Isantimetero imwe gusa ya OTAN ntitumuhebera, niko Scholz abwira Putin

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa reta y’Ubudagi, Olaf Scholz, avuga ko ingingo iherutse gufatwa yo gukomeza umupaka w’ubuseruko bwa OTAN/NATO ifise intego yo kuzibira Uburusiya.
Mw’ijambo yashikirije ejo ku wa Mungu mw’ikoraniro ry’ubutunzi ry’Ubudagi bw’Ubuseruko (Eastern German Economic Forum), Scholz yavuze ko ari ngombwa ko Uburusiya butahura neza ko iri huriro ryo kwivunira umwansi hamwe ryiteguye kwivuna bibaye ngombwa.
Mw’iri jambo yashikirije iri koraniro ryari ryitabwe n’umushikiranganji wa mbere wa Lithuania, Ingrida Simonyte, Scholz yavuze ko Ubudagi bwafashe iya mbere mu guhagararira OTAN mu bihugu vy’akarere ka Baltique bihana urubibe n’Uburusiya, kuva mu myaka hafi cumi iheze.
Ati: "Kandi kubera ko ivyago vy’Uko Uburusiya bushobora kudutera bibandanya, twarafashe ingingo, turi kumwe n’izindi ncuti, yo kurungika ingabo z’inyongera mu bihugu vya Baltique no gushingayo brigade yose ikwiye mu misi ya vuba”.
Asigura ko ibi vyemezo mu bijanye n’umutekano ari ngombwa "kugira ngo twereke Uburusiya: turiteguriye kurwanira isentimetero imwe ku yindi ya OTAN ari nka hamwe hokwaduka ibitero".
Avuga ko inzira y’ibiganiro ishoboka gusa mu gihe bahagaze neza, anongera ko y’uko ari nkenererwa ko ibihugu vya Baltique bibaho bizi ko OTAN yiteguye gutabara ari nka hamwe Uburusiya bwotera igihugu na kimwe muri vyo.
Ati: "Ubu ni bwo butumwa bwacu. Ariko kandi ni ubutumwa ku Burusiya".
Mu ntango z’indwi iheze, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yagabishije ibihugu vya OTAN ku ngingo yavyo yo kwemerera Ukraine kurasa ku butaka bw’igihugu ciwe ikoresheje ibirwanisho ihabwa n’uru runani.
“Abategetsi ba OTAN, cane cane Ubulaya, kandi cane cane bo mu bihugu bito bito, mu bisanzwe bategerezwa kumenya ikintu bariko barakinisha. Bategerezwa kwibuka ko mu bisanzwe utu ari uduhugu dutoya dufise abanyagihugu b’umurengera. Iki ni ikintu bategerezwa kuzirikana imbere yo kuvuga ivyo gukora ibitero hagati ku Butka bw’Uburusiya”.
Ni inyuma y’aho ibihugu bitari bike muri vyo bitezuriye mu nzitizi zavyo ku bijanye n’ingene Ukraine yokoresha ibirwanisho biyiha.
Ariko, mw’ijambo ryiwe ryo ku wa gatanu, umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg yavuze ko amajambo ya Putin ataco avuze, kuko ngo kuva kera yamye avuga uku, kandi ko kuvuga ko bazokwivuna atari ukwunyura ibintu muri izi ndyane.
Hagati aho, icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya Sergei Lavrov avuga ko kwemerera Ukraine gukoresha ibirwanisho vy’Uburengero gukora ibitero ku bibanza vyo ku butaka bw’Uburusiya bishobora kugira ingaruka ingaruka mbi cane.
Ati: “Nashaka kugabisha abategetsi ba Amerika ku biharuro bibi bishobora kugira ngarka mbi cane. Ku mvo tutazi, bariko barirengagiza uburemere bw’ingaruka bishobora kubagirako”.
Ahamagarira Amerika “gufata nka nkama igabisha ry’Uburusiya”.










