DRC:'Imigwi yose yitwaje ibigwanisho itegerezwa gusubira mu bihugu vyayo' - EAC

Uhuru Kenyatta na Evarister Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi n'uwahoze arongoye Kenya Uhuru Kenyatta basaba imigwi yose y'abanyamahanga yitwaje ibigwanisho gusubira mu bihugu vyayo

Umuhuza w'akarere ko mu buseruko bwa Afrika EAC ku kibazo ca Congo, Uhuru Kenyatta na prezida Evariste Ndayishimiye arongoye iryo shirahamwe basavye ko imigwi yose yitwaje ibigwanisho iri muri RD Congo, isubira mu bihugu vyayo.

Ivyo biri mw'itangazo abo bategetsi babiri basohoye inyuma y'umubonano wabereye i Bujumbura mu Burundi ku mugwa mukuru w'Ubutunzi.

Iryo tangazo rigira riti: "Duhamagariye imigwi yose yitwaje ibigwanisho gusubira mu bihugu yaje ivamwo ata kindi gisabwe."

Prezida Ndayishimiye na Uhuru Kenyatta yahora arongoye Kenya, akaba ari na we yari yanatumyeko ibiganiro vya mbere vyaheruka guhuza reta n'imigwi igwana i Nairobi muri Kenya bashinze ko hagiye kuba iyindi nama itariki 16 z'ukwezi kwa cumi na rimwe 2022.

Muri nama, ngo hazoba hatumiwe abantu bose bafise aho bahurira n'umutekano muke urangwa mu buseruko bwa RD Congo, harimwo n'abarongoye abandi mu mibano (Chefs traditionnels).

Mu nama yaheruka kubera i Nairobi, yahuze ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe rya EAC, hari hashinzwe ko ibihugu vyose bigize iryo shirahamwe birungika ingabo zija kugwanya imigwi yitwaje ibigwanisho igisibije mu buseruko bwa Congo.

Gushika ubu Uburundi, Kenya na Uganda ni vyo bimaze kurungikayo abasirikare.

Muri uwo mubonano w'abo bategetsi babiri, bateye akamo ibindi bihugu kunyarutsa kurungika abasirikare babo.

Uwo mubonano wabaye mu gihe prezida Etienne Tshisekedi wa Congo yaraye ashikirije ijambo abanyagihugu, aho yahamagariye urwaruka kwifatanya n'igisirikare kugwanya Urwanda.

Yagize ati: "Mu kwishura kuvyo urwaruka rusaba, ndabahamagariye kwiyegeraniriza mu migwi yo gukizura mu ntumbero yo gushigikira no gufasha igisirikare mu kurangura amabanga yaco ahambaye.

"Aka ni na ko karyo ko kugabisha ibihemu, vyaba mu gisirikare canke abasivile bifasha umwansi, bazokurikiranwa hisunzwe amategeko, baronke igihano kijanye n’iyo nyifato.

"Mu gusubiramwo gushimangira akamo nteye urwaruka rufise uwo muhamagaro, ndabasavye kwitaba ako kamo ari benshi."

Uhuru Kenyatta na Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri uwo mubonano w'abo bategetsi babiri, bateye akamo ibindi bihugu kunyarutsa kurungika abasirikare babo

Yagirije kandi Urwanda kwikika inyuma y'ivyitwazo ata ho bifatiye vy'uko FARDC ishigikiye umugwi w'abagwanyi b'abanyarwanda bari mu buseruko bwa Congo FDLR mu gushaka kwigarurira igihugu ciwe.

Yagize ati:"Mu kwikika inyuma yo kwitwaza ko FARDC ishigikiye FDLR, Urwanda muvyo ukuri rugenzwa n’agatima ko kwigarurira ikindi gihugu, rugamije kudutwara ubutare bwacu.

"kugira rero bishoboke rutera akajagari mu buseruko bwa Congo, kugira ntiharangwe amahoro gutyo babandanye gukora ubwicanyi."

Urwanda ruguma ruhakana ko ata ruhara rufise mu ntambara iriko irahuza abasirikare ba Congo n'umuhari witwaje ibigwanisho wa M23, uherutse kwigarurira uturere twinshi two mu karere ka Rutshuru harimwo n'umugwa mukuru waho uri ku birometero 70 uvuye i Goma, umugwa mukuru wa Nord Kivu.