Fally Ipupa arasaba aba 'diaspora' ba Congo kutabangamira ibiteramo vyiwe

Fally Ipupa ni umwe mu bahanzi bamenyekanye cane muri Republika ya Demokarasi ya Congo.

Ururirimbo rwiwe ‘Un Coup’, rurimwo Dadju, Umunyecongo afise akabira k’abafaransa, rwarabwe incuro zirenga miliyoni mirongo umunani (80.000 000) kuri YouTube, kandi ibiteramo vyiwe bikwega abafana benshi.

Abenshi bari bahahamiye kumubona mu giteramo mu mugwa mukuru wa Congo Kinshasa mu mwaka uheze aho ikibuga citiriwe incungu (Stade des Martyrs), cakubise kikazima, abantu bagacanako.

Icegeranyo ca mbere ca Leta cavuga ko abantu 11 bahasize ubuzima.

Kubwa Fally Ipupa, ndetse n’umunyamakuru wa BBC i Kinshasa, igiharuro ntabanduka nticigeze kimenyekana.

Iki si co giteramo ca mbere ca Fally Ipupa cagiye mw’itangazamakuru.

Igihe yaja kuremesha igiteramo mu Bufaransa mu 2020, habaye imigumuko hanze y’ikibanza caberamwo igiteramo I Paris, abari mu myiyerekano baturira amapikipiki n’utugunguru two gutamwo imicafu.

Ivyo vyose vyari bishingiye kuri politike.

Mu kiringo c‘imyaka nka 10 ishize, abanye congo baba mu mahanga (diaspora) bagerageje kuburizamwo abanyamuziki bo muri Congo kuremesha ibiteramo mu bihugu vya Bulaya, mu nzira yo kwerekana ko bateye kubiri n‘abanye politike bo muri ico gihugu.

Barega ivyamamare vyo mu gihugu iwabo, ko begereye cane ubutegetsi, kandi ko bananiwe kugira ico bavuga mu kwiyamiriza amabi akorerwa muri RD Congo.

Rero iki ni igihe gikomeye kuri Fally Ipupa, kubona ubwa mbere mu buzima bwiwe nk’umunyamuziki, agiye kuzoremesha igiteramo i London.

Igiteramo ciwe citezwe mu kwezi kuza kwa 12, igihe muri RD Congo bazoba bari mu matora.

Uyu munyamuziki w’imyaka 45, n’abamufasha gutunganya ibiteramo, bavuga ko bumvikanye n’imigwi y’abanye congo badakunze gushoka batahura vuba, akaba yiteguye kuremesha ibiteramo no mu miji ya Paris na Brussels.

Agira ati: “Benshi muri kino gihe barabizi ko ntaja mu bintu vya politike, Ndi umunyamuziki gusa kandi barabonye ko udashobora guhana umwana wawe ubuzima bwiwe bwose”.

Ipupa arategera abanse kuja mu biteramo vyiwe ariko kandi avuga ko yumva igihe kigeze co kurengera ivyabaye muri kahise ka politike, bagashigikira igisata c’umuziki wa Congo.

Ati: “Ndemera ko hari ivyariko biraba muri politike bitari bimeze neza muri Republika ya Demokarasi ya Congo, kandi narababwiye kuva kera ko ntahura bumwe mu butumwa abaja mu myiyerekano bashaka gushikiriza, no kwereka abantu”.

Abandanya avuga ko ubu ariko, igihe cageze co kuvuga ati "emwe bantu raba, abacuraranzi barahanywe bihagije, umuco wa Congo waracinyijwe, harageze ko twereka isi ko dufise umuziki mwiza, kandi mwiza cane”.

Ku bwiwe abona ko umuziki wa Congo wahuye n’ivyago, ugatakaza ikibanza cawo mu bihugu vya Bulaya, ugasubirirwa n’uwo muri Nigeria, Ghana na Jamaica.

Abacuraranzi ba Afrobeats bo muri Nigeria ngo ni bo usanga buzuye mu bibanza bikomakomeye vyahora vyuzuzwa n’abacuraranzi bo muri Congo mu myaka icumi ishize. Ariko afise icizere ko ivyo bishobora guhinduka.

Arangiza agira ati: “Umuziki wa Congo ni umwe mu miziki myiza kandi irimwo ubutunzi bukomeye. Dufise abacuraranzi benshi kandi bafise impano, rero hamwe benewacu bari I Bulaya bogira bati ‘nta muziki wa Congo uzosubira kuzibirwa ku mugabane wa Bulaya’, nta nkeka ko tuzogarura ikibanza cacu twahorana mu makungu”.