Ukraine - Russia: ‘Kirazira ko dutsindwa, ariko dufate mu mugongo’ uwari umushikiranganji wa mbere wa Ukraine

    • Umwanditsi, Na James Landale
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'imigenderanire

Mu guhimbaza imyaka ibiri iheze kuva Uburusiya butanguje intambara yeruye kuri Ukraine, abategetsi batari bake b’ibihugu vy’Uburengero bafashe urugendo rubashikana muri Ukraine kuri uno wa gatandatu mu ntumbero yo gushigikira Perezida Volodymyr Zelensky.

Mu bari muri uru rugendo, harimwo umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano Giorgia Meloni, umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau uw’Ububirigi Alexander De Croo, hamwe kandi n’umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya, Ursula von der Leyen. Bazananye na Boris Johnson yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.

Ni mu gihe abanyagihugu mu Bwongereza no mu bindi bihugu vya Bulaya bifatanije n'Abanya-Ukraine mu myiyerekano yo gusaba amakungu ko yofata mu mugongo igihugu cabo muri ino ntambara.

Natalia Ravlyuk yateguye imyiyerekano i Londres mu Bwongereza, yabwiye umunyamakuru wa BBC ko intumbero yabo ari ukwibutsa isi yose ibiriko bibera muri Ukraine.

Ati: “Turi ngaha kugira dusabe ubufasha bwihuta.

"Intambara muri Ukraine ntirahera kandi Abarusiya babandanya kutwica uko bukeye uko bwije. Batera abasivire.

“Ni ukuri ni mudufashe muhagarike Abarusiya aho bageze – imbere y’uko bajabuka imbibe z’Ubulaya”.

Avuga ko igikenewe gusumba ari imfashanyo ya gisirikare.

“Dukeneye ibisasu vya misire biraswa kure, dukeneye indege z’intambara, dukeneye ayandi masasu, dukeneye amasasu kugira ngo abasirikare bacu bashobore kurwana hanyuma barangure igikorwa cabo”.

‘Turi habi’ - uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Ukraine

Arseniy Yatsenyuk yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Ukraine avuga ko intsinzi ya Ukraine ku Burusiya ari iyo kurokora umuco wose w’Uburengero, “isi y’ubwigenge”.

Avugana n’umunyamakuru wa BBC Lyse Doucet, avuga ko “amajambo ari meza, ariko hakenewe ibikorwa” nimba bashaka ko Ukraine n’incuti zayo zitsinda intambara.

Ati: “Ino si intambara ya Ukraine n’Uburusiya gusa. Iyi ni intambara yatangujwe n’inkozi y’ikibi [Vladimir] Putin kuri OTAN/NATO, ku muco w’uburengero no kuri kiremwamuntu. Rero turakeneye cane ko incuti zacu zidufata mu mugongo”.

Yatsenyuk avuga ko hari haciye iminota cumi avuganye n’umugenzi ari ku rugamba hafi y’igisagara ca Bakhmut cigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya inyuma y’intambara zikomeye zamaze amezi icenda.

“Ni igikorwa canje kumurungikira ubutumwa bukomeye bwo kumutera intege, nti ‘bagenzi, tuzotsinda’. Mvugishije ukuri, intege si ikirenga”.

Abandanya ati: “Twebwe – uburengero bwose, isi y’ubwigenge, ni ikizira ko dutsindwa ino ntambara. Turashobora gutsinda kubera iyi ni intambara y’iteka.

“Ariko turakeneye cane amasasu, turakeneye cane ubufahsa bw’incuti zacu z’uburengero”.

Avuga ko yavuganye n’abagenzi b’Abanyamerika, kandi ko yababwiye ko ishobora gufata amezi abiri. Avuga ko yabawiye ati: "Bagenzi, tugeze habi".

Intambara izobandanya, ariko ata nzira itomoye ishikana ku ntsinzi

Kuva intambara itanguye, abategetsi batandukanye bagumye babandanya bashikiriza amajambo yo gushigikira Ukraine, bemera gutanga imfashanyo, eka banafatira Uburusiya ibihano.

Ariko gushika ubu nta kintu na kimwe gishobora kunyegeza ukuri kw’ino ntambara, nibura muri uno mwanya, isa n’iyiriko igenda ifata inzira Uburusiya bwipfuza.

Ingabo za Ukraine zirarushe, nta masasu akwiye zifise, abakuru ba poritike babo batanguye kutumvikana.

Ibihugu vy’Uburengero, vyateshejwe umutwe n’ibiriko bibera mu bindi bice vy’isi, bigenda bigira amadidane yo guha Ukraine ubufasha ikeneye.

Ni mu gihe ingabo z’Uburusiya zozo zibandanya zisatira kandi zitera intambwe, kandi n’ubutunzi bwabwo bukaba bugenda bumenyera intambara.

Inyuma y’ino myaka ibiri kandi, ino ntambara igenda itera ibibazo vyinshi bijanye n’ubwizigirwa kuri Amerika nk’igihugu c’incuti, ubushobozi bw’Ubulaya bwo gushobora kwivuna ukwa bwonyene – hamwe n’ico bamwe babona nka ka mwana wa mama kuri Ukraine na Gaza.

Ariko n’ubwo bimeze uko, Uburusiya bugenda butakaza ibitari bike, cane cane mu Kiyaga Cirabura, kandi Abanya-Ukraine bakabandanya berekana ko batarota bava kw’izima mu kurwanira igihugu cabo.

Ingene biboneka gushika ubu, intambara yo gusambura izobandanya kandi ihitana abantu n’ibintu, kandi ata ruhande na rumwe rubona neza inzira yorushikana ku ntsinzi, tubaye twihojeje ivy’ibiganiro.

Mu mafoto: Umushikiranganji wo kwivuna abansi agenzura ibikoresho vya gisirikare vyafashwe

Hagati aho, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe kwivuna abansi Sergei Shoigu yagendeye ingavo ziri ku rugamba mu turere twa Ukraine twigaruriwe n’Uburusiya.

Nk’uko bivugwa n’itirorokanirizo ry’amakuru AFP, yabwiye ingabo ati: "Turavye inguvu, ibintu bimeze neza ku ruhande rwacu".

Yabwiwe kandi ko ingabo z’Uburusiya zibandanya zisatira inyuma yo kwigarurira igisagara ca Avdiivka.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko Shoigu yagendeye ikigo ca gisirikare gihagarariye intambara, aho amasanama asa n’ayerekana ariko aragenzura ivyo Uburusiya buvuga ko ari ibikoresho vya gisirikare vyafashwe n’ingabo z’Uburusiya.