Madagascar: Perezida Rajoelina avuga ko afise ibintu mu minwe, agahakana ibivugwa ko yahunze

Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida Andry Rajoelina wa Madagascar yahumurije abanyagihugu ko we n'umushikiranganji wa mbere bafise ibintu mu minwe mu gihugu.

Mw'itangazo yacishije kuri konte y'ibiro vyiwe yo ku rubuga rwa Facebook, Rajoelina yamiriye kure ibihuha bivuga ko yahunze igihugu.

Mu yindi videwo yacishijwe kuri Facebook nyene, umushikiranganji wa mbere Jenerali Rufin Zafisambo yasavye ituze, anasaba impande zose gushira imbere ibiganiro.

Ati: "Nta muntu yokwiyumvira ko ingabo zohavuye zirasana".

Imbere y'aha, hari amakuru yavuga ko habaye ukurasana hagati y'urwego rwa gisirikare ruzwi nka CAPSAT (Corps des personnels et des services administratifs et techniques) hamwe n'umurwi w'abajandarume kw'ikambi imwe.

Yongerako ko yipfuza gutorera umuti ugucanamwo mu gisirikare biciye mu biganiro, cane cane n'ingabo z'urwego CAPSAT.

Uno mushikiranganji wa mbere yatangaje ko vuba hagiye gutangura ibiganiro mu gihugu cose bizoba birongowe n'Inama nkuru y'amashengero y'abakristu muri Madagascar (FFKM), bizojamwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n'abo bose bafise uruhara mu buzima bw'igihugu, mu ntumbero yo gutorera umuti ingorane biciye mu mahoro.

Arangiza agira ati: "Igihugu ntigishobora kwemera izindi ndyane".

Mu myiyerekano y'urwaruka ruzwi nka Gen Z ibandanya, abari muri yo bashitse mu kibanza citiriwe uwa 13 Rusama (ukwezi kwa gatanu), ku ncuro ya mbere kuva iyi myiyerekano itanguye, haraciye indwi zibiri.

Baririmba, bavyina bongera batamba n'ijwi riri hejuru, benshi muri bo bafise n'amabendera ya Madagascar.

Baranashimye kandi umurwi w'abasirikare waboneka ko wariko ubakingira.

Muri izi ndwi zibiri ziheze, abari mu myiyerekano ntibari bwigere bashobora gushika muri ico kibanza kubera cari gicungerewe cane n'abajejwe umutekano.

Iki kibanza kiri hagati mu gisagara kikaba kizwi nka Place du 13 Mai, ni kimwe mu bimenyetso nyamukuru biranga igihugu kandi bifise ikibanza gikomeye muri poritike y'igihugu.

Cahawe iri zina ku wa 13 Rusama 1972, igihe haduka imyiyerekano ikomeye yasenyuye intwaro ya Perezida Philibert Tsiranana, icabaye igihe kidasanzwe c'impinduka zikomeye muri poritike ya Madagascar inyuma y'ukwikukira.

Umwe mu bari muri iyi myiyerekano yabwiye BBC ko igihe umurwi w'abasirikare bo muri uru rwego rwa CAPSAT binjira muri iki kibanza, inzego z'umutekano zo mu yandi mashami zari zicungereye iki kibanza "zahunze nk'imbeba".

Mu gitondo c'ejo ku wa gatandatu, urwego CAPSAT rwateye akamo igisirikare, abajandarume n'inzego z'igipolisi guhagarika ikubagurwa ry'abari mu myiyerekano.

Rwasavye kandi inzego z'umutekano zari zicungereye ibirimba vy'umukuru w'igihugu vy'ahitwa Iavoloha na Ambotsirohotra gusubira ku birindiro vyazo.

Abenshi mu bihweza ibintu n'ibindi babona ko ibi ari nk'ivyabaye mu 2009, igihe haduka imyiyerekano, yakurikiwe n'ukwigumura kw'ingabo za CAPSAT, kwagiye kurangira umukuru w'igihugu abogojwe.

Ubutumwa bwa Perezida Rajoelina bwasohowe inyuma y'uko hariko hazunguruka amakuru yavuguruzanya ku bijanye n'iyo yari aherereye. Mu ntango ikinyamakuru co mu Bufaransa candika kuri Afrika cavuze ko umukuru w'igihugu yavuye ku mugwa mukuru, Antananarivo, ariko mu nyuma kirahindura, candika ko atazwi aho aherereye.

Umunyamakuru wo muri ico gihugu yavuze ko yari yahawe amakuru n'umwe mu bakora muri buserukizi yavuga ko Perezida Rajoelina yari yahungiye mu gisagara ca Majunga, arindiriye ko afata iyimushikana i Paris mu Bufaransa.