Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igikombe c'isi 2022: Prezida wa Fifa Gianni Infantino yagiriza uburaya 'ubwiyorobetsi'
By Shamoon Hafez & Emma Sanders
BBC Sport in Doha
Prezida wa Fifa, Gianni Infaantino, yagirije Uburaya 'ubwiyorobetsi' mu makuru butanga ku vyerekeye uko agateka ka zina muntu kifashe muri Qatar mu gihe buca hatangura inkino z'igikombe c'isi yose mu mupira w'amaguru.
Avuga wenyene mu bintu bidasanzwe mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Doha, Infantino yamaze hafi isaha avuganira Qatar n'ihiganwa rigiye kuhabera.
Izo nkino ntizavuzwe cane kubera ingorano zo muri Qatar, cane cane izerekeye impfu z'abakozi b'abimukira hamwe n'ingene abaryamana basangiye ibitsina, LGBT, bafatwa muri ico gihugu.
Umunye Suisse, Infantino yavuze ko ibihugu vya Buraya bikwiye gusaba ikigongwe ku mabi vyagiye birakora muri kahise kavyo, hakuguma bivuga gusa ibibazo vy'abakozi b'abimukira muri Qatar.
Infantino yuguruye ico kiganiro agira ati:"Uyu musi numva meze neza cane. Uyu musi niyumva n'umu qatari, niyumva nk'umwarabu, niyumva nk'umunye Afrika, niyuma nk'uwuhuza igitsina n'uwo bagisangiye, niyuma nk'uwugendana ubumuga, niyumva nk'umukozi w'umwimukira."
Abasangwa, ari bo Qatar bazotanguza izo nkino bahura na Equateur ku kibuga ca Al Bayt ku musi w'Imana (16h00 GMT).
Mu kwezi kwa kabiri, ikinyamakuru The Guardian cavuze ko abakozi b'abimukira 6.500 bava mu Buhindi, Pakistan, Nepal, Bangladesh na Sri lanka bapfiriye muri Qatar kuva ico gihugu gitsindiye gutunganya izo nkino z'isi.
Ivyo biharuro vyavuye mu vyatanzwe n'abaserukira ibihugu vyabo muri Qatar.
Ariko Qatar ivuga ko ivyo biharuro atari vyo kubera ko abapfuye bose batari abakozi bo mu nyubakwa zo kwitegurira igikombe c'isi.
Reta ivuga ko ibiharuro ifise ari impanuka zahitanye abantu 37 mu bakozi bubaka ibibuga bikokinirwako igikombe c'isi hagati ya 2014 na 2020, batatu gusa akaba ari bo "bazize akazi bakora".
Ariko ishirahamwe mpuzamakungu ry'abakozi, International Labour Organisation (ILO) rivuga ko bagabanije ico gitigiri cane.
Infantino yavuze:"Twarigishijwe ibintu vyinshi n'abanye Buraya. Ndi umunye Buraya. Ku bintu tuguma dukora haraciye imyaka 3000 kw'isi, twotegerejwe gusaba ikigongwe ku yindi myaka 3000 iri imbere, imbere yo gukosora abandi.
Iyaba koko Uburaya bwari bwitayeho kazoza k'aba bantu, bwociye inzira yemewe n'amategeko - nk'uko Qatar yabikoze - aho igitigiri kinini c'aba bakozi bashobora kuza i Buraya gukora. Bahe kazoze, bahe icizere.
"Mfise ikibazo co gutahura iri nebagurwa. Dutegerezwa gushira umutahe mu gufasha aba bantu, mu burezi hanyuma tubahe kazoza keza n'icizere cinshi. Dutegerezwa kwiyigisha twebwe nyene, ibintu vyinshi ntibimeze neza ariko impinduka ifata igihe..
"Uku kunebagura ku ruhande rumwe gusa nta kindi ari ubwiyorobetsi. Ndibaza igituma ata n'umwe yemera intambwe imaze gushikwako ngaha kuva mu 2016.
"Ntivyoroshe kwakira inebagurwa ku ngingo haheze imyaka 12 ifashwe. Qatar iriteguye, kizoba igikombe ca mbere c'isi kitari bwaboneke.
"Sinkeneye kuvuganira Qatar, na bo bashobora kwivuganira. Mvuganira umupira w'amaguru. Qatar yarateye intambwe , kandi hari n'ibindi vyinshi mbona.
"Ni vyo sindi umunye Qatar, umwarabu, umunye Afrika, uwugendana n'abo basangiye igitsina, uwugendana ubumuga canke umwimukira. Ariko niyumva nkabo kuko ndazi ico bisigura gukumirwa no kunebagurwa nk'umunyamahanga mu gihugu c'amahanga."
Qatar yahatiwe kwubaka ikigo c'abimukira, infantino akaba yamenyesheje ishirwaho "ry'ibiro vyabo vyamaho kw'izina ryabo" i Doha, inyuma y'ibiganiro bagiranye na reta ya Qatar na ILO.
Yamenyesheje kandi ko umukozi wese yahagiriye impanuka "yaronkejwe amahera hisunzwe amategeko."
Yongeyeko ati:"Bivanye n'uko iyo mpanuka imeze, ashobora kuba angana n'imyaka myinshi y'umushahara."
Infantino kandi yamenyesheje ko ikigega c'umurage wa Qatar 2022 ca Fifa kizokoreshwa mu burezi, anashira umukono ku masezerano y'imiliyoni 25 z'amadolari yo gufasha abaana n'abagore mu Buhindi.
Kwisubirako ku kunywa inzoga, ' ingingo yumvikanyweko'
Imisi ibiri gusa imbere y'uko ihiganwa ritangura, Fifa yahinduye amategeko yayo ica imenyesha ko ata nzoga zizotangwa mu kibuga na kimwe mu munani bizakira inkino z'igikombe c'isi.
Vyari bitegekanijwe ko inzoga zitangwa "mu bibanza vyatoranijwe bimwe bimwe mu bibuga" n'aho igurishwa ryazo rigenzurwa cane muri ico gihugu c'aba islam.
Mubazoba bari mu bibanza bigenewe ubudandaji kuri ivyo bibuga bashobora kuzozigura.
Amenyesha iyo ngingo, Infantino yagize ati:"Iki nicaba ari ikintu gikomeye cane dukoze kidahimbaye kuri iki gikombe c'isi, nca ntanga imihoho ubu nyene nce nja ku mucanga kwiruhukira.
"Nkundira mbanze ndababwire ko ingingo yose yafashwe yerekeye iki gikombe c'isi ari ingingo yafashwe iganiriweko na Qatar hamwe na Fifa.
"Hazoba hariho ibibanza vyinshi vy'abafana mushobora kugurainzoga muri Qatar kandi abafana bashobora kurorera umupira bongera banywa. Nibaza ko mu kiringo c'amasaha atatu utariko uranywa inzoga ata co uzoba.
"Narirya n'amategeko nk'aya akurikizwa no mu Bufaransa, muri Espagne, Portugal na Ecosse. Aha babigize ibintu binini kubera ari igihugu c'aba Islam? Sinzi impamvu. Twaragerageje, ari na co gituma ndababwiye izi mpinduka nteba. Twaragerageje kuraba ko bishoboka.