UK: ubwononyi no gusagata ivyo abimukira
UK: ubwononyi no gusagata ivyo abimukira
Yatangajwe
Akaguriro ka Mohammed Idris karaturiwe, karasagatwa n’intagondwa zihama abimukira.
Ni mu vyatanguye nk’imyiyerekano y’abarwanya abimukira yadutse mu bice bitandukanye vya UK.
Ni inyuma y’aho abana 3 b’abakobwa bishwe n’umusore bivugwa ko abavyeyi biwe bamuka mu Rwanda, i Southport, m’uburaruko bw’Ubwongereza.
Mohammed amaze imyaka 22 aba muri Ireland y’uburaruko.
Mu 2023, urudandazwa rwiwe rwarononywe, ivyo police yavuze ko bwari ubukozi bw’ikibi bushingiye ku macakubiri y’urukoba.




