Ubushinwa bwaguze ubuhinga bwa Bulaya bwo guhingura imodoka ziguruka

Insiguro ya video, AirCar: Raba ingene iyi modoka yihindura hanyuma ikaguruka
    • Umwanditsi, Na Zoe Kleinman
    • Igikorwa, Umwanditsi mu vyo ubuhinga

Ubuhinga bukoreshwa mu gukora imodoka iguruka yahinguriwe ikongera ikageragezwa ubwa mbere i Bulaya, bwaguzwe n’ikompanyi y’Ubushinwa.

Ino ndege AirCar ikoresha imoteri ya BMW (uruganda rw'imodoka rwo mu Budagi) ikanywa igitoro gisanzwe, yagurutse mu kiringo c’iminota 35 hagati y’ibibuga vy’indege bibiri vyo muri Slovakia mu 2021, ikoresha amabarabara indege zikoresha mu kuguruka no mu kugwa.

Vyafashe iminota irenga ibiri kugira ngo ino modoka ihinduke ibe indege.

Ubu imodoka zizokorwa hakoreshejwe ubu buhinga zizokoreshwa mu “karere kihariye k’Ubushinwa”.

Ikompanyi Hebei Jianxin Flying Car Technology Company, ifise icicaro ahitwa Cangzhou, yaguze uburenganzira yiharije yonyene bwo guhingura no gukoresha ino modoka iguruka AirCar hagati mu karere katatangajwe.

Ino kompanyi yarubatse ikibuga c’indege cayo n’ishure ryigisha kugendesha indege inyuma yo guhabwa uburenganzira n’iyindi kompanyi ya Slovakia ihingura indege, nk’uko bivugwa na Anton Zajac, ari mu batanguje KleinVision, ikompanyi yahinguye AirCar.

Inyuma yo gufata iya mbere mu guhingura imodoka zikoresha umuyagankuba, Ubushinwa ubu bwakobeje mu guhingura uburyo bwo kwiyunguruza mu kirere.

Mu kwezi guheze, ikompanyi yitwa Autoflight yagerageje indege yunguruza abantu itagira umudereva (drone) hagati y’ibisagara vya Shenzhen na Zhuhai. Uru rugendo mu bisanzwe rufata amasaha atatu n’imodoka rwafashe iminota 20, nk’uko ino kompanyi ibivuga, n’ubwo ino drone ata ngenzi yari itwaye.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni mu gihe mu 2023 abategetsi b’Ubushinwa bahaye impapuro ikompanyi yo muri iki gihugu, eHang, zemeza ko indege zayo za tagisi (taxi) ziguruka ata ngorane zifise.

Aha, Ubwongereza buvuga ko taxi ziguruka zishobora kuzoba ari ikintu gikoreshwa mu buryo busanzwe mu 2028.

Ariko mu buryo butandukanye n’izi ndege zitagira abadereva zunguruza abantu, AirCar ntihaguruka ngo iduge mu kirere canke ngo imanuke ihagarare itabanje kwiruka hasi, rero ikenera ibarabara.

KleinVision ntiyashimye kuvuga igiciro yagurishijeko ubu buhinga. AirCar yahawe uburenganzira bwo kuguruka n’ikigo ca Slovakia kijejwe gutwara abantu n'ibintu (Slovak Transport Authority) mu 2022 ikaba yagiye kuboneka mu kirere muri videwo isohowe n’uwitwa Beast asanzwe akoresha urubuga rwa Youtube, mu ntango z’uno mwaka.

Haracari intambanyi zitari nke kuri ubu buryo bwo gutwara abantu n’ibintu mu bijanye n’inyubako (z'aho izo modoka zizogurukira n'aho zizogwa), amategeko agenga ingene zikora hamwe n’uko abanyagihugu biyumvamwo ubu buhinga.

Umujenama mu vy’indege, Steve Wright, agira ati: "Ubu buryo bushasha bwo gushiruka ubute mu bijanye no kwiyunguruza ni impinduka zikomeye.

Utwigoro tw’amakungu mu kugerageza kugenzura iki gisata twatumye “bose bihata mu gukora bikarangira hadutse ibindi bibazo vyinshi bikeneye inyishu”.

"Muri uru rwego kahise k’Uburengero gashobora rimwe na rimwe gutevya ibintu, kuko hasanzwe hari ingendo yo gushaka kugerageza gushira izi mashini nshasha mu za kera”, nk’uko Wright abivuga. “Ubushinwa bushobora gufata ibi nk’akaryo keza ko gutera intambwe imbere y'abandi”.

Impungenge nk’izi zarigeze kuhaba ku modoka zikoresha umuyagankuba – aho Ubushinwa bwaciye bufata iya mbere kw’isoko mpuzamakungu.

Igurishwa rya AirCar rishobora gutuma haba abibaza nimba Ubushinwa butoba bwiteguye gukora nk’uko bwakoze kuri zino modoka zigurka.

Wright avuga ko uburorero bw'ibizoba imodoka ziguruka nka Aircar buteye ''igomwe kuraba'', ariko ko mu buzima bwa minsi yose zishobora kutujana mu vyo tumenyereye ''vy'imirongo y'abantu no gusuzuma imizigo n'ibindi nk'ivyo''.