RD Congo: 'Nibaze batwereke ibinogo twabahamvyemwo' – Willy Ngoma wa M23

inyeshamba za M23

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Willy Ngoma avga ko abagiriza ubwicanyi umuhari wiwe bafise intumbero yo kuwucafuza

Umuhari M23 urwanya igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo wamirira kure ivyo abarwanyi bawo bagirizwa ko bishe abasivire mu turere tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo bagenzura.

Willy Ngoma umuvugizi wa gisirikare wa M23 yabwiye BBC ko ivyo bagirizwa ari amajambo yo kurondera kubacafuza akwiragizwa na reta ya Congo hamwe n'imirwi ikorana nayo.

Ni inyuma y'uko igisirikare ca Congo (FARDC) cagirije inyeshamba za M23 ko zishe abasivire baharurwa muri mirongo mu ntara ya Kivu y'Epfo.

Igisirikare ca Congo cagiriza M23 ko ku wa mbere inyeshamba zayo zagandaguye abasivire 80 mu kigwati ca Nyabarongo congera cinjiza ku nguvu abana mu gisirikare cayo. Nta ruhande rwigenga rurashobora guhinyuza ibi birego.

Ku bwa Willy Ngoma abavuga ibi "nta n'uko bashika ku rubuga, bafata amajambo avugwa n'abantu barangwa n'amacakubiri, bakorana na reta, bama bavuga ivyo bishakiye".

Ati: "Nagomba ndakubwire ko twebwe ata n'inkoko y'umunyagihugu twica. Ni gute twokwica umunyagihugu dutegerezwa gukingira? Turabivuze imbere y'Imana yaremye isi n'ijuru, nta munyagihugu dushobora kwica.

"Nta na rimwe, nta na rimwe, kandi nta na rimwe. Twebwe turubahiriza abanyagihugu. Kuri twebwe umunyagihugu ni umwami".

FARDC yagirije M23 ubu bwicanyi inyuma y'aho Ibiro rusangi vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu vyahawe amakuru ntasubirwamwo avuga ko uno muhari ufashwe mu mugongo n'Urwanda wagandaguye abasivire barenga 300 muri teritware ya Rutshuru mu kwezi guheze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nubwo Bertrand Bisimwa arongoye umuhari M23 yabwiye Reuters ko uno muhari uzokora amatohoza, yavuze ko iki cegeranyo gishobora kuba ari ico kubambika ibara.

Willy Ngoma avuga ko abemeza ko batanga ivyemezo ari abantu bakorera reta kugira ngo baronke icobabeshaho.

Ati: "Mbega ndakubaze, wishe abantu barenga ijana, wobahamba he? Ni baze batwereke aho twabahamvye. Ibi vyose ni ibinyoma bifise intego yo kuducafuza.

"Turabatumiye baze birabire ingene ibintu bimeze, aho kuvuga ibinyoma".

Abajijwe nimba hari amatohoza uno muhari woba umaze kugira kuri ubu bwicanyi bwose yagirizwa, Willy Ngomba agira ati: "Twogira amatohoza ku biki? Ku bihuha? Twebwe ntidushobora gukorera ku bihuha".

Ubuseruko bwa Congo burangwamwo intambara zigenda zisubiriza, zigahitana inzirakarengane zitari nke, abandi nabo bagateshwa izabo. Muri ino ntambara ya kino gihe yatanguye mu mpera za 2021, umuhari M23 umaze kwigarurira uturere tutari duke, harimwo n'ibisagara bikuru, Goma na Bukavu, vy'intara za Kivu ya Rugugu n'iy'Epfo.

Ibiganiro bihagarariwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Qatar gushika ubu ntibirashobora gushika aho vyotuma inkoho zihagarara.

Muri ibi biganiro, hategekanywa ko ingabo z'Urwanda zitegerezwa kuva mu buseruko bwa Congo, hanyuma inyeshamba z'umuhari FDLR nazo zigatuzwa burundu kugira ngo zireke kubangamira umutekano w'Urwanda.

Reta y'Urwanda yagirizwa ko ari yo ifatiye umuriro inyeshamba za M23, ivyo Kigali yamye ihakana, ikavuga gusa ko ifata ingingo zo kwikingira ingaruka z'ino ntambara, hamwe no kuzibira ibitero vyokorwa na FDLR.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko mu gihe inyeshamba za M23 zifashwe mu mugongo n'Urwanda ziriko zirahiga abarwanyi ba FDLR, zigenda zigandagura abasivire b'Abahutu.

Gushika ubu, bigaragara ko amahoro akiri kure nk'ukwezi mu gihe habandanya havugwa imishamirano rimwe na rimwe hagati y'inyeshamba za M23 n'imirwi ishigikiye reta ya Congo, Willy Ngoma akavuga ko umuhari wiwe uterwa hanyuma na wo ukivuna.