Hashingwa urugo rumwe hagasambuka urundi. Kubera iki bahukana cane muri Ukraine?

Ibitigiri vy'abahukana muri ukraine bigenda vyiyongera

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibitigiri vy'abahukana muri Ukraine bigenda vyiyongera

Igitigiri c'abahukanye muri Ukraine mu 2024 gihakwa kungana n'igitigiri c'abarushinze. Nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bujejwe ubutungane, mu mwaka uheze, habaye ubugeni burenga ibihumbi 150, hanyuma imiryango yahukanye nayo igera hafi ku bihumbi 142.

Iki ni ikintu kibabaje kuri Ukraine kuva na kera, kubera ko n'imbere y'aha ibiharuro bitari vyiza cane. Muri rusangi, ku ngo zibiri zashinzwe, nibura rumwe rwarasambutse.

Nubwo biri uko, mu myaka ibiri ya mbere y'intambara ibintu vyaboneka nkaho vyari vyiza. Muri rusangi, ibiharuro vy'abahukana ntibikunze gutangazwa ku mugaragaro. Ubushikiranganji bw'ubutungane butanga gusa ibiharuro biva mu gisata kijejwe ingo n'imiryango (Etat civil), kizwi nka GRAGS.

Ni kuri ibi biharuro ibinyamakuru vyinshi vyo muri Ukraine vyashingiyeko mu kwerekana ko mu mwaka uheze, ica gatanu c'ingo zose mu gihugu zasambutse.

Ariko ibiharuro vy'ubushikiranganji bw'ubutungane vyerekana gusa ica gatatu c'ingo zose zasambutse, kubera akenshi ukwahukana ari ingingo ya sentare. Rero ishusho nyayo iratandukanye cane n'ibiba.

Muri Ukraine, hari uburyo bubiri bwo kwahukana. Uburyo bwa mbere ni ukwahukana biciye mu gisata c'ingo n'imiryango. Aha ni iyo abarongoranye ata bana bakiri bato bafise, hanyuma bompi bakumvikana kwahukana.

Ariko iyo bafise abana bari musi y'imyaka 18, canke umwe muri bo adashaka kwahukana, biba ngombwa ko bitura sentare.

Iyo basanzwe bafise abana, ni ngombwa ko babanza kwumvikana ingene bazobarera mu gihe bazoba bamaze kwahukana. Hatabaye ukwumvikana kuri iki, sentare ntiyirirwa iranakira urubanza.

Imanza nk'izi zishobora gufata imyaka n'iyindi iyo umugabo n'umugore bananiwe no kwumvikana ku bijanye n'abana, amatungo canke n'ibindi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kiganiro bagiriraniye n'igisata ca UKraine muri BBC, abakora mu bushikiranganji bw'ubutungane basigura ko inyuma ya 2010, ibiharuro vyonyene vy'abahukanye vyari ivy'abaciye mu gisata c'ingo n'imiryango.

Nta nkuru yikwiye ku bijanye n'ingo zisambuka - "kandi iki ni ikibazo kinini", niko aba bakozi b'ico gisata babona.

Igitigiri c'abahukanira mu masentare gishobora guharurwa biciye mu buhinga bwa none buzwi nka Opendatabot, bukonganiriza hamwe ivyemezo vyose vy'amasentare, ariko nta cemeza ko ibi biharuro vyose bikwiye.

Nk'akarorero, ubushikiranganji bw'ubutungane buvuga ko mu 2024, abanya-Ukraine barongoranye ku rugero rwa 19% kuruta 2023, igisata kijejwe ingo n'imiryango kikaba canditse ubugeni burenga ibihumbi 150. Igitigiri c'ingo zasambutse caraduze kurenga 42%, ni ukuvuga ibihumbi birenga 34.

Ariko hampande y'ibi bihumbi 34, hari ibihumbi 107.5 vy'ingo zahukaniye mu masentare vyiyongerako.

Ibi bisigura ko igitigiri cose c'ingo zahukanye mu 2024 kirenga ibihumbi 141. Hanyuma kandi, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'ubutungane nyene, hari ikindi gitigiri c'abahukanira mu bihugu vyo hanze, kandi aba nta buryo na bumwe bwo kubishira mu biharuro muri Ukraine.

Ishusho nyayo

Ingo nyinshi muri Ukraine zahukanira mu masentare

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingo nyinshi muri Ukraine zahukanira mu masentare

Igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw'ubutungane muri Ukraine cahaye BBC ibiharuro vy'abahukaniye mu masentare mu myaka itanu iheze.

Ibi biharuro vyerekana ko muri ico kiringo, abahukanye mu mwaka wa mbere w'intambara y'Uburusiya - mu 2022 – babaye bake cane gusumba ibindi bihe vyose. Muri uwo mwaka nyene, niho habaye igitigiri ca mbere kinini b'ubugeni.

Ico gihe, habaye ubugeni hafi ibihumbi 223, hanyuma ingo zahukanye nazo ziba ibihumbi 91 (mu biharuro vyavuye mu masentare no mu gisata c'ingo n'imiryango bigakunganirizwa hamwe).

Abahinga mu bijanye n'inyifato berekana ko ibi biharuro ari ingaruka z'iyi ntambara: abantu barondeye ugukingirwa n'ukwizigirwa babicishije mu kurongorana, abandi nabo bari basanzwe babana barondera kubishira mu mategeko mu gihe batari bazi ibishobora kubashikira.

Ariko mu mwaka wa kabiri n'uwa gatatu w'intambara, ibintu vyaciye bitangura guhinduka: ibitigiri vy'ingo zahukaniye mu masentare no mu gisata c'ingo n'imiryango vyaciye bitangura kwiyongera.

Imvo ni nyinshi, harimwo ingorane rusangi: ibibazo vyo mu rugo, ikubagurwa mu muryango, ingeso mbi, ubuhemu, ukwivanga kw'abavyeyi mu buzima bw'abarongoranye, kutagira intumbero zimwe hagati y'abubakanye, n'ibindi. Ariko mu gihe c'intambara, ingaruka z'umubabaro yateye zafashe iya mbere.

Umuhinga Tina Beradze abwira BBC ati: "Abantu ntibashobora kwihangana. Iyo turi mu ntuntu, biraduhagarika umutima ugasanga turondeye uwo tubitako. Kuri nde? Ku wo tuba twegeranye".

Yibutsa kandi ko kwimuka ku nguvu mu gihe c'intambara, eka mbere no ku bushake, bitera umubabaro kuruta urupfu rw'uwo ukunda. Ibi bisigura ko kubona amamiriyoni y'abantu barataye izabo bagahunga na vyo nyene bifise uruhara mu biharuro vy'abahukana.

Hagati aho, imyaka ya mbere y'ukwikukira kwa Ukraine — 1991-1994 — ni yo myaka yabayemwo ibitigiri vya mbere binini vy'abahukana, aho ingo zirenga ibihumbi 200 zasambuka buri mwaka. Iki gihe naco cari igihe c'imibabaro ku banya-Ukraine benshi, ariko bivuye ku mvo zitandukanye n'iza kino gihe – ubukene, aho abanyagihugu batagira ic'epfo n'ica ruguru.