Igihano gishasha muri football: Ikarata y’ubururu ije 'kwica' urukino – abamenyereza

    • Umwanditsi, Na Simon Stone
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC

Umumenyereza wa Tottenham Ange Postecoglou avuga ko umugambi wo kuzana ikarata y’ubururu be n’ibibanza vyo gutaramuriramwo abakoze amakosa bishobora "kwica" urukino.

Ishirahamwe mpuzamakungu nshingamategeko mu mupira w’amaguru, IFAB, ntiryashotse rishira ahabona amakuru ku migambi yo kugerageza ibihano bine inyuma y’ibiganiro bagiriraniye n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA.

Muri ibi bihano bishasha bitegekanywa, umukinyi ashobora guhabwa ikarata y’ubururu ku makosa kanaka akamara iminota cumi hanze y’ikibuga.

Postecoglou avuga ati: "Kwongerako iyindi [karata]. None iki kizomara iki? Umuti usanzwe uhari.

"Nimba itegeko ridakurikizwa ku rugero abantu bipfuza, ni mubikore. Iyo ni yo mpinduka. Aho umurwi uzoba ukinisha abakinyi cumi uwundi ukwiye mu kiringo c’iminota cumi, ivyo urazi ico bizozana? Bizokwica urukino.

"Iyumvire aho umurwi umwe uzoba uriko ugerageza gutakaza umwanya mu kiringo c’iminota cumi mu kurindira ko uwawo yinjira. Mu gihe izindi nkino ziri ku muvuduko zirondera gukura ibidakenewe, twebwe turiko dusubira inyuma ku mvo zitagira mvura".

Mu gihe vyokwemezwa mu mategeko agenga inkino, iyi ngingo yo gukoresha ikarata y’ubururu yobo ari co kintu ca mbere conyene gikomeye cane gitangujwe mu guhana abakinyi inyuma y’aho ikarata itukura n’iy’umuhondo zitanguriye gukoreshwa mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu 1970.

Niko na mugenziwe wa Liverpool Jurgen Klopp abibona, mu gihe izi ngingo zisa n’izitishimiwe n’abamenyereza b’ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League.

Klopp ati: "Bisa n’uko atari iciyumviro gishotse cakirwa neza. Ariko n’ubundi, si nibuka ingingo nziza aba bantu [IFAB] boba baheruka gufata – nimba hoba hari n’imwe boba barafashe”.

Hahati aho, umumenyereza wa Newcastle Eddie Howe, na we nyongerako ati: "Jewe mvugishije ukuri ntavyo nkunze. Nibaza ko ikarata y’umuhondo ari co ibereyeho. Nibaza ko amategeko asanzwe ahari yikwiye, ikiriho gusa ni ugukurikizwa neza.

"Kwongerako ikarata y’ubururu kwoba ari ugutesha imitwe abantu, niko ndavyiyumvira. Ntavyo nshigikiye. Nibaza ko [ibibanza vy’itaramuriro] bishobora, uko jewe ndabibona, gutoba urukino kuko nibaza ko bizotuma ruboneka ko ataco rumaze, izotuma rwama ruriko rurahagarikwa.

Imbere y’aha, Postecoglou yari yibajije imvo zatumye hazanwa ano mategeko mashasha: "Sintahura igitumye bihutira kuzana ibi bintu bishasha giturumbuka. Sinzi ko hoba hari ibintu bitagenda neza ku mategeko y’urukino asanzwe ahari hamwe n’ico iyi karata yindi izohindura".

Mu kwishura ku makuru atari make yariko arazunguruka mu binyamakuru, amwe avuga ko ano mategeko agiye gutanguzwa mu nkino z’abakuze, FIFA yasavye ko abantu bokwakira ano makuru mu bwitonzi.

Premier League yaramaze gutangaza ko idashobora kuba mu mahiganwa atangurizwamwo igihano ico ari co cose, mu gihe FIFA ivuga ko "amakuru y’iki kintu citwa 'ikarata y’ubururu' ku rugero rw’imirwi ya football y’abakuze si yo kandi kije hataragera”.

Ryongerako riti: "Ibihano nk’ibi, mu gihe vyoshirwa mu ngiro, vyobanza gukoreshwa mw’igerageza ryokorwa mu bwitonzi mu nkino zo ku rwego rwo hasi, ico FIFA yiteze guhagararako cane mu gihe iki kibazo kizoba kiriko kirigwa mu nama ya IFAB y’umwaka yitezwe ku wa 1 Ntwarante [3]”.

FIFA ifise ibibanza bine muri munani vya IFAB (International Football Association Board), bine bindi bikaba ari ivy’ibihugu bigize iri shirahamwe.

Umukuru wa FIFA Gianni Infantino aramaze kwitaba amanama ya IFAB aba buri mwaka. Iyo atitavye, aserukirwa n’uwundi mutegetsi wo hejuru muri iri shirahamwe.

Ibibanza vyo gutaramuriramwo abakoze amakosa vyarageragejwe mu mwaka w’inkino wa 2018-19, n’shirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza, Football Association, aho ryavuze ko amakosa yo kwigumura yagabanutse ku rugero rwa 38% mu mahiganwa 31.

Mu 2019-20, vyarakoreshejwe ku ngero zose zo mu nkino zo hasi mu kugerageza gutsimbataza inyifato ibereye mu rukino. Ibi bishobora no kuzokoreshwa ku makosa akomeye nka kimwe mu bihano.