Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: abategetsi bavuga ko vya muzinga vya Russia vyishe 15 i Chasiv Yar
Abantu n’imiburiburi 15 ni bo bapfuye abandi hafi 20 bakaba bashobora kuba baguweko n’ibihomoka inyuma y’aho ibisasu vya roketi bisamburiye inzu isanzwe ituwemwo n’abantu mu gisagara ca Chasiv Yar, igisagara kiri mu buseruko bwa Ukraine, nk’uko abategetsi babivuga.
Abantu batanu bashoboye kurokorwa bagikomye. Iki gitigiri c’abapfuye catanzwe n’abajejwe ubutabazi.
Veronika Bakhal wo mu gisata kijejwe ubutabazi i Donetsk yabwiye BBC ko abantu n’imiburiburi bakizibiriwe mu bihomoka, harimwo n’umwana umwe.
Avuga ati: "Twashoboye kuvugana n’abantu batatu bakiri mu bihomoka kandi tubandanya tuvugana.
"Ibi bisigura neza ko hariyo abantu bakiri bazima. Hariko harafatwa ingingo yo kubatabara”.
Uruhande rumwe rw’iyi nyubakwa y’igorofa zitanu rwasambutse, bituma haba ikirundo c’ibihomoka. Chasiv Yar iri hafi ya Kramatorsk mu ntara ya Donetsk.
Donetsk niyo Uburusiya bwiziziye mu ntambara yabwo muri Ukraine.
Buramatari w’iyi ntara Pavlo Kyrylenko avuga ko roketi zizwi nka Uragan ari zo zasambuye iyi nyubakwa.
Mu bumanuko, ingabo za Ukraine zateye ibisasu vya misire kuri uno wa Mungu mu gisagara kiri mu minwe y’ingabo z’Uburusiya ca Kherson. Amakuru atangwa n’impande zompi aratandukanye: umutegetsi wa Ukraine avuga ko ikirindiro c’ingabo z’Uburusiya ari co catewe, mu gihe amakuru atangwa n’Uburusiya nayo avuga ko ibitaro hamwe n’inzu ari vyo vyononekaye.
Serhiy Bratchuk, umutegetsi wa Ukraine ari mu gisagara ca Odesa, avuga ko ingabo za Ukraine “zateye ikirindiro c’abateye igihugu cabo mu ntara ya Kherson”, akaba yasohoye n’isanamu yerekana umwotsi mwinshi hejuru ya Kherson.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya Tass rivuga ko ingabo zirwanira mu kirere i Kherson zishuye, hakaba humvikanye ibiturika bine muri ico gisagara.
Iki kinyamakuru kivuga ko igisasu ca misire catewe n’ingabo za Ukraine casambuye inzu, gikomeretsa n’abantu babiri.
Ikinyamakuru co mu Burusiya gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi Khersonsky Vyestnik kivuga ko ibitaro vyononekaye muri ico gitero ca Ukraine.
BBC ntiyashoboye guhinyuza ivyononekariye muri ico gitero ca misire.