Amabi hagati y'abubakanye: Kubera ishari, umugore yaturiwe n'umugabo bavanye

Hari itariki 8 Nyakanga (ukwezi kw'icenda) mu 2018, ku wa gatanu. Umumenyeshamakuru Marciane Pereira Dos Santos w'imyaka 36, ico gihe, yashitse arushe avuye ku kazi, ari kumwe n'abana biwe babiri b'imyaka ibiri n'itanu.

Imbere yo kwinjira mu nzu yabamwo, muri kartiye ya Jardin Tropical, i Serra, yegerewe n'umugabo bahorana, bari bamaze amezi atatu bahukanye inyuma y'imyaka indwi bubakanye, biturutse mu guturubikwa.

Kubera ukubabazwa n'ukuba baravanye, ariko bakabandanya baba kw'ibarabara rimwe, uwo mugabo yashatse ko Marciane amuha insiguro aho amenyeye ko yatanguye kugendana n'uwundi mugaabo.

Kugira yirinde gutangura gushwana n'uwahora ari umugabo wiwe abana babona, uwo mumenyeshamakuru yaciye aja kubabitsa ku mubanyi.

"Ntashe iwanje, nasanze andindiriye imbere y'inzu duca dutangura gushwana. Yaciye anyegera afise imbugita, aca ansukako umuti aca arandomeka. Sinaronse n'umwanya wo kugira ico nkoze, ico nibuka gusa ni uko nabonye urubeya rurabije umubiri wanje uca utangura kwaka", nk'uko avyibuka.

Amezi atanu mu bitaro

Marciane Pereira yibuka ko yaciye agwa hasi atangura kwikumbagaza mw'ibarabara rya kaburimbo kugira arabe ko imbeya zozima. Haheze akanya bumva amaborogo, ababanyi baragerageje kumufasha mu gusuka mu kumusukako amazi.

Uwo mugore yarahiye ku rugero rwa kabiri n'urwa gatatu mu maso, kw'izosi, umutumba, amaguru n'amaboko. Umubiri wiwe warahiye gushika hafi ku 40%.

Ati: "Muri ico gihe cose nagumanye ubwenge, kandi nta kindi niyumvira atari abana banje".

Kubera ubushe bukabije, Marciane yamaze muri koma (coma) amezi atatu, mw'ivuriro ry'abaremvye cane aho yari hagati y'ubuzima n'urupfu. Amaze kwikangura, yongeye amara ayandi mezi abiri naho nyene aremvye.

Uwo mumyenyeshamakuru yabazwe incuro 18 hanyuma aracibwa ukuguru kw'i bubamfu kubera ubushe bukabije, ubu akaba asigaye yiyunguruza n'ikinga ry'abagendana ubumuga (fauteuil roulant/wheel chair).

Asigura ati: "N'ubu ndacarindiriye kubagwa kugira basanasane neza izuru, umunwa n'amatwi vyanje.

"Aho sinvuze ivyo ntegerezwa gukorerwa ku maboko n'ibiganza kugira nongereze ukwikomakoma kuko gushika ubu ndabishobora buke buke cane. Nari kuba namaze kubagwa ukuboko, ariko umunsi vyategerezwa kuba, naciye ngwara Covid-19, gushika ubu nkaba ntarasubira gushobora kubishira kuri gahunda".

"N'ubwo umubiri wanje wahindutse, sinigeze ngira ingorane zo kwiraba mu cirori. Ingorane nyamukuru mfise, ni ubumuga bw'umubiri bwatewe n'ico caha, na cane cane ingorane zo kwitaho abana banje", nk'uko abandanya avuga.

Marciane ni nyina w'umuhungu w'imyaka itandatu, umuhungu w'umugabo yamuturiye, n'umukobwa w'imyaka icenda.

Ikibi cavuye kw'ihari

Ico caha kimaze kuba, uwo yahoze ari umugabo wa Marciane yarasfashwe n'igiporisi hanyuma avuga ko ivyashitse vyatewe n'ishari. Mu kwezi kw'umunani uwo mugabo yaraciriwe urubanza ahanishwa gupfungwa imyaka 32.

Urubanza rwamaze amasaha arenga umunani mu ntahe yari igizwe n'abantu indwi, abagabo bane n'abagore batatu. Marciane niho yari ari kugira arabane imbona nkubone n'uwahoze ari umugabo wiwe ubwa mbere kuva ico caha kibaye.

"Igihe namubona naramubajije niba yibuka ingene twari twavanye hanyuma avuga ko atavyo azi. Cari igihe kibabaje cane. Kandi naho nari nzi ko bitazokworoha na gato, nibaza ko tutari twigeze twitegurira bene ivyo bihe", nk'uko uwo mumenyeshamakuru avyibuka.

