US: Umwana w’imyaka itandatu muri yompi inyuma yo kurasa umwigisha

police

Ahavuye isanamu, Getty Images

Na Matt Murphy

BBC News

Umwana w’imyaka itandatu ari mu minwe y’igipolisi inyuma yo kurasa umwigisha mu ntara ya Virginia muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’uko abajejwe igipolisi babivuga.

Ibi vyabaye nijoro kw’ishure rito ry’ahitwa Richneck mu gisagara ca Newport News, nk’uko umukuru w’igipolisi waho Steve Drew abivuga.

Ntibiramenyekana neza ingene uyo mwana yaronse iyo nkoho, ariko Drew avuga ko ivyabaye atari “isanganya”.

Uyo mwigisha atavuzwe izina akaba avugwa ko ari mu myaka 30 yakomeretse cane.

Yaciye anyarukanwa ku bitaro vy’ako karere aho ariko arakurikiranirwa hagufi n’abaganga.

Ibi vyabereye mw’isomero ry’abana b’igice ca mbere c’amashure y’intango (bari hagati y’imyaka itandatu n’indwi) inyuma y’aho uyo mwana atereye amajambo n’uyo mwigisha.

Ariko Drew ashimangira ko ata kintu cinyegeje inyuma y’iri raswa ry’uyu mwigisha kandi ko agambiriye gukora iki kibi”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abategetsi bavuga ko, n’aho iryo shure rifise abana 550 rikaba rifise kandi n’ibikoresho vyo gushobora kubona uwinjiranye icuma, abana batasatswe neza kandi ko atari na bose basatswe.

Igipolisi canse kuvuga ubwoko bw’iyo nkoho yakoreshejwe ariko uyo mwana w’umuhungu yakoresheje ibastola (pistolet).

Umukuru w’igisata kijejwe amashure mu karere Dr George Parker avuga ko abategetsi bagiye “kwihweza neza ikintu ico ari co cose coba cabaye kigatuma iri bara rigwa”.

Dr Parker ati: “Ibi bintu birateye ubwoba, ikintu nk’iki ntikigasubire kuba.

 "Dushaka gukora uko dushoboye kwose kugira ngo ikintu nk’iki ntikize gisubire kubaho”.

Avuga ko iryo shure rizokwugarwa ku wa mbere, kandi ko abavyeyi n’abana bazofashwa kugira ntibahahamurwe n’ivyabaye.

Umukuru w’ico gisagara Phillip Jones yari amaze imisi itatu ashikirijwe amabanga avuga ko iri raswa ari “umusi mubi kuri Newport News".

Yabwiye abanyamakuru ati: "Ibi bigiye kuduha icigwa kandi bizodukomeza”.

Buramatari wa Virginia Glenn Youngkin avuga ko ariko akorana n’abategetsi b’akarere, kandi ko uburongozi bwiwe bwiteguye gufasha mu buryo bwose bushoboka.

Yanditse kuri Twitter ati: "Mbandanya nkurikirana ingene ibintu bimeze kandi mbandanya nsaba Imana ko umutekano w’abo bana n’ikibano wobandanya ari mwiza”.

Newton News ni igisagara gituwemwo n’abanyagihugu bababa 180.000 kikaba kiri ku birometero vyababa 112 mu bumanuko bw’umugwa mukuru w’iyo ntara, Richmond.