Senegal: Umwiheburo inyuma y’aho ibiziga 30 vy’abimukira bitowe mu bwato mu mazi y'inkengera za Dakar

Ibipe ku mweho wa Yoff i Dakar.

Abarovyi bo mu kigwati ca Yoff ku mugwa mukuru wa Sénégal, Dakar, nibo batoye ubu bwato bwariko bureremba bwuzuye abimukira bapfuye, ku wa Mungu. Ubu bwato bwatowe ku birometero 70 uvuye ku nkengera za Sénégal.

Amakuru atangazwa n’ibinyamakuru vyo muri iki gihugu avuga ko ibi biziga vyatowe vyamaze gusanguka cane, bikaba bishobora kuba vyari ivy’abimukira bariko batera baja i Bulaya.

Igisirikare ca Sénégal kirwanira mu mazi cahawe amakuru y’ubu bwato bwariko burareremba gica gifata urugendo hagati mu mazi rwo kuburondera.

Gushika ubu, ibiziga 30 ni vyo bimaze gutorwa

Mw’itangazo casohoye ejo ku wa mbere, igisata ca gisirikare kijejwe imigenderanire n’abanyagihugu be no gutanga amakuru (Direction de l’Information et des Relations publiques des Armées, DIRPA) caremeje aka kaga muri ano majambo:

"Ku wa Mungu 22 Nyakanga (9) 2024, mu masaha y’umugoroba, igisirikare ca Sénégal kirwanira mu mazi carahawe amakuru avuga ivy’ubwato bwariko burareremba ku birometero hafi 70 uvuye ku nkengera za Dakar, burimwo ibiziga vyinshi".

Iri tangazo ryateweko igikumu na Kapiteni Ibrahima Sow, umukuru wa DIRPA ryongerako riti: "Bumaze gushika aho hantu, ubwato bw’irondo Cayor bwarakweze ubu [bwuzuye ibiziga] gushika hirya y’ikivuko ca Dakar buhashikanwa mu masaha cumi na zibiri z’agatondo ko ku wa mbere".

Aba basirikare barwanira mu mazi, bari kumwe n’abaganga bajejwe kwihweza ibiziga, abajejwe kuzimya imiriro hamwe n’abajejwe amagara y’abantu, barashoboye guharura ibi biziga vyari muri ubu bwato.

Iri tangazo rivuga riti : "Gushika ubu, ibiziga 30 ni vyo bimaze guharurwa".

Hagati aho, "igikorwa co kwegeranya, kumenya umwidondoro no kuvyimura nticoroshe na gato kubera ibi biziga bimaze gusanguka cane".

Ku bwa DIRPA, "amatohoza ariko arakorwa n’inzego zibijejwe azoshobora gutanga amakuru nyayo ku vyerekeye ubu bwato n’iyo bwaje buturuka, bikazomenyeshwa hanyuma".

Abarovyi bari mu mwiheburo

Bassirou Mbengue, umwe mu barovyi bari mu mwiheburo ku mweha wa Yoff
Insiguro y'isanamu, Bassirou Mbengue, umwe mu barovyi bari mu mwiheburo ku mweha wa Yoff

Ku wa mbere, ibintu ntivyari bimeze neza ku mweha w’uburovyi wa Yoff gushika mu masaha yitereye yo mu gatondo. Uhashitse, wasanga abagore badandaza amafi bariko bavugana n’abaranguzi bayo batari bafise ico bakora kubera ata bintu vyariho.

Hampande yabo, hafi y’inkengera, abadandaji bahagarikiye amato atatu yari ashitse, azungagizwa irya n’ino n’imipfunda ikomeye.

Ni muri ico gihe twaronka umuntu wa mbere twaganiriye, impuzu zicuzuye amazi, amaze kwururuka ubwato, vyaboneka ko avuye muri bumwe muri ubu bwato.

Bassirou Mbengue, umurovyi, afise igipe (ubwato bwo kuroba), agira ati: "Ivyashitse birababaje. Ndahaye icubahiro aba bantu bose bapfuye. Hagati aho, si nshigikiye ingene aba bimukira bafata ingendo, ariko abantu barihebuye. Iyo ata nyinshu ufise, ni co kintu uca ukora. Ni ko bamwe babibona".

