El Chapo, Kasongo, Deputy Jesus - Kuki perezida wa Kenya afise amatazirano menshi?

Umukuru wa Kenya William Ruto muri kostime yirabura n'ishati yera

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Perezida wa Kenya William Ruto ni umugabo w'amatazirano menshi.

Deputy Jesus [Icegera ca Yezu], El Chapo [rurangiranwa mu kudandaza ibiyayuramutwe] , Hustler [uwisumamwo, umupagasi] na Chicken Seller [uwugurisha inkoko] ni amwe yahawe muri iyi myaka ya vuba.

Kenshi iyo abantu bahawe amatazirano menshi, amwe aba ari ayo kumukunda ariko ayandi aba ari ayo kumushinyaguriza, mu gihe hari n'ayandi aba yerekana ko hari abamufitiye ishavu ryinshi.

Kahise k'amatazirano yagiye arahabwa uno mukuru w'igihugu mu kwerekana ingene uko abonwa kagiye karahinduka.

Ruto arazi ko abantu bamuha amazina menshi, mbere aherutse no kubiterako ibinanka (urwenya) avuga ko abanya-Kenya ''bamumara'' mu kumutazira amazina menshi.

''Mwampaye amazina menshi. Nari mfise izina rya William Kipchirchir Samoei Ruto. Mwongeyeko Survivor… Zakayo... ubu naho mugeze kuri Kasongo. Muzogeza kuri 10, canke nitegurire guhabwa ayandi?" niko yabajije ubu vuba.

Isinzi ry'abantu bari ngaho, mw'ikoraniro ku murwa mukuru, Nairobi, bishuye ko bafise n'ayandi menshi.

Imbere y'uko atorwa kuba umukuru w'igihugu mu 2022, Ruto yafatwa nk'umuntu azwi kuba yiyegereza abantu batobato.

Hustler [umupagashi] - Umunya-Kenya abeshwaho no gupagasa kugira aronke ikirirenza n'ikirikesha - ryamufashije kumenyekana nk'umuntu yari gushira imbere ibigoye abantu bahangayika mu kubaho.

Chicken Seller [uwugurisha inkoko], bifatiye ku buzima bwiwe bwo mu buto aho yagenda aragurisha inkoko, benshi bumva ko ubuzima bwabo bufise aho buhuriye n'ubwiwe.

''Ayo ni amatazirano meza cane. Yaramwegereje abanyagihugu mu bijanye n'amajwi,'' niko umuhinga muri poritike, umwigisha Herman Manyora, yabwiye BBC, asigura ko yamutumye ashika ku ntebe y'umukuru w'igihugu.

''Amatazirano arafata cane Ruto,'' niko abandanya avuga.

Umugabo yambaye agapira k'ubururu ahagaze afise inkoko mu ntoke.

Ahavuye isanamu, AFP / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ruto yaramenyekanye mu Banyakenya bahangayika mu kubaho nk'umuntu atahura uko bamerewe
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko uno mukuru w'igihugu ni umuntu amaze imyaka myinshi ari imbere muri poritike yo muri Kenya, harimwo kuba yarabaye icegera c'umukuru w'igihugu imyaka icenda gushika mu 2022, kandi ico gihe cose yama agirwako impari.

Umwigisha Manyora aributsa iritazirano rya Arap Mashamba – ryohindurwa nk' ''umuhungu w'amararo/amatongo'' - rimaze imyaka cumi. Rifatiye ku matongo manini kandi menshi Ruto afise hirya no hino mu gihugu. Hari amakenga ku nzira yoba yararonsemwo amwe muri yo.

Mu 2013, sentare yategetse ko Ruto asubiza itongo rya hegitare 40 akanashumbusha umurinyi yari yamwagirije kumutwara iryo tongo mu ntureka zakurikiye amatora yo mu 2007. Yarahakanye kuba hari icaha yakoze.

Gukunda kuvuga imirongo yo muri Bibiriya vyatumye kandi Ruto ahabwa itazirano rya Deputy Jesus [Icegera ca Yezu].

Ariko, cane cane kuva abaye umukuru w'igihugu niho abamubatiza amazina batanguye gukora bataruhuka - aho bamaze kumuha ayashika 10 - kandi niko agenda araba ayamunegura cane.

Rimwe mu ryamenyekanye cane ni Zakayo - umuntu azwi muri Bibiriya nk'umutozakori w'inda ndende yuriye igiti kugira ashobora kubona Yezu.

Reta ya Ruto yarashizeho amakori menshi abanyagihugu biyamirije, abanya-Kenya benshi baca batangura kuvuga ko yahemukiye ''aba hustlers [abisumamwo]''.

''Ivyo yemeye amaze kuba umukuru w'igihugu ntiyabikoze", niko umwigisha Manyora avuga.

Umuzigo wo kuriha ayandi makori, no kwibaza ko ayo mafaranga yiyongeyeko azokoreshwa nabi, nivyo biyagwa cane.

Mu mwaka uheze, urwaruka rwarahagurutse ruja mu mabarabara ya Nairobi mu myiyerekano yamaze amayinga, mu nyuma ikagwamwo abantu, biyamiriza integuro nshasha ya reta yo kuduza amakori ariko mu nyuma irahebwa.

Umutonzi w'amazi arimwo ibintu vy'ibara ry'umuhondo utumberejwe ku bari mu myiyerekano uje uvuye ku ruhande rw'i bubamfu bw'ifoto ugemye umugabo umwe mu mugongo. Abandi bariko barikinga ayo mazi mu kwiruka bunamye.

