DRCongo - Ituri: ONU yatoye ibiziga birenga mirongo ine vyapfubwe ikivunga

Abasirikare ba ONU bahagarariye amahoro muri Republika ya Demokrasi ya Congo batoye ibiziga birenga mirongo ine vyapfubwe ikivunga mu buseruko bw’ico gihugu.

Gutora ivyo biziga bije nyuma y’urukurikirane rw’ibitero vyagabwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho mu ntara ya Ituri.

Umuvugizi wa ONU, Farhan Hag, yavuze ko ibiziga 42 vy’abantu barimwo abagore n’abana vyatowe mu kigwati ca Nyamamba, abindi biziga vy’abagabo indwi bitorwa mu kindi kigwati ca Mbogi.

Abo basirikare bahagarariye amahoro batanguje ibikorwa vy’amarondo muri ako karere nyuma y’amakuru y’ibitero vy’abarwanyi b’umugwi Codeco.

Abarwanyi b’uwo mugwi bagizwe ahanini n’abo mu bwoko bw’aba-Lendu basanzwe ari abarimyi, bamaze igihe kirekire badacana uwaka n’abo mu bwoko bw’aba-Hema, basanzwe ari aborozi.