Abarovyi bo ku mweha wa Yoff i Dakar bavuga ko batakironka amafi ku bwinshi
Insiguro y'isanamu, Abarovyi bo ku mweha wa Yoff i Dakar bavuga ko batakironka amafi ku bwinshi

Yuzuye intuntu, agira ati: "Ni ivyago gufata ingendo zo mu nyanja uja i Bulaya. Ntavyo nzokwigera nkora, kandi n’abana banje nta vyo bazokwigera bakora. Ariko si nagiriza abagenda. Nta mafi akiri mu nyanja kandi n’ibikoresho vy’uburovyi birazimvye".

Uno murovyi ari mu myaka ya 50, abandanya ati: "Iyo ugiye mu nyanja, ugaruka iminwe igaragara, ata n’uko ushobora kwishura amafaranga wakoresheje".

Mandiaye Diène, na we nyene akaba ari umurovyi, avuga ko ata kintu na kimwe kw’isi cotuma wita mu vyago bimwe bimwe.

Ati: "Ndi umurovyi, ariko sindigera niyumvira ko noja kuba umwimukira mu buryo buteye kubiri n’amategeko. Dutegerezwa kwirinda ingendo nk’izo. Ni nk’uburyo bumwe bwo kwiyahura.

"Abarovyi bagera ku birometero birenga 60 bama bahura n’ibiziga bireremba canke amato areremba arimwo ibiziga".

Baratabaza reta

I Yoff, ibipe biharurwa muri mirongo bitakija kuroba usanga vyanikiye ku mweha
Insiguro y'isanamu, I Yoff, ibipe biharurwa muri mirongo bitakija kuroba usanga vyanikiye ku mweha
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku bwa Boubacar Sèye, umukuru w’ishirahamwe Horizons Sans Frontières, rihimiriza ku mabi y’ubwimukira buteye kubiri n’amategeko, atera akamo ko kuronderera inyishu aka kaga gahanze abanyagihugu.

Ati: "Ibibera muri Sénégal birababaje cane. Ni ubwicanyi nyabwo ku rwaruka. Rero ni ngombwa guhagarika vuba bishoboka iri seseka ry’amaraso".

Ku bwa Boubacar Sèye, "turavye ingene ivyago nk’ibi vyama vyibonekeza, umuntu yovuga ko atari ikibazo c’akanya gato, ahubwo ni ikibazo kijanye n’ingene ubutegetsi butunganijwe".

Sèye abandanya agira ati: "Kugira aya maraso areke guseseka, ni ngombwa ko duhangana n’ikibazo aho camuka dukoresheje uburyo bushasha bwo guhimiriza abanyagihugu mu turere tubangamiwe gusumba".

Ku bwiwe, "umwiheburo ni wose" gushika n’aho "abafise imitima yoroshe babona ko ata kazoza bashobora kugira muri iki gihugu".

"Muri Sénégal, amatungo yashizwe hejuru y’ubuzima, bwo shingiro ndangagaciro. Ni co gituma dutera tuja kuba mu mahanga. Ni ngombwa ko hagira igikozwe vuba bwango", ni ko Boubacar Sèye avuga, agatera akamo reta gutegura inama mpuzamakungu ku kibazo c’abimukira.

Umukuru wa Horizons Sans Frontières yemeza ko ibituma abantu bata bakomoka bishingiye ku mico n’imibereho.

Ati: "Ibibazo vy’imibereho ni vyo vyica, rero ni co gituma hoba impinduka mu mico n’imibereho kugira ngo abantu batahure ko kazoza kabo kari hano muri Sénégal".

Mu 2024, hagati ya Nzero (1) na Rusama (5), abantu barenga 4.800 baraguye mu nzira y’amazinga ya Canaries, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe Caminando Fonteras ryo muri Espagne. Sénégal ifatwa nka kimwe mu bihugu bivamwo abimukira cane.

Iki gihugu caraguye mu mubabaro igihe ubwato bwari butwaye abimukira bwatwarwa mu ndwi zibiri za mbere z’uku kwezi aho ibiziga vy’abahapfiriye barenga 120 vyarobwe.

Mw’ijambo ryo guhoza imiryango yabuze ababo, umukuru w’ico gihugu Bassirou Diomaye Faye, yari yiyemeje gutuza abakora magendo ya kiremwa muntu "bahenda urwaruka ruri mu mwiheburo".