Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
‘Barasonera ijambo, ntibihindukiza mw’ijambo’, ni ryo banga rya demokarasi ya Sénégal – Umurundi aba i Dakar
Ku myaka 44, Bassirou Diomaye Faye, yaraye yimitswe nk’umukuru w’igihugu wa mbere wa Sénégal akiri muto muri kahise k’iki gihugu, intambwe ashitseko bigoranye, inyuma y’imisi 18 avuye mu munyororo.
Diomaye Faye yapfunguwe ku wa 15 Ntwarante (3) aja mu myiyamamazo nk’uwigenga kuko umugambwe wiwe PASTEF wari warafuswe, yongera aratsinda amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku wa 24 uko kwezi nyene, inyuma y’umwaka ari mu munyororo yinjijwemwo muri Ndamukiza (4) 2023.
Uretse ko Sénégal kiri mu bihugu vya Afrika bibonwa n’abatari bake ko demokarasi iteye imbere cane, ano matora aheruka yatangaje benshi, aho umuntu avuye mu munyororo ashobora gutsinda umukandida yari ashigikiwe n’uwari umukuru w’igihugu, kimwe mu bintu bitangaza Emmanuel Kidasharira, Umurundi asanzwe aba i Dakar, umugwa mukuru w’iki gihugu.
Avugana ba BBC Gahuza, Kidasharira yemeza ko amatora aheruka muri iki gihugu yabaye amatora atangaje, “yabaye ku mugaragaro udasanzwe, ata muntu n’umwe yakumiriye kandi akaba mu mwidegemvyo udasanzwe”.
Ivyo vyabaye igihugu kimaze imisi kivye mu migumuko yo kwiyamiriza ingingo za Perezida Macky Sall zo kwungururiza amatora muri Kigarama (12) uno mwaka, ingingo zafatwa ko zari izo kurondera kwigumiza ku butegetsi, imbere y’uko yisubirako.
Kidasharira ati: “Kubona umuntu bakuye mw’ibohero, hanyuma akitoza mbere agatsinda, si ibintu umuntu yopfa gufata minenerwe mu ntwaro nyafrika muri iki gihe. Ni ibintu bidasanzwe na gato, si mbona ikindi gihugu ca Afrika ibi vyoshoboka. Kumbure coba kiriho ariko sindakibona neza.
“Ni ukuri Sénégal yarantangaje, nta nzitizi yigeze agira kugira ngo ashobore kwitoza, nta kintu na kimwe bashizeho nk’intambamyi zomubuza kwitoza. Ni ibintu bitangaje, si mbona ingene nobisigura, kuri jewe mbona ari bishasha”.
Ni mu bihugu bike vya Afrika aho amatora ashobora gutunganywa ku buryo uwutavuga rumwe atangazwa ko yatsinze amatora, ariko muri Sénégal, wabaye nk’umugenzo. Imbere ya Diomaye Faye, abakuru b’igihugu babiri bamutanguriye, ari bo Macky Sall asubiriye, na Abdulaye Wade, na bo nyene bose bari abo ku ruhande rutavuga rumwe n’ubutegetsi.
Ku bwa Kidasharira, Sénégal irangwa n’umuco wa poritike uri hejuru y’ibindi bihugu vya Afrika. Avuga ko umuco w’abanyagihugu ba Sénégal urangwa n’ukugendera kw’ijambo.
Ati: “Ntibihindukiza mw’ijambo, ababigerageje bose, ntaco bashitseko, uwabigerageje ubwa nyuma ni uyu asohotse [Macky Sall].
“Ijambo rero ni ikintu gisonerwa cane, ni nk’izina ry’umuryango. Iyo umuntu rero avuze ijambo, ntasubira inyuma, apfuma ava mu vyo arimwo hako yivuguruza. Uwo muco rero ni wo utuma abenegihugu baronka ijambo, bakavuga”.
Iyindi mvo Kidasharira ashikiriza ni uko, ku bwiwe, abanyagihugu ba Sénégal basanzwe basonera inararibonye.
Ati: “Iyo umuntu akuze baramusonera, ni ivyo nibonera iyo ndiko ndatembera hano i Dakar. Rero izi nararibonye zaragize uruhara kuri Macky Sall no ku bandi bategetsi bari ku butegetsi. Iki kiri mu bituma Sénégal itandukana n’ibindi bihugu vya Afrika”.
Mu gihe mu bihugu bitari bike vya Afrika abanyaporitike binubira intwaro ya demokarasi bazaniwe n’ibihugu vy’Uburengero, bagashira imbere demokarasi nyafrika ariko idasigurwa neza ingene yoba imeze, Kidasharira abona ko Abanyafrika batari bake bananiwe no “kuyishingira mu mico yabo, ico Sénégal yoyo yashoboye”.
Ati: “Bobo barafashe vyiza vy’umuco wabo, n’ivyiza vya demokarasi babishira hamwe. Buri gihugu kirafise umuco waco, rero iyo ushoboye gufata vyiza vy’umuzungu na vyiza y’iwawe ukabishira hamwe, urashika ku co wipfuza.
Ku mugabane wa Afrika, hampande y’ingeso y’ibisirikare yo gusenyura ubutegetsi, hari ibihugu bitari bike bikunze kurangwa n’umugera w’indyane za poritike, bivuye cane cane ku ngendo yo kurondera kwigumiza ku butegetsi, Kidasharira akabona ko ibi “biva kuri wa muco wo kudasonera ijambo, kutagendera ijambo”.
Sénégal kiri mu bihugu vya Afrika birangwamwo demokarasi ikomeye, kitavugwamwo ingeso yo gutembagaza ubutegetsi gisirikare, ariko na yo nyene yagiye ihura n’ibi bibazo muri ino myaka ya vuba, abo abakuru b’igihugu Abdulaye Wade na Macky Sall bavuye ku butegetsi bagirijwe kugerageza gutegura amayeri yo kurondera kwigumuza ku butegetsi.
Ku bwa Kidasharira, icafashije Sénégal ni uko iki gihugu gifise kahise ka demokarasi iteye imbere cane ishingiye ku nzego zikora ibishoboka vyose kugira ngo demokarasi itsimbatare, ivyoba bibabaje ari nka hamwe yokwandukirwa n’umugera w'ama-coups d'Etat no kwigumiza ku butegetsi.
Ati: “Si nibaza ko demokarasi ya Sénégal yohava isubira inyuma kuko hariho inzego ibindi bihugu bitari bike vya Afrika bidafise zama zisemerera, inzego z’inararibonye”.
Diomaye Faye ni we mukuru w’igihugu wa mbere wa Sénégal afise abatambukanyi babiri kandi avyemanga, akaberekana ku mugaragaro, iki naco nyene kikaba kiri mu bitangaza Kidasharira, kuko “nta handi ibi vyari bwigere biba”.