UK: ubwononyi no gusagata ivyo abimukira

Insiguro ya video, Mohammed yononewe ivyiwe amaze imyaka 22 aba muri Ireland y’uburaruko.
UK: ubwononyi no gusagata ivyo abimukira

Akaguriro ka Mohammed Idris karaturiwe, karasagatwa n’intagondwa zihama abimukira.

Ni mu vyatanguye nk’imyiyerekano y’abarwanya abimukira yadutse mu bice bitandukanye vya UK.

Ni inyuma y’aho abana 3 b’abakobwa bishwe n’umusore bivugwa ko abavyeyi biwe bamuka mu Rwanda, i Southport, m’uburaruko bw’Ubwongereza.

Mohammed amaze imyaka 22 aba muri Ireland y’uburaruko.

Mu 2023, urudandazwa rwiwe rwarononywe, ivyo police yavuze ko bwari ubukozi bw’ikibi bushingiye ku macakubiri y’urukoba.

Mohammed yononewe ivyiwe amaze imyaka 22 aba muri Ireland y’uburaruko, yavuye muri Sudan.
Insiguro y'isanamu, Mohammed yononewe ivyiwe amaze imyaka 22 aba muri Ireland y’uburaruko.