Menya uwo mugore wa mbere w'umwirabure mu nama nshingamateka y'Ububirigi

Lydia Mutyebele Ngoi mw'ishati y'ibara ry'umucungwe irimwo n'amabara y'igitenge, yicaye muri diva muri imwe mu mahoteri ya Bruxelles mu 2025
Insiguro y'isanamu, Lydia Mutyebele Ngoi yavukiye i Lubumbashi muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles

Mu myaka 194 inama nshingamateka y'Ububirigi imaze, mu 2024 niho hinjirayo ubwa mbere umugore w'umwirabure.

Kubera kahise Ububirigi bufitaniye n'ibihugu vy'abirabure nka Repuburika ya Demokarasi ya Congo, Uburundi n'Urwanda ico gihugu catwaye bukoroni, kirabamwo abirabure batari bake kandi bakora politike.

Ariko, mu matora yo mu kwezi kwa Ruheshi (6) mu 2024, Lydia Mutyebele Ngoi, w'imyaka 46, niho yandika amateka mu kuba umugore wa mbere w'umwirabure atsindiye intebe mu nama nshingamateka y'Ububirigi muri iyo myaka yose.

Vyabaye imbonekarimwe.

Ngoi, umuvyeyi w'abana batatu, yamuka ku bavyeyi b'abimukira bava mu gihugu ca Repuburika ya Demokarasi ya Congo. Yavukiye mu gisagara ca Lubumbashi muri ico gihugu, akaba yashitse mu Bubirigi afise imyaka 6.

Uwo mupfasoni yize ivy'amategeko mu Bubirigi aho yanabaye umushingwamanza. Yatanguriye ivya politike mu mugambwe w'aba sosiyaliste ari umunywanyi asanzwe mu ntango y'imyaka ya 2000.

Yagiye araduga bukebuke kubera kwinjiza abanywanyi benshi muri uyo mugambwe bamuka muri Afrika.

Mu 2006, niho yatanguye gutorwa mu nama z'ama komine mu gisagara ca Bruxelles - umurwa mukuru w'Ububirigi - akaja arashingwa amabanga atandukanye.

'Ndi ku rugamba'

Ngoi kandi ari mu mashirahamwe arwanira uburenganzira bw'abagore na cane cane b'abirabure bamuka muri Afrika yo munsi y'ubugararwa bwa Sahara.

Naho kuba ari umugore wa mbere yatowe muri ayo mabanga avuga ko atari igihamana.

Agira ati: "Ubuntu burihabwa. Kuba umushingamateka yamuka muri Afrika ngaha mu Bubirigi ni iteka ariko si igihamana."

"Kuko nama ndi ngaha mu nama nshingamateka y'Ububirigi. Ndi ku rugamba rwa politike rwo kurwanira abanyagihugu bacinyijwe nko muri Congo aho abagore bafatwa ku nguvu.

"Dutegerezwa kugondoza abategetsi muri Afrika gutegura amatora yizewe na bose, bakareka kunyuruza abamenyeshamakuru bavuga ukuri, bakareka kwica abari mu myiyerekano basaba demokarasi. Kuba muri iyi nama nshingamateka ni urugamba si ugusayangana."

Lydia Mutyebele Ngoi hagati y’abanyekongo babiri imbere n'abandi inyuma afise ibendera rya Congo mu myiyerekano yo kwiyamiriza intambara mu buseruko bwa Congo imbere y’inama nshingamateka y’ibihugu vya Bulaya mu ntango z’ukwezi kwa gatatu mu 2025, i Bruxelles, Belgique.
Insiguro y'isanamu, Lydia Mutyebele Ngoi (hagati) mu myiyerekano i Bruxelles

'Sindi imperekeza na gato'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umunyarwandakazi Claire yishimira kuba Ngoi ari muri urwo rwego rw'Ububirigi.

Ati: "Kubona dufise umuntu yamuka mu karere k'ibiyaga binini w'umugore kandi w'umwirabure ni iteka.

"Kandi n'ibibazo dufise biramenyekana gusumba. Twararyohewe cane kandi biraboneka ko yitanga atiziganya kugira ibibazo biri mu karere bimenyekane biheze bitorerwe umuti."

Ariko hari n'ababona ko ari imperekeza cane cane bamwe mu Babirigi bafise ivyiyumviro vyo kuterekwa abimukira (extrême-droite).

Mutyebele Ngoi arabakurira inkoni ku gishitsi.

Ati: "Ndi Umubirigi kandi ndi umushingamateka, sindi imperekeza na gato.

"Ababirigi bibaza ko twebwe inkehwa turi imperekeza barihenda. Ahubwo nibo mperekeza. Aha i Bruxelles, abahaba bamuka mu bihugu birenga 184 kandi bategerezwa kubana.

"Abatwita imperekeza kubera iyo twamuka barihenda cane. Iyo hageze amatora dutora co kimwe n'Ababirigi bamuka mu Bubirigi. Amajwi yacu arangana. Dutegerezwa kwubahuka, dutegerezwa kurwanira uburenganzira bwacu ku neza y'abatwamukako."

Lydia Mutyebele Ngoi avuga ko indoto ziwe ari uko n'abandi bagore benshi botorwa muri ico gihugu c'Ububirigi gifise abirabure bakomoka muri Afrika yo munsi ya Sahara barenga umuriyoni.

Ati: "Ndi ku rugamba rwo kurwanya ikumirwa iyo riva hose."