Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuji wa Sfax muri Tunisia "warengewe" n'impfu z'abimukira bagwa mu mazi
Umwe mu bajejwe ivy’amagara mu gihugu ca Tuniziya yagabishije yuko ububiko bw’ibiziga/imirambo mu muji wa Sfax buriko burarengerwa kubera igitigiri kinini c’abimukira bapfa basomye nturi.
Abo bimukira baba bari mu mato abajanye mu gihugu c’Ubutaliyano mu buryo bw’amagendo, hanyuma akarohama.
Sfax ni co kibanza nyamukuru aho abimukira buririra amato yazanywe "n’abakora urudandaza rw’abantu".
Umuyobozi ajejwe ivy’amagara ku rwego rw’intara yavuze ko ivyumba bikanye babikamwo ibiziga ku bitaro binini kurusha ibindi muri uwo muji ubu bimaze kurengerwa.
Mu ndwi nkeyi ziheze, igitigiri c‘abantu – barimwo n’imiryango – bagerageje gufata urwo rugendo rwo kwigerezako bavuye muri Tuniziya, cariyongereye cane.
Mu ndwi iheze, abantu baharurirwa muri za mirongo barasomye nturi igihe bumwe mu bwato bwarohama buriko buragerageza kujabuka.