Koko Abarundi baja kurondera ubuzima hanze ni 'abatagira umutima wo gukunda igihugu'?

Umugabo akiri muto afashe mu kuboko kw'i bubamfu agasandugu k'amagi n'akadobo ka gachumbari mu kuboko kw'ukuryom, ahetse agasakoshi yacishije umugozi wako ku rutugu i bubamfu kenenera kw'ifyinga ry'i buryo, imbere yiwe hari abamotari n'umugore yiremetse umufuko, i bubamfu bwiwe haboneka kamyoneti n'ibisi nini
Insiguro y'isanamu, Bamwe mu rwaruka rw'Abarundi baba i Nairobi batunzwe no kugurisha ivyo kurya nk'amagi bagenda baratembereza mu mabarabara
    • Umwanditsi, Chancard Abimana
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
    • Yakoze inkuru ari, Nairobi

Claude Nduwimana, umugabo w'imyaka 35, yisumamwo mu gisagara ca Nairobi mu kuzunguruka amabarabara agenda aragurisha amagi ahiye na kacumbari.

Mu bucagucagu, muri karitiye ya Kawangware aho aba, aba yamaze kuvyuka.

Namusanze ariko arakata itomati n'igitunguru, ivyo ateguza kacumbari. Iruhande yiwe hariko harahinda imbabura iriko isafuriya yuzuye amagi.

Ivyo vyose bitunganye aca yihereza amabarabara, agasandugu k'amagi mu kuboko kumwe, akadobo ka kacumbari mu kundi, akazunguruka amabarabara ibirometero n'ibindi agenda arahagarara hagize uwifuza kugura.

"Mu bisanzwe jewe mvyuka saa kumi n'imwe na nusu ... urugendo nkora ni urugendo rununi cane ngaheza saa kumi n'imwe na nusu'', niko Claude avuga ko umunsi wiwe ugenda. Ariko naho nyene ashitse i muhira ntaca aruhuka.

Ati: "Nca nshika nja gusuma ivyo nkoresha: amagi, ibitunguru, agapiripiri n'ibindi", aho akongerako umwanya wo kurondera ivyo arya no kwoga, "ku bisanzwe jewe nama ndyama satanu canke sasita y'ijoro".

Ariko yicaranye urupapuro rwa kaminuza yize agaheza igice ca mbere (baccalaureat) mu Burundi mu gisata c'ubwubatsi. Aho aboneye ko ata kazi aronka kandi afise umugore n'abana babiri, niho yafata ingingo yo kuja mu gisagara ca Nairobi kurondera icotunga umuryango.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, we avuga ko Abarundi baja kurondera ubuzima mu bindi bihugu , na cane cane incabwenge, ari "abatagira umutima wo gukunda igihugu".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yabivugiye mu kiganiro co kurangiza umwaka yahaye abamenyeshamakuru n'abanyagihugu ku wa 26 Kigarama (12) yishura ku kibazo c'agahombo Uburundi buterwa no gutakaza incabwenge zabwo ziguma zija kurondera ubuzima mu bindi bihugu.

Nk'akarorero naho ibiharuro bitaratororokanywa neza, abaganga b'Abarundi bahurira mu mirwi yo guhanahana amakuru ku mbuga-hwananiro mu Bufaransa bagera hafi 500; kandi bavuga ko muri abo hari abandi benshi batashimye kwiyandikisha. Benshi muri bo bagiye cane kuva mu mwaka wa 2021.

Ikiganiro c'Imvo n'Imvano co ku wa 6 ukwezi kwa 12 uwu mwaka wa 2025 kiravuga ku gituma abaganga b'Abarundi baja mu Bufaransa, ingorane bitera mu gisata c'amagara y'abantu mu Burundi, n'ukuntu hashobora gutorwa umuti kugira uwo murindi ugabanuke.

Kuri bene abo, Prezida Ndayishimiye we yavuze ati:

"Hanyuma rero uko abantu bagira uwo munoho w'ibihugu biteye imbere, niko n'umuzirikanyi wabo uzimira. Ugukunda igihugu bikanka.

