Imvura y'isegenya mu bugaragwa bwa Sahara, imyuzure itari bwabe mu myaka 50

Ubugaragwa bwa Sahara inyuma y'imvura ingana n'iyo umwaka wose.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Mu minsi ibiri gusa, haguye imvura isumba iyigwa umwaka wose mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Maroc
    • Umwanditsi, BBC News
    • Igikorwa, BBC News

Imvura y'isegenya y'iminsi ibiri yatumye haba umwuzure w'imbonekarimwe gushika aho irenza iyisanzwe igwa mu mwaka wose muri Maroc, isiga amasanamu aboneka gake cane mu bugaragwa bwa Sahara.

Ubwo bugaragwa bwa Sahara, buri ku bihugu 12 muri Afrika y'uburaruko, yo hagati n'iyo mu burengero, ni bwo bugaragwa bushushe bwa mbere bunini kw'isi.

''Hari haheze imyaka iri hagati ya 30 na 50 ata mvura nyinshi nk'iyi iguye mu mwanya muto nk'uwo'', nk'uko Houssine Youabeb, wo mu kigo ca Maroc kijejwe ibihe yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.

Iyo mvura y'isengenya yaguye mu bugaragwa bwa Sahara ishobora gutuma hari ibihinduka mu bihe vy'ako karere mu mezi ari imbere.

Ibiyaga mu bugaragwa bwa Sahara

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Iyo mvura y'isegenya yatumye hasigara ibiyaga mu bugaragwa bwa Sahara.

Ubumanuko bushira ubuseruko bwa Maroc ni kamwe mu turere tugadutse cane kw'isi kandi imvura igwa gake cane mu mpera z'ici.

I Tagounite, igisagara kiri ku 450km mu bumanuko bw'umurwa mukuru, Rabat, haguye imvura irenga 100ml (milimetero) mu masaha 24.

Abategekanya ibihe bavuga ko iyo mvura idasanzwe ari igihuhusi co haruguru no hepfo y'akarere k'imvura n'ubushuhe ( tempête extratropicale). Iyo mu kirere hari akabombera kenshi, bituma umuyagirizo wiyongera nawo ugatuma hongerekana ibihuhusi, nk'uko bisigurwa n'ikigo ca Maroc kijejwe ibihe.

Ayandi makuru ajanye n'ihindagurika ry'ibihe n'ubugaragwa
Amazi menshi mu bugaragwa bwa Sahara

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu, Iyo mvura idasanzwe iva ku kizwi nk'igihuhusi co hepfo no haruguru y'akarere k'ubushuhe n'imvura (tempête extratropicale)

Amasanamu y'ibigendajuru vya NASA yerekana ko ahahora ikiyaga kimaze imyaka 50 caragadutse, hagati y'ibisagara vya Zagora na Tata, ubu hongeye kwuzura.

Ku bw'ikigo c'isi kijejwe ibihe, OMM, inzinguzingu y'amazi kw'isi ubu iguma ihindagurika cane.

Ubugaragwa bwa Sahara mu kigwati ca Merzouga.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubugaragwa bwa Sahara mu kigwati ca Merzouga, mu bumanuko bwa Maroc, imbere y'iyo myuzure.

''Kubera ubushuhe bwiyongeye, inzinguzingu y'imvura n'ingene umuhisha w'amazi usubira mu kirere yarihuse'', bivugwa na Celeste Saulo, umunyamabanga mukuru wa OMM.

Mu gihe ibihe bidasanzwe bisigaye biba vyinshi kubera ukwiyongera kw'ubushuhe bw'ikirere, abahinga bagereranya ko ibihuhusi nk'ivyo bishobora kuzokwongera kuba muri Sahara muri kazoza.