Ukraine: Zelensky avuga ko ingabo za Korea ya Ruguru zasubiye ku rugamba inyuma y'igihe zikuweyo

Haraciye amezi abasirikare ba Korea ya Ruguru barungitswe gufasha Uburusiya mu ntambara yabwo na Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Haraciye amezi abasirikare ba Korea ya Ruguru barungitswe gufasha Uburusiya mu ntambara yabwo na Ukraine
    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ingabo za Korea ya Ruguru zasubijwe ku rugamba mu ntara ya Kursk iri mu burengero bw'Uburusiya, inyuma y'amakuru yavuga ko zari zasubijwe inyuma mu kwezi guheze kubera ibitigiri vy'umurengera vy'abishwe.

Mu butumwa yatanze nijoro ku wa gatanu aciye kuri videwo, Zelensky yavuze ko igisirikare c'Uburusiya cari "cagarukanye ingabo za Korea ya Ruguru" kandi ko zariko zikora "ibitero bishasha" muri iyo ntara igice kimwe cayo cigaruriwe na Ukraine.

Yongerako ko "amajana n'amajana y'ingabo z'Uburusiya n'iza Korea ya Ruguru" bari "bishwe".

Mu kwa mbere, abategetsi b'ibihugu vy'Uburengero babwiye BBC ko bemeza y'uko nibura 1000 mu ngabo 11.000 za Korea ya Ruguru zarungitswe ku rugamba bari bishwe mu mezi atatu aheze.

Yaba Korea ya Ruguru canke Uburusiya, nta ruhande ruragira ico rushikirije.

Perezida Vladimir Putin yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, intambara imaze guhitana abatari bake ku mpande zompi.

Mu ndwi iheze, ingabo zidasanzwe za Ukraine ziriko zirwanira muri Kursk zabwiye BBC ko zari zimaze imisi 21 zitigera zibona umusirikare n'umwe wa Korea ya Ruguru.

Umuvugizi wazo yavuze ko bishoboka ko boba bari bakuwe ku rugamba inyuma yo gutakaza igitigiri kinini mu ntambara.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uno muvugizi yongeyeko ko yavuga uku aravye ingene ibintu vyari bimeze mu turere ingabo ziwe zariko zirarwaniramwo, ariko ntavuge ingene urwasiro rureha.

Amakuru aheruka gutangwa n'igisata c'igendereza ca Korea y'Epfo avuga ko abasirikare ba Korea ya Ruguru batiteguriye intambara za none, kandi ko babangamiwe cane n'indege za Ukraine zitagira abadereva, zizwi nka drone.

Abahinga ba gisirikare bavuga ko amakuru y'ingabo za Korea ya Ruguru zipfira canke zikomerekera ku rugamba, ari nka hamwe vyobandanya uko biri, adashobora kubandanya yihanganirwa.

Izi ngabo zarungitswe inyuma y'aho Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya na Kim Jong Un wa Korea ya Ruguru batsimbatarije ubucuti mu mezi make aheze, harimwo no gutera igikumu ku masezerano y'umutekano no kwivuna abansi.

Ubu, Korea ya Ruguru irafashisha kandi Uburusiya igitigiri kinini cane c'amasasu n'ibirwanisho.

Izo ngabo kandi zabonetse ko zarungitswe gutera intege ingabo z'Uburusiya ziri ku rugamba zari zatakaje bikomeye.

Uburusiya ntiburashira ahabona ibitigiri vy'ingabo bumaze gutakariza ku rugamba kuva muri Nyakanga (9) 2022, aho bwavuga ko abasirikare babwo 5.937 ari bo bari bamaze kwicwa.

Ariko muri ino ndwi Perezida Zelensky yavuze ko abasirikare b'Uburusiya bashika ku 350.000 ari bo bamaze kwicwa, ariko ayandi makuru nayo akavuga ko iki gitigiri gishobora kuba kirenga cane.

Zelensky yavuze kandi ko ingabo za Ukraine 45.1000 ari zo zimaze kwicwa – ariko abahinga batari bake mu vya gisirikare, haba muri Ukraine canke mu bihugu vy'uburengero, bavuga ko ibitigiri vy'abamaze gupfa biri hejuru cane.

Haraciye amezi atandatu ingabo za Ukraine zikoze igitero mu buryo giturumbuka mu ntara ya Kursk, zigarurira akarere k'ibirometero kwadarato birenga 1000 ku butaka bw'Uburusiya.

Kuva ico gihe, ingabo z'Uburusiya zarashoboye kubohoza igice kitari gito c'ako karere.

Hagati aho, Zelensky yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ejo ku wa gatanu ko Ukraine yakoze igitero gishasha muri Kursk ku wa kane, itera intambwe gushika ku birometero 2.5.

Igisirikare c'Uburusiya kivuga ko ibitero vya Ukraine vyasubijwe inyuma.

Ibivugwa n'izi mpande zompi zihanganye ntibirashobora guhinyuzwa n'uruhande rwigenga.

Mu yandi makuru yavugwa ejo ku wa gatanu kuri iyi ntambara y'Uburusiya na Ukraine:

Igisirikare c'Uburusiya catangaje ko ingabo zaco zigaruriye igisagara gikomeye ca Toretsk mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko bwa Ukraine – ariko umuvugizi w'igisirikare ca Ukraine avuga ko intambara zikibandanya muri iki gisagara gifise ibigo vy'amahinguriro.

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ashobora "kuzobonana na Perezida Zelensky mu ndwi iza", akongerako ngo "ndashobora no kuzovugana na Perezida Putin. Nkeneye kubona iyi ntambara irangiye".