Abapolisi bagirijwe icaha mu rupfu rw'umunya Kenya Albert Ojwang

Albert Ojwang yari yubatse afise umwana umwe yari amaze imyaka mike aronse impamyabushobozi yo kwigisha

Ahavuye isanamu, Albert Ojwang / Facebook

Insiguro y'isanamu, Albert Ojwang yari yubatse afise umwana umwe, yari amaze imyaka mike aronse impamyabushobozi yo kwigisha

Abapolisi 3 b'abanya Kenya bagirijwe n'icaha co kwica umuntu yashikiriza ivyiyumviro ku mbuga hwaniro, yapfiriye mu gasho ka polisi mu ntango z'uku kwezi.

Urupfu rwa Albert Ojwang rwakuruye ishavu muri Kenya ryakurikiwe n'imyiyerekano y'abasaba ubutungane.

Bwana Ojwang yahagaritswe inyuma yaho icegera c'umukuru wa police Eliud Lagat ashikiririje ikirego yagiriza uyo yakoresha imbuga hwaniro kumwambika iceyi kuri izo mbuga.

Lagat yatanze imihoho mu maabanga yiwe mu ndwi iheze mu kurindira ibizova mu matohoza ku bijanye n'urupfu rwa Ojwang. Yarahakanye ko ata caha yakoze.

Abapolisi 3 - Samson Kiprotich, Talaam James Mukhwana na Peter Kimani bagirijwe icaha kimwe n'abanyagihugu basanzwe 3.

Uko ari 6 bitavye ubutungane uyu wa mbere ariko ntibariregura.

Igipolisi ubwa mbere cari camenyesheje ko Ojwang yishwe n'ibikomere yiteye, ariko mu nyuma carisubiyeko inyuma yaho, icegeranyo catanzwe n'abaganga basuzumye ikiziga ciwe cerekanye ko bishoboka cane ko yapfuye ahitanywe n'ibikomere yakuye mu gusinzikarizwa ubuzima.

Umuntu adandaza utuntu mw'ibarabara yararashwe mu myiyerekano ijanye n'urupfu rwa Ojwang mu ndwi iheze mu mugwa mukuru Nairobi bisubira gukurura agashavu ku banya Kenya bagiriza igipolisi gukoresha inguvu zirengeje ku bari mu myiyerekano.

Boniface Kariuki vyavugwa ko yariko adandaza udufukamunwa igihe umupolisi yambaye impuzu z'akazi yamurasa akamukomeretsa cane.

Impirimbanyi kuri uyu wa gatatu zatumyeko imyiyerekano kuco zise ''ihagarara'' ry'ubutunzi mugihe bakomeza imyiyerekano biyamiriza inguvu zirengeje z'igipolisi bongera bibuka umwaka uheze igipolisi cugururiye umuriro w'amasasu ku migwi y'abariko biyamiriza iduzwa ry'amakori.