Ahavuye isanamu, Anadolu / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu mwaka uheze imyiyerekano yo kwiyamiriza amakori yaregeranije urwaruka rwarakariye reta ku kibazo c'ubutunzi

Ugusemerera ''Ruto must go [Ruto ategerezwa kuhava]'' kwahindutse akamo ko kwegeranya abari mu myiyerekano none ubu Must Go ryabaye irindi zina iyo ushaka kuvuga uwo mutegetsi.

Abo badahengeshanya mu gutorera amazina Ruto baranashimikira ku bivugwa ko uno mukuru w'igihugu akunda ingendo zo hanze.

Aho niho havuye Vasco da Ganya - rifatiye ku cese naco cafatiye ku munya-Portugal yatembereye isi yiga uko iteye, Vasco da Gama, n'ijambo ry'igiswahili danganya risigura ''kubesha''.

Ubuziramugayo bwa Ruto nabwo hari ababufiseko amakenga mu kumwita Kaunda Uongoman, rishaka kwigana izina rw'umuririmvyi w'umunyekongo, Kanda Bongoman.

Agace ka mbere k'iryo zina gafatiye ku kuntu uwo mukuru w'igihugu akunda impuzu z'umuderi wa Kaunda - ishati ya abakosi n'ipantaro bisa - na Uongoman, ririmwo agace k'igiswahili uongo, gasigura ''ikinyoma''.

Ariko umukuru w'igihugu asa n'uko ayo mazina amuvuga nabi ataco amubwiye.

Umuvugizi wa reta Issac Mwaura yavuze ko ayo matazirano menshi ''ata makenga ateye'' mu biro vy'umukuru w'igihugu ariko ko yerekana ''ingene abantu babona umuntu''.

Ruto ni umuntu ''w'umukozi kandi akora ivyo ashoboye vyose kugira ahindure ubutunzi...Ni ibisanzwe ku mutegetsi wese guhabwa amatazirano kuko ivyo vyerekana ivyo akora bitandukanye nk'indongozi'', niko yabwiye BBC.

Mwaura yasiguye kandi ko reta yateregezwa kuduza amakori kugira ironke amafaranga yo gushira mu migambi mishasha, igabanye igihengeri c'amafaranga reta ikoresha hanyuma isubize ubutunzi ku murongo.

Ariko, aho abantu batanguriye kurenza urugero mu kuzana amazina mashasha akekeza hamwe n'ubugenegene bwo kumaramaza umukuru w'igihugu, hari abategetsi babifashe nabi.

Bimwe mu bicapo n'amasanamu akozwe n'ubwenge bw'ubukorano (Intelligence Artificielle), harimwo n'iy'umukuru w'igihugu ari mw'isandugu y'uwapfuye, vyafashwe nko ''kutagira ico wibanga'' kandi ''bisesemye''.

Bamwe mu bakoze izo nyandiko n'ivyo bicapo vyo ku mbuga hwaniro baranyurujwe. Ibi, nk'uko umwigisha Manyora avuga, bikwiye gufatwa ko ari ukutihangana kwa reta.

Lachon Kiplimo, umunyeshure wa kaminuza afise imyaka 23, yavuze ko n'aho ashigikiye umukuru w'igihugu, bimwe mu vyo yari yaremeye vyabaye ''uruhendo'' , ari navyo bituma atazirwa amazina menshi.

Yavuze nka El Chapo, rurangiranwa w'umunya-Mexique yahora agurisha ibiyayuramutwe, inyuma y'aho Ruto yemereye gukora miriyoni z'icapati (zizwi kandi nka chapo muri Kenya) buri munsi kugira agaburire abana b'amashure matomato ku murwa mukuru.

Abagabo babiri bahagaze impande y'imbabura y'umuntu agurisha ivyo kurya ariko arakora icapati.

Ahavuye isanamu, AFP / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Icapati, indya yo kw'ibarabara ikundwa cane muri Kenya - izwi kandi nka capo (chapo)

Ariko rero, Kiplimo abona ko uburyo umukuru w'igihugu abona ko ayo mazina ataco amubwiye, ahubwo mbere agasa n'uwuyakira, vyerekana ingene akomeye.

Umwigisha Manyora yibaza ko abakiri bato baguma bazana ayandi mazima mashasha bita umukuru w'igihugu babikora nk'uburyo bwo kuruhurira umutwe.

Ico ciyumviro gishigikiwe n'umunyeshure w'imyaka 24 Margaret Wairimu Kahura, yavuze ko abanya-Kenya benshi "baremerewe n'ibibazo vyinshi".

Uwo mugore abona ko uko gushinyaguza ari uburyo bwo kugira Ruto amenye ingene urwaruka rumerewe.

Avuga ko ata wundi mukuru w'igihugu ca Kenya yari bwashikirwe n'ivyo ku rugero nk'urwo, kandi ko "ivyo ari vyo bidasanzwe [ariko] mu buryo bubi".

Ni vyo ko n'abandi bakuru b'igihugu bari bafise amatazirano ariko ntiyigeze aba menshi nk'uku.

Umukuru w'igihugu aheruka, Uhuru Kenyatta, yatazirwa Kamwana ("umuhungu akiri muto"), Jayden (ijambo rikoreshwa muri Kenya mu kuvuga umwana yafyinishijwe canke w'umunebwe) na Wamashati (kubera gukunda amashi y'amabara).

Uw'imbere yiwe, Mwai Kibaki, yari azwi kw'izina rya General Kiguoya (umujenerali w'ubwoba) hamwe na Fence Sitter [umuntu aterekana uruhande yegamiye canke adafata ingingo].

Kumbure ikiringo c'imbuga hwaniro, zamana inyota idahera z'ibishasha no kuguma ziryohereza abantu, carongereje iyo ngeso yo kwita amatazirano.

Ariko kuri benshi, nka madame Kahura, amatazirano menshi ahabwa Ruto n'icerekana vy'ukuri ''ibibazo bitandukanye bihanze abantu''.