Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abarundi babiri bakomeretse mu gitero ca grenade mw'ikambi y'impunzi muri Malawi
Abantu batanu, harimwo Abarundi babiri, nibo bakomerekeye mu gitero c’igisasu ntezwantoke (grenade) cabereye mw’ikambi y’impunzi ya Dzaleka muri Malawi, nk’uko bitangazwa n’igipolisi c’ico gihugu.
Iki gitero cabaye ku wa gatatu kw’isaha imwe z’ijoro kw’isoko nkuru y’iyo kambi, nk’uko bimenyeshwa n’igipolisi, kikavuga kandi ko cahagaritse impunzi y’umunyarwanda yikekwa ko ari we yakoze ico gitero n’ibigirankana.
“Barabonye umuntu yakije umwampi imbere y’uko atera ikintu ciketswe ko yari grenade”, niko Gladson M'bumpha, umuvugizi w’igipolisi mu karere ka Dowa yabwiye BBC.
M'bumpha avuga ko muri aba batanu bakomeretse harimwo Butoyi Fideli arongoye impunzi z’Abarundi muri iyo kambi, hamwe kandi na Bruno Ndayishime, umunyamabanga wiwe.
Avuga ko muri kino gihe bataramenya imvo yatumye uyu muntu atera iyi grenade, ariko ko uwiketswe ariko arabazwa.
Gladson M'bumpha avuga ko iyo kambi irwiriyemwo impunzi “z’Abarundi, Abanyarwanda n’Abakongomani”, ariko ko harimwo n’izindi ziva mu bihugu bitandukanye nka Tanzania na Somalia.
Avuga ko iki ari co gitero ca mbere kibaye muri ino kambi yo mu karere ka Dowa, kandi ko igipolisi kiriko kirakora ibishoboka vyose kugira ngo kimenye uwagirizwa igituma yateye grenade abo bantu.
Ati: “Iki ni ikintu catumye igipolisi kimera magabo kuko impunzi ntizemerewe gutunga ibirwanisho nk’ibi bicira umuriro”.
Avuga ko iyo kambi yari isanzwe itekanye imbere y’uko iki gitero kiba.
Impunzi zifise ubwoba
Umwe mu barundikazi barongoye abandi muri iyo kambi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yabwiye BBC ko impunzi muri iyo kambi zifise ubwoba kuko ari ikintu kitari bwigere kibaho kuva iyo kambi itanguye.
Ati: “Ni ikintu caduteye ubwoba kuko cadushikiye giturumbuka kandi tudashobora gutahura ingene cashitse, ikintu tutari tumenyereye kubona mu nkambi y’impunzi mu myaka ishika 30 imaze”.
Avuga ko, n’aho uwikekwa gukora ico gitero ari impunzi y’umunyarwanda, “tubanye neza nta kibazo dufitaniye n’abanyarwanda turi kumwe mu nkambi”.
Hagati aho, uyu mupfasoni avuga ko bafise ubwoba ko reta ya Malawi ishobora kubafatira ingingo zitabashimisha.
Ati: “Tubaye mugihugu nk’abashitsi, si igihugu cacu, barashobora kutwiyumvira ukundi kuntu, bakerekana ko kumbure turi abicanyi, canke ibindi”.
Asaba reta gukora amatohoza yimbitse kugira ngo bamenye intandaro y’ico kibi maze bashobore guhumurizwa.
Abajijwe nimba ata mugambi bafise wo guhunguka nk’uko reta y’Uburundi ibatera akamo, uyo mupfasoni avuga ati: “Reta ni reta nyene kandi ivuga nka reta, umwe wese afise ivyo yagiye ahunga bitandukanye n’ivyo uwundi.
“Umwe wese ashobora kuvuga ati jewe aho navuye nshobora kuhasubira nta kibazo, uwundi nawe ati jewe sinohasubira kuko mfise ibibazo.
“Rero ako kamo reta itera, iragatera ariko kitabirwa n’uwubikeneye, kuko buri muntu wese afise ibibazo vyiwe vyatumye ahunga”.