Hong Kong yanse kwubahiriza ibihano ku bwato bw'Uburusiya buri ku kivuko cayo

Hong Kong yavuze ko itazofata ubwato bw'umugwizatunga w'Uburusiya yafatiwe ibihano n'ibihugu vy'iburengerazuba.

Umunyamabanga mpuzabikorwa John Lee yavuze ko Hong Kong ishobora kubazwa kurenga ku bihano vyafashwe na UN/ONU ariko itobazwa "ibihano vyafashwe" n'ibihugu ku giti cavyo.

Ubwo bwato buciye amadolari agera ku miliyoni 521 n'ubwa Alexei Mordashov, yegereye cane prezida Vladimir Putin w'Uburusiya, akaba ari n'umwe mu bantu batunze cane muri ico gihugu.

Ubwato bwiwe bwashitse muri Hong Kong mu ndwi iheze buvuye mu Burusiya.

Ariko vyibazwa ko Mordashov atari muri bwo. Uwo mugwizatunga yarafatiwe ibihano na Amerika, Ubwongereza n'ubumbwe bwa Buraya EU inyuma y'aho Uburusiya butereye Ukraine mu ntango z'uyu mwaka.

Ariko reta ya Hong Kong yavuze ko ivyo bihano bitayiraba. Mu kiringo hafi c'indwi yose, ubwo bwato bw'igitangaza bufise amagorofa menshi buragaragara neza ku kivuko ca Victoria, buhungabanako ibendera y'Uburusiya.

Amerika, Ubumwe bwa Buraya n'Ubwongereza barafatiye ibihano abarusiya amajana n'amajana hamwe n'urudandazwa rwabo. Ubushinwa ariko bwagumanye ubucuti n'Uburusiya bukaba butanigeze bwiyamiriza ingingo y'ico gihugu yo gutera Ukraine.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Amerika yagize ati: "Ukumenyekana neza kwa Hong Kong nk'ihuriro mu vyerekeye ubucuruzi kuvana n'ingene yitwara ku vyerekeye kwubahiriza amategeko mpuzamakungu. Gushobora gukoreshwa kwa Hong Kong nk'ubuhungiro bw'abantu bafatiwe ibihano n'ibihugu bitandukanye bituma haba ibibazo ku gukorera ku mugararo ibijanye n'urudandazwa."

Ntibiramenyekana umwanya ubwo bwato buzomara mu mazi ya Hong Kong.

Umuvugizi wa Mordashov yabwiye Bloomberg News ko uwo mugwizatunga ari i Moscou. Imbere y'uko intambara ya Ukraine yaduka, ni we yari umutunzi wa mbere mu Burusiya, nk'uko bivugwa na Forbes, aho ubutunzi bwiwe bwashika miriyaridi 29,1 z'amadolari yakuye ahanini mu rudandaza rw'ivyuma vya 'acier' na kompanyi yimba ubutare ya Severstal.

Ubwo bwato bwo gutemberamwo bwitwa Nord bizwi ko ari bwo bunini cane. Ku metero bufise zishika 141 buruta ikibuga c'umupira w'amaguru kandi buvugwa nka bumwe mu bwato bwiza cane kw'isi, nk'uko bivugwa na Forbes.

Uwo mugwizatunga aramaze gutakaza bumwe mu bwato bwiwe buto bw'imetero zirenga 65 bwitwa Lady M, kubera ibihano mu kwezi kwa gatatu, inyuma yo gufatwa n'igipolisi c'Ubutaliyano ku kivuko ca Imperia.

Amato menshi y'abagwizatunga b'abarusiya yarafashwe canke yankirwa kwinjira mu bivuko vya Buraya kubera ibihano Uburusiya bwafatiwe bivuye ku ntambara ya Ukraine.

Ivyo vyatumye ayo mato ahungira mu turere two kw'isi haboneka ko ivyo bihano vya Buraya bidashobora kuyashikira, cane cane mu bivuko vyo muri Aziya, Turkia na Caraïbes.