DR Congo: 'Ni bwo bwa mbere nirukanywe mu myaka 20 maze muri uno mwuga' – Sonia Rolley

Sonia Rolley

Ahavuye isanamu, CPJ

Insiguro y'isanamu, Sonia Rolley yarengukishijwe n'igipolisi kijejwe uruja n'uruza ku wa kabiri aca yurizwa indege y'i Paris

Reta ya Repubulika y’intwaro Rusangi ya Congo (DRC) yirukanye umunyamakuru Sonia Rolley akorera itororokanirizo ry’amakuru Reuters, inyuma y’aho yimiwe uruhusha rwo gukorera muri ico gihugu.

Reuters imenyesha ko mu kw’icenda, Sonia Rolley ari ho yandika asaba ko yokwemererwa gukorera muri ico gihugu kugira ngo ahagararire ibikorwa vya Reuters vyo kwegeranya amakuru muri Congo.

Ivuga kandi ko yanahawe uruhusha rwo gukurikirana amakuru ku nama yerekeye ibidukikije i Kinshasa mu kw’icumi mu gihe yari akirindiriye inyishu.

Ku wa kabiri, niho yahabwa urwandiko rumurengutsa ku biro vy’igipolisi bijejwe uruja n’uruza ku mugwa mukuru Kinshasa, akavuga ko baciye bamwaka igitabo ciwe c’inzira, baca bamwuriza indege ija i Paris iciye Addis Abeba.

Ashimira abamurungikiye ubutumwa bwo kumuhoza, Sonia Rolley avuga ati: "Ni bwo bwa mbere nirukanywe [mu gihugu] mu myaka 20 maze muri uno mwuga. Ndacatangajwe no kuba uno musi bimbayeko muri Congo inyuma y'iyi myaka yose maze nkora amakuru...".

Rolley avuga ko ata mpamvu yabwiwe yatumye hafatwa iyi ngingo.

Hagati aho, reta yoyo ivuga ko "dosiye yiwe yamutumye yisanga ari kubiri n’amategeko agenga abanyamahanga, rero yari abaye muri Congo mu buryo buteye kubiri n’amategeko".

Ishirahamwe rikingira abamenyeshamakuru, Comité pour la Protection des Journalistes (CPJ), rivuga ko “kwirukana Sonia Rolley ari ikindi kimenyetso c’uko uburenganzira bw’ukumenyesha amakuru muri DRC bubandanya bwononeraka”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Angela Quintal, umugenzuzi wa CPJ muri Afrika, avuga ati: “Abategetsi ba Congo bakwiye guhindura ingingo yabo yo kwirukana Rolley kandi bagahagarika ibikorwa vyose vyo guturubika abanyamakuru”.

Mw’itangazo ryacishijwe ku rubuga rwa Twitter, ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwa Congo buvuga ko ingingo yo kwirukana uyu munyamakuru ataho ihuriye n’ibijanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, ariko ko ari ingingo ijanye n’ubutegetsi.

Buvuga ko dosiye yiwe yihwejwe n’inzego zibijejwe zigasanga ntiyujuje ibisabwa n’amategeko, kandi ko iyi ngingo yamenyeshejwe uwo iraba hamwe n’ikinyamakuru camusabiye uruhusha rwo gukorera mu gihugu.

Reuters asanzwe akorera ivuga ko iriko irafasha Sonia Rolley mu gihe ikibandanya irondera insiguro mu butegetsi bwa Congo.

Mw’itangazo yasohoye ivuga iti: “Reuters izobandanya itangaza amakuru muri Congo mu buryo bwigenga kandi ataho yegamiye, nk’uko dusanzwe tubikora ahandi hose kw’isi”.

Amakuru avuga ko yurijwe indege adatwaye utwiwe, mbere ko n’igitabo c’inzira yagiye kugisubizwa ashitse i Paris mu Bufaransa.