Ifoto ya mbere y'umukuru wa Niger kuva atembagajwe ku butegetsi

Ahavuye isanamu, Tchad presidency
- Umwanditsi, Farouk Chothia
- Igikorwa, BBC News
Perezida yakombowe ku butegetsi muri Niger yabonetse ubwa mbere kuva abasirikare bamugize imbohe aho bamariye gutembagaza ubutegetsi bwiwe ku ndwi iheze.
Mohamed Bazoum yahuye n’umukuru wa Tchad Mahamat Idriss Déby Itno ku murwa mukuru wa Niger, Niamey.
Déby ari mu gikorwa co kugerageza gufasha gutorera inyishu ico kibazo co muri Niger inyuma y’aho ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko CEDAO/ECOWAS rihereye abatembagaje ubutegetsi ikiringo ntarengwa c’iminsi indwi kugira basubize ubutegetsi canke naho hakoreshwe inguvu za gisirikare.
Yanabonanye kandi n’umukuru w’ako kagwi kafashe ubutegetsi. Gen Abdourahmane Tchiani, umukuru w’urwego rwacungera umukuru w’igihugu, ku wagatanu yatangaje ko ariwe mukuru mushasha wa Niger.
Déby yavuze ko igikorwa ciwe c’ubuhuza kigamije kurondera ''inyishu y’amahoro y’ico kibazo kiriko kirashegesha'' Niger, igihugu gihana urubibe na Tchad.
Nta kindi yarengeje ngaho, ariko ibiro vyiwe vyasohoye ifoto yiwe ari yicaranye na Bazoum ariko aramwenyura.
Déby ubwiwe yashizwe ku butegetsi n’igisirikare inyuma y’aho se apfiririye ku rugamba rwo kurwanya ingabo zigwanya reta mu 2021.
Yarungitswe n’abategetsi ba CEDEAO, bavuze ku wamungu ko ako kagwi gafise indwi imwe kugira gasubize ubutegetsi umukuru w’igihugu yatowe.
Iryo shirahamwe ry’akarere ''rizofata ingingo zose zikenewe kugira hasubizweho ubutegetsi bushingiye kw’ibwiriza shingiro'' hamwe ivyo risaba bitokwubahirizwa.
''Izo ngingo zishobra kujamwo ikoreshwa ry’inguvu,'' kandi abategetsi b’ingabo vyari bitegekanijwe ko baca bahura ''ubwo nyene'' kugira bategure igikorwa [co muri Niger] nk’uko biri mw’itangazo.
Ako kagwi ntaco karavuga kuri ivyo bisabwa, ariko kararahiye ko kazokingira Niger ''agasomborotso'' k’ibihugu vy’akarere canke vy’iburengerazuba. Kagirije Ubufaransa bwahoze butwara gikoroni Niger gutegura igikorwa ca gisirikare [co gusubiza Bazoum ku butegetsi).
Ubufaransa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyompi birafise amakambi ya gisirikare muri Niger.
Ako kagwi kamenyesheje kandi ko gahagaritse ishorwa ry’ubutare bwa Uranium mu Bufaransa.
Iryo tembagazwa ry’ubutegetsi ryakabuye amakenga ko Niger, yari isanzwe ikorana cane n’ibihugu vy’iburengerazuba mu kurwanya intagondwa ziyitirira idini rya Islam muri Afrika y’Uburengero, ishobora guhindukirira ku Burusiya.
Ibihugu bibanyi vya Burkina Faso na Mali vyompi ubu vyitandukanije n’Ubufaransa, vyiyegereza Uburusiya, inyuma y’aho muri vyo naho habaye itembagazwa ry’ubutegetsi mu myaka iheze.
Ku wamungu, abantu bari mu myiyerekano hanze y’ubuserukizi bw’Ubufaransa i Niamey bashize mu majwi bavuga ngo ''Uburusiya Ramba'', ''Putin Ramba'' hamwe na ''Ubufaransa Ziiii'', nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubufaransa AFP.
Banaturiye impome z’urugo rw’ubuserukizi bw’Ubufaransa. Ubufaransa bwavuze ko butazokwihanganira igitero ku nyungu zabwo muri Niger, kandi ko buzosubiza ''mu buryo bw’ako kanya kandi atawe burinze kugisha inama'', nk’uko vyavuzwe mw’itangazo ry’ibiro vya perezida Macron.










