Ikigendajuru ca Blue Origin cagarukanye kw'isi abagore cari cajanye mu kirere

Insiguro ya video, Raba: Blue Origin yaguruye mu kirere ikigendajuru cayo kigizwe n'abagore gusa
    • Umwanditsi, Maddie Molloy
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu vy'ubuhinga n'ikirere
    • Umwanditsi, Victoria Gill
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu vy'ubuhinga, BBC News

Umuririmvyi karuhariwe wo mu mudiho wa Pop Katy Perry ari kumwe n'abandi bagore batanu bagarutse kw'Isi ata nkomanzi inyuma y'urugendo rwabo rugufi mu kirere bari mu kigendajuru c'ikompanyi Blue Origin ya Jeff Bezos.

Uno muririmvyi yari kumwe n'umufiyanse wa Bezos, Lauren Sánchez, hamwe n'umunyamakuru wa CBS Gayle King avuga ko kimwe mu bintu bihambaye cane muri uru rugendo kwari ukwumva Perry aririmba indirimbo ya Louis Armstrong yitwa "What a Wonderful World" (twogereranya na "Ese Isi y'Igitangaza") .

Bamaze kugaruka kw'Isi, Perry yavuze ko yumva ko afitaniye isano rikomeye n'ubuzima, kandi afise urukundo rwinshi.

Uru rugendo rwamaze iminota hafi 11 rukaba rwashikanye aba bagore batandatu ku birometero birenga 100 hejuru y'Isi, maze bararengana umurongo mpuzamakungu ufatwa ko ariho ikirere c'Isi kigarukira, rukaba rwabahaye akaryo ko kumara igihe batagira uburemere.

Mu mwambaro w'ubururu, uvuye i bubamfu utera uja i buryo: Kerrianne Flynn, Katy Perry, Lauren Sánchez, Aisha Bowe, Gayle King, Amanda Nguyen

Ahavuye isanamu, Dave Limp/Blue Origin

Insiguro y'isanamu, Mu mwambaro w'ubururu, uvuye i bubamfu utera uja i buryo: Kerrianne Flynn, Katy Perry, Lauren Sánchez, Aisha Bowe, Gayle King, Amanda Nguyen

Muri uru rugendo kandi harimwo n'uwahoze ari umuhinga w'ikigo ca Amerika NASA kijejwe ikirere Aisha Bowe, uwuharanira uburenganzira bwa muntu, Amanda Nguyen, hamwe n'umuhinga mu vyo gutunganya ama filime, Kerianne Flynn.

Igihe igikono (capsule) barimwo cagaruka, humvikanye induru y'umunezero mu gihe abajejwe kubafasha bariko baja kubategera.

Jeff Bezos yaruguruye iki gikono maze yakira Lauren Sánchez, ari na we wa mbere yatanguye gusohoka.

Akorora amosozi y'umunezero, yagize ati: "Numva nishimiye abo twari kumwe. Si mbona ingene nobivuga".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Inyuma y'akaruhuko gato, yongeyeko ati: "Naravye irya n'ino ncishije mw'idirisha mbona ukwezi".

"Isi yari itekanye cane", niko avuga, akongerako y'uko atariko yari avyiteze. "Yari itekanye, ariko koko hari ubuzima".

Katy Perry ni we yasohotse ubwa kabiri, asoma isi hanyuma akiriza mu kirere agashusho k'ishurwe yitiriye umukobwa wiwe.

Uwasohotse ubwa nyuma, Kerianne Flynn, yatunze urutoki ikirere aca asemerera ati: "Nagiye mu kirere".

Iki kigendajuru ni co citwara co nyene, nta badereva cakoresha, eka mbere n'abari muri co nta na kimwe bagikozeko.

Urugendo rwo mu kirere rwari rugizwe n'abagore gusa rwaheruka imyaka 60 iheze, igihe umuhinga mu ngendo zo mu kirere, Umusoviyetikazi Valentina Tereshkova, yaba umugore wa mbere yagiye mu kirere ari umwe rudende mu kigendajuru Vostok 6.

Kuva ico gihe, nta rundi rugendo rwari bwigere rubaho rugizwe n'abagore gusa, ariko abagore baratereye cane muri iki gisata.

Ubukerarungendo bwo mu kirere buracari ku rugero rwo hasi, rero iyo ingendo nk'izi ziramutse zigenze neza, ni icekerana ko izi ngendo ntonto zishobora gukorwa ata nkomanzi.