Kenya yarungitse ingabo 1.000 muri DR Congo

Umukuru w'igihugu ca Kenya mu birori vyo gushikiriza ingabo ibendera ry'igihugu ku wa gatatu 02/11/2022
Insiguro y'isanamu, Prezida Willian Ruto yashikirije ibendera ry'igihugu ingabo zigiye kurungikwa muri RDC mu birori vyabereye ku murwa mukuru Nairobi

Habaye ibirori vyo kurungika abasirikare hafi 1.000 ba Kenya mu ngabo z’akarere zigamije gufasha kugarukana amahoro muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo - RDC.

Ico gihugu kimaze imyaka myinshi gihungabanywa n’imigwi yitwaje ibigwanisho na cane cane mu buseruko bushira uburaruko bwaco.

Umwe muri iyo migwi, M23, muri aya mezi make aheze wigaruriye igice kitari gito ca Rutshuru mu ntara ya Kivu ya ruguru harimwo igisagara ca Bunagana ku mupaka Congo ihana na Uganda.

Mu mpera z’iyi ndwi naho, M23 yafashe umurwa mukuru wa Rutshuru nyene, Kiwanja n’ikambi ya gisirikare ya Rumangabo.

Ashikiriza ijambo iyo batayo ya Kenya igiye kurungikwa muri Congo, prezida wa Kenya Willian Ruto yavuze ko imigwi yitwaje ibigwanisho n’abandi yise “abakozi b’iterabwoba” badashobora kwemererwa kubuza akarere gushika kw’iterambere.

Abasirikare

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kenya kiri mu bihugu bifise igisirikare gikomeye mu karere

Nta munsi nyezina wavuzwe w'aho izo ngabo zizoshikirayo n'igihe zizomara muri ubwo butumwa.

Hisunzwe amasezerano yashitsweko mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa y’Ubuseruko, EAC, izo ngabo zigamije gufasha guhagarika ibitero vy’umugwi wa M23.

Izo ngabo za Kenya zisanzeyo iz’Uburundi zamaze gushikayo, hamwe n’izizova muri Sudan y’Epfo na Uganda.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko Uganda yari isanzwe ifiseyo ingabo zagiye kugwanya umugwi ADF uturuka muri Uganda nyene ariko umaze imyaka uhungabanya ubuseruko bushira uburaruko bwa Congo.

Ingabo z'Uburundi ziri mu ntara ya Kivu y'Epfo mu gihe iza Kenya nazo zizoba zifise icicaro gikuru mu gisagara ca Goma, umurwa mukuru w'intara ya Kivu ya ruguru, ari nayo imaze amezi irangwamwo intambara ikaze hagati y'ingabo za reta n'iza M23.

Igikorwa ca mbere c’izo ngabo za Kenya kizoba ari ukugaruza igisagara ca Bunagana cafashwe na M23 mu kwezi kwa Ruheshi (6).

Muri kahise, umugwi M23 wagiye uravuga ko udatinya izo ngabo z'akarere kandi ko uzokwivuna mu gihe woterwa.

Ubu ni bwo bwa mbere umuryango wa EAC urungitse ingabo mu gihugu kiri muri uwo muryango.

Muri Congo hasanzwe ingabo za ONU zihamaze imyaka 20 ku butumwa bwo gufasha kugarukana amahoro.

Ariko abanyagihugu bidoga ko muri ico gihe cose ata mahoro baronse ku buryo mbere hamaze kuba kenshi imyiyerekano yo gusaba ko zikura akarenge.