Korea ya Ruguru yasubiye kurekura icikekwa ko ari igisasu ca misire cambukiranya imigabane

Imboneshakure ya Korea y'Epfo yerekana icikekwa ko ari igisasu ca ICBM carashwe kuri uno wa mbere

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Imboneshakure ya Korea y'Epfo yerekana icikekwa ko ari igisasu ca ICBM carashwe kuri uno wa mbere
    • Umwanditsi, Na Jean Mackenzie
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'i Seoul

Korea ya Ruguru yarashe icikekwa ko ari igisasu ca misire cambukiranya imigabane, kikaba cari ica kabiri kirekuwe mu masaha make.

Ibi bibaye inyuma y’inama yahuje abategetsi bajejwe kwivuna abansi ba Korea y’Epfo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ndwi iheze mu ntumbero yo gusubiramwo integuro zo kwishura igitero ca nikleyeri cova muri Korea ya Ruguru.

Mu kwihora, Korea ya Ruguru yavuze ejo ku wa Mungu ko izofata “ingingo zindi zo kwivuna”.

Mw’ijoro rya nijoro ku wa Mungu, Korea ya Ruguru yarashe igisasu ca misire kiraswa ku ntera ngufi, hanyuma mu gatondo ko kuri uno wa mbere naho irasa iki gisasu cambukiranya imigabane.

Abategetsi ba Korea y’Epfo n’ab’Ubuyapani bavuga ko babonye ico gisasu ca misire kirashwe i Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) isaha zibiri n’iminota 24 z’agatondo mu masaha yo muri ico gihugu (ni kukuvuga isaha indwi n’iminota 24 z’ijoro mu masaha ya Gitega na Kigali).

Iki gisasu cagenze iminota 73, kikaba cageze ku ntera y’ibirometero 1000 imbere yo kugwa mu nyanja mu burengero bw’igisagara ca Hokkaido (co mu Buyapani).

Ibi bisasu biraswa kure, bizwi nka ICBM, bishobora gushika ku butaka bwa Amerika. Mu gihe vyokwemezwa ko iki gisasu carashwe kuri uno wa mbere ari ico mu bwoko bwa ICBM, coba kibaye ica gatanu nk’ico kirashwe na Korea ya Ruguru muri uno mwaka.

Icuka kibi cariyongereye hagati ya Korea ya Ruguru n’iy’Epfo mu kwezi guheze igihe Pyongyang irungikiye ikigendajuru mu kirere ihonyanze ibihano yafatiwe na ONU.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Korea y’Epfo nayo yaciye yihora mu guhagarika vy’agateganyo amasezerano ya gisirikare ifitaniye na Korea ya Ruguru yari afise intumbero yo kugabanya imishamirano hamwe n’ibikorwa vya gisirikare ku rubibe bihana.

Mu nyuma, Pyongyang nayo yaciye yikura muri ano masezerano burundu. Kuva ico gihe, Korea ya Ruguru yaciye iha ibirwanisho abasirikare bayo imbere y’aha batari babifise mu duce turi muri ka karere katagira ibikorwa vya gisirikare (Zone démilitarisée/Demilitarised Zone) kagabura ibi bihugu vyompi.

Mu ndwi iheze, umuhanuzi wa Korea y’Epfo mu vyo umutekano Kim Tae-hyo yavuze ko yari yiteze ko Korea ya Ruguru irekura igisasu ca ICMB umwanya n’umwanya muri uku kwa Kigarama (12).

Korea ya Ruguru yaheruka kurekura igisasu ca ICBM co mu bwoko bwa Hwasong-18 mu kw’indwi, imbere y’aho ikaba yari iherutse kurekura nk’ico nyene mu kwa kane.

Iriko kandi irahingura ikindi gishasha kiraswa ku ntera igereranye. Mu kwezi guheze yavuze ko yagerageje imoteri yaco, ariko igisasu nyezina kikaba kitarageragezwa.

Mu gihe Korea ya Ruguru ibandanya ihingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, Korea y’Epfo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika biriko vyongereza umurindi mu bikorwa vyavyo vyo kurinda aka karere.

Mu nama i Washington (umugwa mukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika) ku wa gatanu, abategetsi b’ibi bihugu barabiye hamwe integuro zabo zo guhangana n’igitero ca nikleyeri ca Korea ya Ruguru.

Ibi bihugu kandi vyumvikanye kuzokora imyimenyerezo yo kwigana intambara hakoreshejwe ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara mu myimenyerezo ya gisirikare yavyo mu ci riza.