"Kuko kubona umuntu yigishijwe na reta, kuva mu bwana bwiwe afungura muri ico gihugu, akiga muri ico gihugu, kikamurihira vyose, ahejeje amashure, aho yovuze ati nanje nsubirize mu nkoko Abarundi batumye niga, reka ngende gukorera abandi, reka ngende kwigisha abandi, reka ngende kuvura abandi, ..abantu bagifise umutima wo kudakunda igihugu cabo, ivyo uzokwama ubibona".

Mu cumba c'inzu y'amabati haboneka impuzu, termos n'akadobo kabonerana
Insiguro y'isanamu, Bamwe baba mu tuzu tw'amabati kuva hasi gushika hejuru akenshi ugasanga basangira icumba ari benshi kugira bagabure ayo gupanga

Icatumye Claude kuja mu mahanga

Kandi n'umukuru w'igihugu c'Uburundi aremera ko igihugu casigaye inyuma mw'iterambere ugereranije n'ibindi.

"Burya iki kintu [c'abaja kurondera ubuzima hanze] tugifatire ku kahise k'igihugu cacu. Igihugu cacu caracerewe mu bijanye n'iterambere. Kiracererwa gisigara inyuma. Ivyo bihugu rero birabandanya bitera imbere. Ivyo bihugu ico bikora biguma bitunungwisha", niko yavuze muri ico kiganiro.

Inkuru ya Claude ni imwe mu z'abandi ibihumbi mu gihugu ca Kenya. Nta bitigiri bizwi vy'Abarundi bahari ariko muri iyi myaka vyagumye vyiyongera. Ihuriro ry'Abarundi baba hanze (diaspora) muri Kenya rivuga ko rizi abarenga ibihumbi cumi.

Mu gisagara ca Kenya gucuruza ikaranga (ibiyoba), icayi canke ikawa n'amandazi (ibitumbura), kuba umuhereji mu bwubatsi (ubuyede-aide-macon), n'ubunyezamu nibwo buzi bwinshi mu rwaruka rw'Abarundi rukora. Abandi ukabasanga mu mazu yo kumwa, guca no gusiga inzara.

N'ubuzi bahuriramwo n'ibibazo vyinshi bimwe biterwa n'uko benshi batagira impapuro canke impusha zo kubukora.

"Hari igihe uhura n'abo bita Moria bakurira amagi hanyuma bakanka kukuriha. Hari n'igihe bagukubita n'ikofe ariko wamenye ko ari Moriya ugaca wirenganira.

"Ikindi urabona twebwe nta mpusha zo kudandaza dufise ngaha. Turashobora guhura n'abo bita aba Kanjo bakadufata, rimwe na rimwe ugafungwa ukaja mu gasho."

Claude avuga ko Moriya ari abo umuntu yogereranya n'abamayibobo, Kanjo nabo OBR mu Burundi.

Imbonakazoza

Ariko ngo hagize uwufatwa agapfungwa, agatima ko gufashanya k'Abarundi kaba kirumara.

"Abarundi twamamye urukundo, turafashanya umuntu tukamukura mu gasho tukariha amafaranga y'amande".

Muri uko kwihambira ku buzima, Claude agumana icizere ca kazoza.

N'aho ari mu bihe bigoye, arabandanya kwiga ivyo kwubaka kuri internet akoresheje terephone yiwe. Avuga ko ivyo yize bigifise akamaro. "Sindaheba indoto yanje. Umusi umwe ndipfuza gukorera mu mwuga wanje", niko avuga

Kugira amahirwe y'akazi aboneke mu gisata ciwe c'ubwubatsi, Claude abona ko Uburundi bukwiye kwuguruka nk'ibindi bihugu, abanyamahanga bakazana imitahe yo kwubaka.

"Abantu barimwo barubaka ngaha Nairobi n'ubuhinga bugezweho ni abantu bo hanze. Hariho Abahindi n'Abashinwa ni bo bariko barubaka izi nyubakwa ubona zigezweho.

"Nta mufundi w'ino muri Kenya yize amashure yicaye".

Muri uko gucika ijoro no gutaha bwije Claude akomezwa n'uko ari umutwe w'umuryango yasize mu gihugu. Aranawufitiye imbonakazoza (vision).

"Nashaka ko mu myaka itanu noba mfise aga projet (umugambi) kozana amafaranga azotunga umuryango naho noba ntakihari. Ni yo vision yanje".