe: Fumio Kishida, umushikiranganji wa mbere yarize nk’abandi ba Yapani