RDC: Intambara zikarishe kuva hasinywe amasezerano y'amahoro i Washington, impande zompi zitana bamwana

Abarwanyi ba M23 i Goma ku wa 19 z'ukwa gatanu 2025 ( ifoto yo mu bubiko)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu gihe Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo) n'Urwanda vyateye igikumu ku masezerano y'uguhagarika intambara, haravugwa intambara zikarishe mu kiyaya ca Rusizi ziriko ziha inkumbi.

Amatangazo yagirizanya hagati y'igisirikare ca Congo, n'urunani AFC/M23 rufatwa ko rufashwe mu mugongo n'Urwanda niyo acanacanako, impande zompi zagirizanya amabi y'agahomerabunwa. Urwanda ruhakana gufasha uno muhari.

Mw'itangazo ryaraye risohowe mu masaha yitereye ya nijoro ku wa gatandatu, igisirikare ca RD Congo (FARDC) cagiriza ic'Urwanda ko congereje ibitero vya muzinga gifatanije na AFC/M23 kuva ku wa kane w'ino ndwi, igihe abakuru b'ibi bihugu bibiri birabana ay'ingwe batera igikumu ku masezerano y'amahoro i Washington.

Iri tangazo ryasohowe na Jenerali Majoro Sylvain Ekenge avugira FARDC ryagiriza iki gisirikare ko carekuye ibisasu vya muzinga vyarasirwa i Bugarama mu Rwanda, bikaraswa mu turere dutuwemwo n'abantu benshi mu kiyaya ca Rusizi, uva i Kamanyola utera uja mu gisagara ca Uvira.

BBC yasavye umuvugizi w'igisirikare c'Urwanda kugira ngo agire ico abivuzeko, gushika ubu ntaco arayisubiza.

"Ibintu bimeze nabi kandi ubu bukozi bw'ikibi burarenze urugero, abasivire benshi ba Congo bishwe muri ubu bunyamaswa bw'Urwanda n'ubukozi bw'ikibi bwa AFC/M23", niko iri tangazo rya Jenerali Majoro Ekenge rivuga.

Ribandanya riti: "Ibi bikorwa bigize ivyaha vyo mu ntambara hamwe n'ivyaha vy'agahomerabunwa bikorerwa kiremwamuntu vyerekana ata gukekeranya ukuntu Kigali idatezura mu ngendo yayo yo gusuzugura amakungu".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku bwa FARDC, nta yindi ntumbero Urwanda rufise atari ugutoba "umugambi uwo ari wo wose wo kugarukana amahoro nubwo ruba rufise ivyo rwiyemeje imbere y'ivyabona", nk'uko Jenerali Majoro Ekenge abandanya abivuga muri iri tangazo.

Ahumuriza abanyagihugu ko ingabo za RD Congo ataco zitazokora kugira ngo "ziteshe iyi migambi mibi n'iy'ubukozi bw'ikibi bw'Urwanda", kandi ko zizorwana gushika ku kanyuma kugira ngo zikingire abanyagihugu, "ku kiguzi ico ri co cose".

Reta y'Urwanda ntaco irashobora gushikiriza kuri ibi birego bikomeye vya RD Congo.

Iri tangazo risohotse inyuma y'uko umuhari AFC/M23 na wo usohoye itangazo wagiriza igisirikare ca Kinshasa n'abo bifatanije gucucagira ibibombe mu turere dutuwemwo n'abanyagihugu benshi.

Mw'itangazo ry'uno muhari ryateweko igikumu n'umuvugizi w'urunani AFC, Lawrence Kanyuka, izi nyeshamba zagiriza igisirikare ca Congo ko ku wa gatanu cacucagiye ibibombe cane cane mu turere twa Mutarule, Luvungi na Kamanyola.

Kuva mu misi iheze, mu gihe vyari vyitezwe ko Perezida Félix Tshisekedi wa RD Congo na Perezida Paul Kagame w'Urwanda batera igikumu muri ayo masezerano, hagiye havugwa intambara z'urutavanako, aho impande zompi zagenda zagirizanya gusotorana.

Intambara zariyongereye mukiyaya c'uruzi Rusizi rugabura Uburundi na RD Congo.

Ejo ku wa gatandatu, ku mbuga hwaniro hiriwe hazunguruka amashusho ateye ubwoba yerekana abanyagihugu bahiye bagatokombera kubera ibiturika. Umuhari AFC/M23 ubita ku gisirikare ca RD Congo, mu gihe iki naco kivyegeka kuri AFC/M23 n'Urwanda rwagirizwa kurekurira ibisasu vya muzinga biza biva i Bugarama.

Hiriwe kandi hazunguruka ayandi yavugwa ko yari ay'abanyagihugu bariko barahunga ibitero vya AFC/M23 ivugwa ko yariko irasatira uturere tuzungurutse igisagara ca Uvira, hakaba hari ubwoba ko uno muhari woba uriko urondera kucigarurira.

BBC ntiyashoboye guhinyuza aya mashusho ahanahanwa.

Ibintu bimeze uko bimeze muri ako karere mu gihe ku wa kane Perezida Tshisekedi na Perezida Kagame bateye igikumu ku masezerano y'amahoro, bahagarariwe na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Washington, kimwe mu birimwo gikomeye kikaba cari ic'uguhagarika intambara burundu.

Mw'ijambo yashikirije bahejeje gutera igikumu kuri ano masezerano, Trump yavuze ko abafitiye "icizere cinshi bompi" ko "bazubahiriza ibi biyemeje".

Ni amasezerano afatwa ko agiye kurangiza izi ntureka zimaze imyaka hafi 30 muri ako karere k'ubuseruko bwa Congo, ariko n'ubu nta kirahinduka ku rubuga.

Amasezerano menshi cane nk'aya aramaze guterwako igikumu, kuva ku Masezerano ya Lusaka mu 1999, ariko gushika ubu, amahoro aracari kure nk'ukwezi muri aka karere k'ubuseruko bwa RD Congo.