Ku bw'uwo mugore, bagitangura kubana, uwo mugabo yari umuntu w'igikundiro kandi yari umuntu atuje. N'ubwo atari yarigeze ahutazwa ku mubiri imbere y'ico caha, Marciane avuga ko uko umwanya wahaca, umugabo yatanguye inyifato yo kurondera kumwihariza no kumuturubika.

"Yaramvuma, agatorogana ariko nkamwemera kuko namukunda (...) Vyari ibihe vy'ishavu, sinabifata nko nkunturubika. Abantu bavuga ko atari vyiza. Ariko vy'ukuri sinabona ibiriko biraba mu buzima bwanje. Nico gituma bikenewe kwumviriza abantu barabira ubuzima bwanyu hanze, kuko barabona ibiriko biraba hatagiyemwo kubirabisha amaso y'urukundo", nk'uko avuga.

Mu gihe atagishoboye gukora, Marciane akoresha umwanya wiwe wose mu kwitaho abana biwe no gufasha abandi bagore bahura n'amabi yo mu ngo canke babayeho bafatwa ukutari ko.

Gusubira kwibaza ko ibintu bizohinduka

Marciane asigura ati: "Ndemesha amanama ku mabi yo mu ngo, nkavugana n'abagore bahanzwe n'ibisana n'ivyo naciyemwo hanyuma ngakoresha imbuga hwaniro kugira nkangurire abantu izo ngorane hanyuma ntange ubutumwa bwo kuremesha ababanye bafatwa ukutari ko. Nkoresha ivyanshikiye mu kubumvisha ko bomenya ingaruka ziva ku kubana gutyo.

Marciane yamye yifuza kwiga amashure, ariko kubera ingorane z'uburyo bw'amafaranga, ntiyigeze yiga amashure ya kaminuza. Ivyo vyarahindutse uyu mwaka, kuva aho aronkeye abamurihira amashure kw'ishure rya kaminuza mu gisagara ubu akaba yaratanguye kwiga ibikorwa vy'imibano.

Avuga ati: "Haraheze imyaka mirongo ibiri, ubwo nariko ndakora nk'umukozi wo mu rugo, umunsi umwe umugabo yankoresha yambariye ngo nta kindi ndi atari umukozi wo mu rugo, ko rero ntota umwanya mu kwiga. Ameherezo navyemeye indoto zanje nca ndaheba. Ariko ubu, nibaza ko nshobora kwiga hanyuma ngashobora kuba ico nifuza" .

"Ubutumwa bwanje ngaha ni ukwiga hanyuma, nk'umukozi w'ivyerekeye imibano, ndashobora gufasha mu buzima bw'abantu".

Umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya amabi akorerwa abagore uhimbazwa itariki 25 Munyonyo (11) kuva mu 1999. Washinzwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira uhimirize abantu kwitaho ico kibazo.

Ariko n'ubwo hari utwigoro two guhimiriza abagore n'abagabo kuri ico kibazo, ibiharuro vy'amabi akorerwa abagore biracateye agahinda.

Ubwoko bw'amabi

Ni ukwihenda kwibaza ko amabi akorerwa umugore ari ayo ku mubiri gusa, ashobora kuba ayo guturubika, ayafatiye ku gitsina, ku kuremerwa [n'ivyo bakuvugako canke bakubwira] canke ku butunzi.

  • Amabi yo ku mubiri : Ikintu cose gisinzikaza umubiri canke amagara nko gukubita, gusunura, gutera ikintu, gukubita imigere, gukandamiza, guturira, gutema no gukomeretsa
  • Amabi y’igitsina : aho ni ikintu cose gituma umugore akora, abandanya canke arorera igikorwa c’imibonano mpuzabitsina bitavuye ku gushaka kwiwe, ku gahato, ku guterwa ubwoba canke hakoreshejwe inguvu canke kuremerwa.
  • Guturubikwa : inyifato yose ituma umuntu ahungabana mu nyifato yiwe no mu kwiyemera. Bishobora kuba bifatiye ku guterwa isoni, kumaramazwa, gukoreshwa ku ruyeri ivyo utashaka, kuburabuzwa, guterwa ubwoba, ibitutsi, gukangishwa, kutishira no kwizana, n’ibindi.
  • Amababi afatiye kw’itunga : Ayo ni amabi akorwa mu gihe uwuyakora yigarurira amafaranga yinjizwa n’umugore biciye mu kazi kiwe bwite, canke gusambura ikintu ic'ari co cose atunze canke igikoresho c’akazi ciwe. Bimwe mu biba twovugwa nko kugenzura amafaranga yakoresheje, guturira canke gutabura amafoto canke izindi nyandiko/impapuro vyiwe bwite canke
  • Amabi afatite ku kuremerwa [n'ivyo bakuvugako canke bakubwira] : Ayo arangwa n’ibikorwa vyo gutesha agaciro umugore, ibinyoma, ururimi rubi canke indahiro