Inyuma yo kurokoka cancer no guterwa ingingo nsha, Lopez yitegurira ubuzima busha -ubukwe

Ahavuye isanamu, Northwestern Medicine
- Umwanditsi, Swaminathan Natarajan and Newsday Programme
- Igikorwa, BBC World Service
Jessica Lopez yahuye n'ibibazo vy'amagara bitari bike, mu buzima bwiwe bwose.
Yahumye kare mu buto bwiwe, kandi yari yarokotse ingwara ya kanseri, inyuma yo kuronka ubufasha bwo guterwa ibihimba bishasha bitatu vyose: umutima, igitigu n'ifyigo.
Ubu, ariko yitegura kuja mu bundi buzima bushasha: kugira ubukwe.
Lopez yabwiye BBC ati: "Turiko twitegurira ubukwe mu mwaka uza," kandi yavuze ko afise igishika co kuzotamba kuri uwo munsi mukuru wiwe.
Bwari uburyo buteye impungenge

Ahavuye isanamu, Family Handout
Lopez yamaze hafi ubuto bwose mu bitaro, arwana na leukaemia na retinoblastoma — ubwoko bwa kanseri butera imbonero, bwamusigiye ubumuga bwo kutabona. Kuvugwa iyo kanseri vyaramufashije ariko bimutera ibindi bibazo mu buzima. Inyuma yo gusezerana n'uwo bazokwubakana muri Munyonyo 2023, Lopez yahavuye abwirwa ko akeneye gukorwa kugirango basubirize umutima wiwe n'igitigu. Mu gihe yari akirindiriye kubagwa, amafyigo yiwe nayo yatanguye gukwama.
N'ubwo vyari biteye impungenge, Jessica afashijwe n'abaganga bafashe ingingo ko yobagwa ivyo bihimba vyose bigasubirizwa. Yabazwe kuwa 24 Ruhuhuma uyu mwaka wa 2025.
Muganga Benjamin Bryner, wo mu bitaro vya Northwestern Memorial Hospital muri Chicago ari nawe yamubaze yagize ati: "Twaravuganye cane ku vyerekeye ico akwiye kwitega tutaratangura kumubaga, n'umugwi ukora neza dufise w'abaganga b'abahinga mu gusubiriza ingingo."

Ahavuye isanamu, Northwestern Medicine
Avuga ko gusubiriza umutima umutima wiwe hamwe n'igitigu vyatwaye amasaha ari hagati ya 10 na 11, mu nyuma akorwa mu nzira yo gusubiriza ifyigo naryo, bimara amasaha ane.
Umugwi w'abakozi bari hagati ya 12 na 15 bari mu cumba c'ibagiro muri ayo masaha yose, hakongera ko n'abandi baganga baguma bakuranwa kw'izamu.
Izo ngingo uko ari zitatu ziragoye cane kuboneka. Nk'uko ivyo bitaro bibimenyesha, muri leta zunze Ubumwe za Amerika bamaze gusubiriza rimwe ibihimba 3 nka ben'ivyo (n'ukuvuga gutera ku murwayi umwe umutima, igitimgu n'amafyigo) incuro 59 gusa gushika ubu.
Dr Bryner asobanura ko mu gihe ibitaro vyama vyasubirije urugingo rumwe rumwe ku barwayi, kuba barashoboye gusubiriza ingingo zitatu icarimwe vyasaba ubundi bushobozi burenze.

Ahavuye isanamu, Northwestern Medicine
Muganga Bryner yagize ati: "Turafise uburambe mu bumenyi bwo gukorana n'imigwi myinshi ariko ubu hoho kino gikorwa gifise ibindi kidusaba kwongerako. Twaravuganye ibikenewe vyose, ivyo twiteze ko bishobora gushika, ibizoshika, n'igihe bizoshikira. Twakoze ibishoboka vyose ngo tumuremeshe.
Ivyo bihimba vyose Lopez yatewe vyaturutse ku muntu umwe, kugirango bagabanye ingorane zotegwa n'ikibazo co kuziranigwa, umubiri wiwe ugahava uzanka (rejection).
Dr Bryner agira ati: "Niyo yari inzira nyayo yonyene yo kuraba ko bohuza n'ivyo bihimba kuko aba ari ubwoko bumwe bwa antigenes imwe (n'ukuvuga ibice bidaturutse kuri nyene umubiri ubwiwe, ivyo mbere umubiri wiwe ushobora gufata nk'igitero c'ubwandu ukabirwanya) yahura n'umubiri wiwe."
Icizere no gufata ibintu ko ari vyiza

