Igisirikare ca Ukraine cateye ingabo z’Uburusiya mu ntara ya Zaporizhzhia iri mu bumanuko

Igisirikare ca Ukraine catanguye ibitero ku ngabo z’Uburusiya mu ntara ikomeye ya Zaporizhzhia mu bumanuko bwa Ukraine, nk’uko bitangazwa n’abategetsi hamwe n’abandika amakuru ya gisirikare b’Uburusiya.

Bavuga ko ingabo za Ukraine zifashijwe n’imodoka z’intambara (ama-char), vya muzinga n’indege zitagira abadereva (amadrone) – ziriko ziragerageza kumenera amaja mu bumanuko bw’igisagara ca Orikhiv.

Umutegetsi wo hejuru mu bushikiranganji bwa Ukraine bujejwe kwivuna abansi yavuze ko umwansi “yivuna bikomeye”.

Abahinga mu vyagisirikare batari bake bavuga ko igitero ca Ukraine co kwivuna kimaze igihe kirindiriwe kizokwibanda cane cane kuri Zaporizhzhia.

Bavuga ko Kyiv iriko iragerageza guca inzira iyishikana ku kiyaga Azov, kugira ngo icemwo kubiri ingabo z’Uburusiya muri iyo ntara.

Uretse ko ibi vyotuma Uburusiya butakaza inguvu zo kurwana, vyotuma kandi inzira y’ubutaka ijana mu karere ka Crimée/Crimea kigaruriwe n’Uburusiya mu 2014 icika.

Ukraine imaze amezi atari make itegura igitero co kwivuna umwansi yayiteye, ariko bikaba vyabaye ngombwa ko ifata umwanya ukwiye kugira ngo yigishe ingabo zayo yongere ironke n’ibikoresho vya gisirikare bigezweho bitangwa n’incuti zayo z’Uburengero.

Reta ntishaka kuvuga vyinshi ku nteguro zayo ariko ingabo zayo ubu ziriko ziraneka ibirindiro vy’Uburusiya mu turere tutari duke ku rwasiro, zirondera ahari inguvu nkeya.

Hagati aho, Perezida Putin wewe asa n’uwemeza ko igitero ca Ukraine camaze gutangura.

Mu kiganiro yatanze kuri videwo kigacishwa ku rubuga rwa Telegram ejo ku wa gatanu, yavuze ati: “Ubu turashobora gutangaza ko iki gitero ca Ukraine camaze gutangura”.

Mu buryo bumwe na bumwe, gisa n’icoba cari kimaze amayinga, aho Ukraine yakora ikizwi mu gisirikare nk’”ibikorwa vyo guca inzira”: ibitero ikoresheje vya muzinga n’ibisasu vya misire biraswa kure ku bibanza nyamukuru vy’Uburusiya kure cane y’inyuma y’ibirindiro vy’Uburusiya ku rwasiro.

Serhii Kuzan, umwe mu bashinze ikigo ca Ukraine c’umutekano n’ugufashanya, yabwiye BBC ati: "Ubu iciswe 'intambara ya maneko' irabandanya mu karere k’urwasiro rwose ".

"Ibi bisigura ko hari igikorwa co kuneka ibirindiro vy'Uburusiya".

Hari amavidewo na konte zimwe zimwe zerekana ko bahise bahura n’ibibazo.

Kuzan ati: "Hari aho ibi bigenda neza hakononekara bike. Ariko hari ahandi bitagenda neza cane, aho Abarusiya bivuna bigakomera”.

Kuzan yanse kuvuga amazina y’ibisagara, akivugira gusa ko bari mu karere kose k’ubumanuko bwa Zaporizhzhia.

Ati: “Nta banga ririmwo ko imwe mu ntego zacu ari uguca umuhora ugaburira ibirindiro vy’umwansi mu bumanuko”.

Mu tundi turere, imbuga za Telegram zegamiye Uburusiya mu karere ka Donbas zari zuzuye ubutumwa bw’umunezero mwinshi ku ngingo iherutse gufatwa na Ukraine, bwinshi muri bwo bukaba bwari ubw’agasuzuguro.

Umwe mu bagize umurwi wa Telegram uzwi nka I Love Kramatorsk (Twogereranya na ‘Ndakunda Kramatorsk’) yanditse ati: “Bariko batera baja aho Abarusiya babarindiranye igishika. Mbega ubujuju!”

Hari abandi nabo bemera ko ingabo za Ukraine zateye intambwe, ariko bakavuga ko zahatakarije abantu benshi n’ibikoresho vyinshi.

Uwundi wo muri uwo murwi nawe avuga ati: “Jewe nk’ubu ndibaza ikiguzi c’iyi ntambwe bateye. Ubwo barafise inguvu zikwiye zo gushika i Tokmak [ku birometero 44 mu bumanuko bwa Orikhiv], tureke muri Berdyansk na Melitopol?"

Ariko si ko karere konyene kariko kaberamwo intambara z’urutavanako.

Amashusho ava mu bumanuko no mu buraruko bw’igisagara ca Bakhmut asa n’ayerekana ingabo za Ukraine ziriko ziratera intambwe.

Ntivyoroshe guhinyuza ibivugwa na buri ruhande, aho nko ku musi wa kane, icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine Hanna Maliar yavuze ko ingabo z’Uburusiya “zivuna bikomeye” muri Zaporizhzhia, anavuga kandi ko hari ntambwe zariko ziraterwa mu micungararo y’igisagara ca Bakhmut gisa n’icacitse umunyota inyuma y’amezi atari make kirangwamwo intambara z’urutavanako.

Intara ya Zaporizhzhia irimwo ikigo ca nikleyeri ca mbere kinini ku mugabane wose wa Bulaya, kikaba kiri mu karere kagenzurwa n’ingabo z’Uburusiya.

Hagati aho, ibitero vy’Uburusiya kuri Ukraine birabandanya. Mw’ijoro ryo ku wa kane buca ari ku wa gatanu, bwakoze ibitero bishasha bukoresheje ibisasu vya misire hamwe n’amadrone, aho ibisigarira vyahitanye nibura umuntu umwe mu gisagara ca Zhytomyr utera uja mu burengero bw’umugwa mukuru Kyiv.

Eka no mu gisagara ca Odessa kiri ku mweha w'ikiyaga Cirabura (Mer noire/Black Sea) mu bumanuko bwa Ukraine mw'iri joro ryakeye catewe aho abantu batatu ari bo bamaze kumenyekana ko bapfuye. abagera kuri 26 nabo barakomereka.

umukuru w'akarere ka gisirikare mu ntara ya Odessa, Sergei Bratchuk, avuga ko amadrone umunani na misire zibiri vyasamburiwe hejuru y'iki gisagara mw'ijoro ryakeye.