Elizabeth II: Kumwunamira bwa nyuma vyatanguye

Ahavuye isanamu, Shutterstock
Isandugu y'Umwamikazi Elizabeth II yashitse Westminster Hall, haca hasomwa imisa yatanguriye umuhango wo kumwunamira ku nshuro yanyuma.
Abaganwa William na Harry, bari kumwe na se Umwami Charles III, bagendeye inyuma y'isandugu mu mutambagiro wahereye ku kirimba ca Buckingham Palace.
Harashwe inkoho za muzinga muri parike ya Hyde Park, nayo inkengere iri ku munara wa Big Ben iza iravuga buri munota mu buryo bw'icubahiro.
Hagati aho umurongo uriko uraba muremure cane mu gihe abantu batonze imbere y'ikibanza ca Albert Embankment, barindiriye kuronka akaryo ko guca imbere y'isandugu y'Umwamikazi yashengeye mu ndwi iheze, ngo bamwunamire.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi ni bo vyitezwe ko baca imbere y'iyo sangugu kugira bamuhe icubahiro canyuma.
Umuhango wo gupfuba Umwamikazi Elisabeth II uzoba kuwa mbere itariki 19 Nyakanga (9), ukazoba ari umunsi w'akaruhuko mu Bwongereza.
Uwo muhango vyitezwe ko witabwa n'abanyacubahiro benshi bavuye hirya no hino kw'isi; barimwo abami, abakuru b'ibihugu n'amateleta hamwe n'abaserukiye ibihugu.









