Imvo n'imvano ku murindi udasanzwe w'abaganga b'Abarundi baja gukorera mu makungu
Imvo n'imvano y'uyu musi tuzakwibanda ku muvuduko canke ku murindi udasanzwe w'abaganga b'Abarundi baja gukorera mu makungu, cane cane mu gihugu c'Ubufaransa. Ni abaganga bavuye mu bitaro, mu mavuriro no mu bisata bitandukanye vyo mu Bushikiranganji bw'amagara y'abantu.
Harimwo abaganga bo mu mice yose: abakuze n'abato, abafise impapuro z'umutsindo zo hejuru guhera ku bigeze kaminuza z'ubuganga gushika ku bafise uburambe bwinshi mu kazi.
Muri abo baganga turahasanga abaganga basanzwe bita "généralistes" n'abandi b'abahinga bita "spécialistes" banonosoye kuvura mu bisata bitandukanye: abaganga bita ku bakenyezi, ababaga (chirurgiens), abavura amaso, abavura indwara zo mu mutwe, abanonosoye kugorora imitsi n'ingingo (kinésithérapeutes), abasinziriza abarwayi (anesthésistes), n'abandi bo mu bindi bisata vy'ubuhinga bwinshi. Abo bose bari hagati y'imyaka 25 na 60.
Naho ibiharuro bitaratororokanywa neza, abaganga b'Abarundi bibumbiye mu mirwi yo guhanahana amakuru mu Bufaransa ku mbuga-hwananiro bagera hafi 500; kandi bavuga ko muri abo hari abandi benshi batashimye kwiyandikisha.
Naho urutonde rutazwi neza, abaganga b'Abarundi bari mu Bufaransa bavuga ko abakorera koko mu Bufaransa baharurwa hagati ya 400 na 600. Benshi muri bo bagiye cane kuva mu mwaka wa 2021.
Ivyo biba mu gihe amashure n'ibisata vy'inyigisho z'ubuganga mu Burundi bisohora buri mwaka abaganga batarenga ijana. Abo baganga iyo bagiye basiga ibibanza bigaragara aho bahora bakorera mu Burundi kuko ata babasubirira mu bibanza vyabo bitewe n'ubukene bw'abaganga mu gihugu.
Uwo muvuduko w'igenda ry'abaganga mu Bufaransa uremezwa na reta y'Uburundi.
Itariki 19 z'ukwa 9 mu 2020, uwahoze ari Umushikiranganji w'amagara y'abantu Sylvie Nzeyimana yishura ibibazo vy'Abashingamateka, yemeje ko abaganga b'Abarundi bava mu gihugu ku bwinshi, avuga ko 130 bari bamaze kugenda gushika uwo mwaka mu Bufaransa.
No ku wa 09 z'ukwa 1 mu 2024, uwamukurikiye mu Bushikiranganji yarabishimangiye mu kwishura ibibazo vy'Abakenguzamateka, yavuze ko abaganga b'Abarundi bariko barahunga igihugu ku bwinshi kuko bafatwa neza henshi kurusha mu Burundi.
Iki kiganiro kiragaruka ku gituma abaganga b'Abarundi baja mu Bufaransa, ingorane bitera mu gisata c'amagara y'abantu mu Burundi, n'ukuntu hashobora gutorwa umuti kugira uwo murindi ugabanuke.
Abatumire bacu ni abahinga muri ico gisata. Uwambere ni Dr Jean Bosco Ndihokubwayo, ni umuhinga w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'amagara y'abantu kw'isi (OMS), yahoze atwara OMS mu gihugu ca Tchad, yaranatwaye igisata c'ubuvuzi muri Kaminuza y'Uburundi, ni umuhinga mu kurwanya indwara zandukira, ubu akaba ari mu karuhuko k'izabukuru mu Burundi aho abandanya igikorwa co kwandika ibitabu.
Umutumire agira kabiri ni Dr Bella Rama, ni umuganga w'umuhinga mu gusinziriza abarwayi babagwa mu buraruko bw'Ubufaransa mu ntara ya Normandie.
Umutumire agira gatatu ni Dr Franck Nziza, umuhinga mu nteguro zijanye n'amagara y'abantu (santé publique), ni umushakashatsi mu gukoresha ubwenge mvabwenge (intelligence artificielle) mu gisata c'ubuvuzi, yahoze arongoye ishirahamwe ry'abanyeshure biga ubuvuzi muri Kaminuza y'Uburundi, yaranashinze urubuga rwandika ibijanye n'amagara y'abantu mu Burundi, Ndakira.Net, uno musi akaba arongoye ikigo kigira ubushakashatsi ku magara y'abantu mu Burundi "Muganga Preneur", akaba yitavye ikiganiro ari i Bujumbura.
Umutumire agira kane ni Muganga Richard Nsabimana umuhinga mu kwakira no gukurikirana abavyeyi bibungenze ku bitaro vya LAval mu gihugu c'ubufaransa
Umutumire agira gatanu ni Muganga Jean Marie Harimeshi umuhinga mu bijanye no gupima cancer akorera mu gisagara ca Lille mu Bufaransa.
Imvo n'Imvano muza kuyishikirizwa na Alain Majesté Barenga.