Ahavuye isanamu, Northwestern Medicine
Lopez yavyifashemwo neza mu kugirira icizere abaganga uigihe co guterwa ingingo.
Itangazo rigenewe abanyamakuru ryasoihowe n'ibitaro risubiram,wo amajambo yiwe agira ati: " Namye ndi umuntu arangwa no kugira ivyiyumviro vyiza, kandi sinkunda kwiyumvira nabi."
Inyuma y'imyaka 20 ahanganye n'ingwara ya kanseri, Lopez avuga ko guterwa ingingo kwamuhinduriye ubuzima. Agira ati "ni nk'aho nongeye kuvuka ubwa kabiri."

Ahavuye isanamu, Northwestern Medicine
Aribuka kandi uko yabajije ibibazo vyinshi muganga Bryner imbere yo kubagwa, ati: Naramubajije nti: Bizotwara umwanya ungana gute? Bifata umunsi canke ibiri? Nzoheza mfate iyihe miti ninamara guterwa izo ngingo?"
Ubu amagara yiwe yifashe neza

Ahavuye isanamu, Northwestern Medicine
Guterwa ibihimba bisha vy'amafyigo, igitigu n'umutima, vyarafashije Lopez kugarukana intege, araronka utuguvu.
Avuga ati: "Sintegerezwa gusinzira ngo nduhuke kenshi nk'uko nahora ndabigira kera. Nshobora kumara umunsi wose ntumvise ko ndushe. Kandi ndashobora kuja mu bikorwa binsaba gukoresha inguvu."
N'ubwo yatakaje ubushobozi bwo kubona, Lopez agumana akanyarigabo no gushaka kutazera inze ku bandi. Aragendagenda aho asanzwe aba akoresheje ibimemyetso biharanga, agakoresha amaporogarama (apps) n'imbuga-hwaniro.
"Iyo ndiko nditekera, nkoresha amaboko kugirango menye aho imashiga aherereye, ndateka umuceri, amafi n'ibindi bituruka mu mazi, supageti n'ibindi. Mpfa kuba nishize mu mutwe kubikora gusa", niko Lopez avuga.
Lopez yashimiye cane umuryango wa nyene kumugabira ibihimba vy'umubiri yatewe, ashimira umusore amureheje, kimwe n'incuti n'abagenzi bamubaye hafi.
Icizere ca kazoza
Muri kino gihe, Dr Bryner yishimiye cane ukuntu amagara ya Lopez ahagaze. Agira ati: "Ameze neza cane, ararusha mbere n'uko twari tuvyiteze, yaciye anyarutsa gukira."
Inyuma y'amezi yari amaze mu bitaro, Lopez ariteguriye gusubira mu buzima busanzwe.
"Ubu ndumva ko nshobora guhamvya umuryango wanje. Ndashobora kuja mu bibanza twahora twiyumvira kugendera." niko yavuze.
Arakunda ibidukikije, kugendagenda ikirere kire kire, no gukorera hanze. Ariko ategura kandi gusubira gukora mu mwuga wiwe nk'umuhinga mu matohoza ashingiye ku bushakashatsi bwimbitse muri siyanse (forensic science).

Ahavuye isanamu, Lopez family handout
"Nifuza gukora mu bushakashatsi bwo muri laboratware (laboratoire) kandi ari jewe nja ku rubuga ahabareye ivyaha kurondera ibimenyetso," niko yavuze. Abandanya agira ati:"Nzofata ingendo njane umwuga wanje ahantu hose, atari kuguma hano gusa."
Lopez na fiyanse wiwe Christopher biteguriye kurushinga mu mwaka uza.
Bavuga ko bazogira urubanza rutoya, batumire amuryango n'abagenzi bakeyi, bakifuza kurukorera mu bice vya California, kumbure iruhande y'amazi.













