Pierre-Claver Karangwa yafashwe ku bwicanyi bwo kuri paruwasi Mugina

Pierre-Claver Karangwa, umunyarwanda yahoze ari umusikirikare yafatiwe mu Buhorandi akekwa uruhara muri jenoside yo mu 1994.

Urwanda rumwagiriza kugira uruhara mw’iyicwa ry’ abatutsi 30.000 muri Paroisse Mugina hafi y’umurwa mukuru, Kigali. Ariko sentare yo muri Hollande yaranse kumurungika mu Rwanda ku gutinya ko atoronka ubucamanza bwiza.

Ku bw’itororokanirizo ry’amakuru Reuters, Pierre-Claver Karangwa w’imyaka 67, yari asanzwe apfunzwe kuva mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka kugira abashikirizamanza bamukoreko amatohoza inyuma y’aho sentare muri ico gihugu yankiye ko arungikwa mu Rwanda ku gutinya ko atoronka urubanza nyarwo.

Karangwa, yari asanzwe amaze imyaka 24 aba ngaho mu Buhorandi, ubwenegihugu bwaho yarabwatswe gutyo biba nk’ibitanze inzira ko ashobora kurungikirwa ubucamanza bwo mu Rwanda.

Ariko sentare ntahinyuzwa yaravyanse kuko Karangwa asanzwe afise igihagararo c’uwutavuga rumwe n’ubutegetsi.

Kuva ico gihe niho yaca apfungwa kugira abacamanza batangure kumuroka amatohoza bamukeka ko yagize uruhara mu guturira inzu yarimwo abagore n’abana baharurwa muri mirongo mu gitero kuri paruwasi ya Mugina mu gihe ca genocide yo mu kwezi kwa kane mu 1994.

Itororokanirizo Reuters rivuga ko Urwanda rwo rwamwagirije ko yagize uruhara mw’iyicwa ry’abatutsi 30.000 aho nyene muri paruwasi ya Mugin ruca rusaba ko arungikirwa ubucamanza bw’Urwanda mu 2012.

Mu rubanza rujanye no kurungikwa mu Rwanda mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2022 , Karangwa yavuze ko ata caha na kimwe yakoze mu vyo akekwako.

Mu kwezi kwa gatandatu sentare yavuze ko atarungikwa mu Rwanda ku bwoba ko atocirirwa urubanza nyarwo.

Ubuhorandi busanzwe hari abagirizwa jenoside yo mu Rwanda bumaze gucira imanza bukurikije ububasha ndenga-gihugu bufise, hari n’abo bwarungitse mu Rwanda gucirirwa imaza na sentare z'aho.