Bwa bwato bwari bwaburiwe irengero butwaye abimukira 200 bwabonetse hafi y’amazinga ya Canary

Ubwato bukora ubutabazi bwo muri Espagne

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi bwo mu mazi bo muri Espagne bamaze iminsi barondera ubwo bwato buto bwo muri Senegale

Abajejwe ubutabazi bo muri Espagne babonye ahaherereye ubwo bwato bwari bwavuye muri Senegal ku tariki 27 Ruheshi (6), butwaye abantu bashika amajana abiri.

Ubwo bwato bwabuze buri ku mirometero 114 uvuye mu bumanuko bwa Gran Canaria, nk’uko bivugwa n’abajejwe umutekano w’inkengero z’amazi.

Ishirahamwe ry’abagiraneza, Walking Borders, kare ryavuze yuko ubwo bwato mu bisanzwe bukoreshwa mu burovyi, bwavuye mu muji wo ku ngengero uri mu bumanuko bwa Senegal, ku birometero nk’1.700 uvuye Tenerife.

Indege yakoreshejwe mu kuburondera, “yabonye ubwato busa nk’ubwo turiko turarondera, kuko barabiye mu kirere, [abakora ubutabazi] babonye yuko bushobora kuba burimwo abantu 200”, nk’uko umuvigizi yabitangaje.

Yongeyeko ati “ntidushobora kuvyemeza 100% ariko turakeka cane ko ari ubwo bwato nyene”.

Nk’uko uyu muvugizi yabandanije avuga, ubwato bwo muri Espagne bukora ibikorwa vy’ubutabazi bwavuye i Canary bugiye gutabara ubwo bwato bw’abimukira, buri nko ku birometero 131 uvuye mu bumanuko bw’izinga rya Gran Canaria.

Inzira y’uburengero bwa Afrika mw‘ibahari Atlantique ifatwa nk’imwe mu zihitana abantu benshi kw’isi, mu gihe abimukira n’imiburiburi 543 bapfuye canke baburirwa irengero muri iyo nzira nyene mu 2022, nk’uko bitangazwa n’ikigo mpuzamakungu kijewe uruja n’uruza rw’abantu, IOM.