Ukraine ivuga ko yakoroye indege ya maneko A-50 igira kabiri y’Uburusiya mu mayinga make

Indege yo mu bwoko bwa A-50 mw'idefire ya gisirikare ku mugwa mukuru w'Uburusiya Moscou mu 2019

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Indege yo mu bwoko bwa A-50 mw'idefire ya gisirikare ku mugwa mukuru w'Uburusiya Moscou mu 2019
    • Umwanditsi, Na Phelan Chatterjee
    • Igikorwa, BBC News

Ukraine ivuga ko yakoroye indege A-50 ya gisirikare ikoreshwa muri maneko – indege igize kabiri ikorowe mu kwezi kurenga gato.

Iyi ndege yarasiwe hagati y’ibisagara vy’Uburusiya vya Rostov-on-Don na Krasnodar, nk’uko amasoko yo mu gisirikare ca Ukraine abivugwa, ku birometero 200 uvuye ku rwasiro.

Uburusiya ntaco buravuga kuri ibi. Kuri uno wa gatandatu, igenekerezo rya 24, imyaka ibiri irarumanye neza neza kuva Uburusiya butanguje intambara yeruye kuri Ukraine.

Umukuru w’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere Mykola Oleshchuk arashimira ingabo ziwe hamwe n’igendereza rya gisirikare kubona bafashije gukorora ino ndege – indege y’intambara ishobora kubona ibiri kure cane kandi ikabona n’ama-radar - ejo ku wa gatanu, anavuga ko iki gitero cahuriranye n’umusi ukomeye w’akaruhuko mu gisirikare c’Uburusiya.

"Turabakeje mwebwe mwigaruriye ubutaka bwacu kuri uno musi muriko muhimbaza umusi wahariwe Umurwanizi w’igihugu”, niko yanditse kuri Telegram.

Videwo yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana igihe indege isa n’iyari irashwe mu kirere, hamwe n’urubeya rw’umuriro runini n’ivyotsi vyinshi vyirabura iyi ndege imaze gukoroka.

Mu nyuma, abajejwe ubutabazi ba Krasnodar batangaje ko hari indege yakorokeye hafi y’ikigwati ca Trudovaya Armenia mu karere ka Kanevskoy kandi ko umuriro wadutse wazimijwe. Nta zindi nsiguro batanze.

Hagati aho, hari umuhora w’igisirikare c’Uburusiya wo ku rubuga rwa Telegram wanditse ko iyi ndege yakorotse inyuma yo kuratswa n’igisasu ca bagenzi babo. Uno muhora Fighterbomber wanditse uti: "Muri uno mwanya ntibiramenyekana uwayirashe".

Amakuru yari aherutse gutangazwa n’ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi yavuga ko Uburusiya bushobora kuba buriko bukoresha indege zitandatu za A-50.

Ihingurwa ry’ino ndege ikoreshwa mu kubona ahari ibirindiro vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere ikanahagararira ibitero vy’indege z’Uburusiya, rishobora gutwara amamiriyoni amajana n’amajana.

Ukraine imaze imisi yinanata kugira ngo itere intambwe ziboneka ku ngabo z’Uburusiya mu bumanuko bushira ubuseruko.

Mu gitero gisa n’iki co mu kwezi guheze, abategetsi ba gisirikare ba Ukraine bavuze ko indege Il-22 yo gutanga amategeko y'ingwano yasambuwe, hamwe kandi n’iya A-50.

Mu yandi makuru:

  • Umuntu umwe yaraye yishwe abandi batatu barakomereka mu gitero c’indege y’Uburusiya itagira umudereva (drone) ku kivuko ca Odesa kiri mu bumanuko bwa Ukraine ku kagoroba k’ejo ku wa gatanu, nk’uko bivugwa n’abategetsi b’akarere
  • Umutegetsi wo hejuru mu gisata c’umutekano agabisha ko Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ashobora kugerageza kurangiza ikibazo ca Ukraine imbere y’amatora ya Amerika yo muri Munyonyo, mu kwigarurira utundi turere no mu guhungabanya igihugu
  • Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak avuga ko igihugu ciwe citeguriye gukora “ibishoboka vyose” mu gufasha Ukraine kwirwanako
  • Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa avuga ko "Ukraine iriko irwanira ukubaho kwayo, agateka kayo, Ubulaya bwacu. Inshingano zacu ku ruhande rwayo ntizizokwigera zihungabana"
  • Mu gaturuturu ko kuri uno wa gatandatu, haravugwa ibiturika hamwe n’umuriro ku ruganda rw’icuma ahitwa Lipetsk, mu burengero bw’Uburusiya, aho buramatari yavuze ko vyatewe “n’indege yakorotse”.