Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu Misiri banyonze umugabo yishe umukobwa yanse ko bubakana
Abajejwe intwaro mu Misiri banyonze umugabo yari yarahamwe n’icaha co kwica umunyeshure bigana kuri kaminuza mu mwaka uheze amuhoye kwanka ko bubakana.
Video yerekana Mohamed Abdel atera imbugita Nayra Ashraf agaca amukerera izosi mu kwezi kwa Ruheshi (6) kw’umwaka uheze hanze ya Kaminuza ya Mansoura, aho bombi biga, yarakwiragijwe hose.
Iyo video yarateje icoba kuko ubwo bugizi bwa nabi bwavyuye ikiyago ku mabi akorerwa abagore.
Abdel yaciriwe urubanza runyaruka aca ahamwa n’icaha co kwica yabiteguye.
Kunyonga impfungwa mu Misiri mu bisanzwe biba mu kiringo c’imyaka ine nyuma yo guhamwa n’icaha, ariko mu rubanza rwa Abdel, ubushinjacaha bwasavye ko inyongwa ryiwe ryonyarutswa.
Se wa madamazera Ashraf yavuze yuko naho inyongwa ry’uwishe umukobwa wiwe ritaza kumugarukana, ngo habonetse ubutungane.