'Nta mugambi wo kuvana Road World Championships mu Rwanda' - UCI

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe rijewe gutunganya amahiganwa yo gusiganwa n'ikinga, UCI, rimenyesha ko ata mugambi rifise wo kwimura ihiganwa ry'uyu mwaka wa 2025, rikavanwa mu Rwanda kubera intambara iri mu gihugu kibanyi ca Republika ya Demokarasi ya Congo.
Urwanda rugiye kuba igihugu ca mbere ca Afrika mu kwakira iryo higanwa mpuzamakungu kuva kuwa 21-28 Nyakanga.
Umugwi witwaje ibirwanisho M23 warafashe hafi umuji wose ga Goma uri mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo kandi uranavuga ko ushobora kubandanya no mu mugwa mukuru Kinshasa, uri kuri km 2,600.
Urunani mpuzamakungu Union Cycliste Internationale -UCI, rujejwe guteza imbere no gutunganya amahiganwa y'ikinga, rumenyesha ko ruriko rurakwirikiranira hafi 'uko ibintu biriko biragenda' n'ingaruka bishobora kugira kw'itunganywa ry'amahiganwa azobera i Kigali.
Ryongerako ko mu Rwanda "hose hari umutekano wuzuye ku bukerarugendo ndetse n'ibikorwa vy'ubucuruzi" kubera ko intambara zigarukira muri RD Congo .
Itangazo riri ku rubuga rwa UCI, riratomora neza riti "Inyuma y'ibihuha vyakwiragiye vyerekeye iki kibazo, UCI yashaka gusobanura neza ko muri kino gihe ata mugambi wo kwimurira mu Buswise (Switzerland) amahiganwa ategekanijwe kubera mu Rwanda.
"Dufise icizere ko hazoboneka inyishu yitondewe kandi mu mahoro. UCI yifuza kumenyesha ishimitse ko amahiganwa yo kunonora imitsi (sport), cane cane gusiganwa n'amakinga, ari aserukira akanahagararira ibihugu ku bijanye n'amahoro, ubucuti no gufatana mu nda."
Abajejwe amahiganwa ya 'Cycling' bavuga ko Urwanda 'rutekanye'

Ahavuye isanamu, Reuters
Abahinga b'ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagiriza Urwanda gufasha umuhari witwaje ibirwanisho M23, ivyo ubutegetsi bwa Kigali bw'ico gihugu bwakomeje guhakana.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Congo n'amakungu, Thérèse Kayikwamba Wagner, yabwiye BBC ko Urwanda rwigaruriye igihugu ciwe bidaciye mu mategeko kandi ruriko rugerageza guhindura ubutegetsi.
Umuvugizi wa Leta y'Urwanda Yolande Makolo, yarahakanye ivyo vyagiriji, aho yavuze ko ingabo z'igihugu ciwe zarungitswe kurinda ko iyo ntambara iri muri Congo yohava itandukira ubutaka bw'Urwanda.
N'aho biri uko, inzira y'ihiganwa rya Tour du Rwanda, ryitezwe kuva kuwa 23 uku kwezi rikazoshika kuwa 02 Ntwarante, ishobora kuhura n'ingaruka kubera iyo ntambara yo muri Congo.
Imigwi izohiganwa vyitezwe ko izorara muri Rubavu, ku km10 vy'umuji wa Goma, hagati y'intera ya gatatu n'intera ya kane y'iri siganwa.
Ariko umuvugizi wa Tour du Rwanda yavuze ko ata mugwi uravuga ko biwuteye umwitwarariko.
Tity Thierry Kayishema, yabwiye BBC ati: "Intambara iri muri RD Congo, itari mu Rwanda, kuki twohindura amayira yacu?"
Avuga ko "imigwi izi uko Urwanda rushitsa ivyo rwasezeranye". Ati "Iyo tuvuze ko ata kibazo dufise c'umutekano, n'uko ataco tuba dufise.
"Perezida Kagame yemereye Urwanda kubandanya ibikorwa vyabo kandi bakaryama bagasinzira."









