Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Misiri ishavujwe n'uko Ethiopia yujuje urugomero ruri mu matati
Misiri yerekanye ishavu inyuma y'aho Ethiopia itangarije ko yujuje ikigega c'urugomero rw'umuyagankuba ku ruzi Nile rwateje impari nyinshi.
Ethiopia yamye mu matati n'ibihugu vya Misiri na Sudani ku bijanye n'umugambi munini kuva watangura mu 2011. Misiri ikoresha amazi ya Nil mu bikorwa vyayo vyose bikenera amazi.
Umushikiranganji wa Misiri w'imigenderanire n'ayandi makungu yavuze ko Ethiopia yirengagije inyungu z'ibihugu vy'iyo uruzi rutemba ruja bikoresha amazi y'uruzi Nil.
Ethiopia ivuga ko urugomero rwa miriyaridi $4.2 rutazogabanya urugero rw'amazi ya Nil basanzwe baronka.
Ku rubuga X rwahoze ari Twitter, umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, yavuze ati: "Ndi n'umunezero ntangere wo kubamenyesha ko harangiye intambwe ya kane ari nayo ya nyuma yo kwuzuza urugomero Renaissance (Renaissance Dam)''.
Aremera ko uyu mugambi yagiye urahura ''n'intambamyi zo hagati mu gihugu no hanze yaco'' ariko ''twaravyihanganiye vyose''. Uru rugomero rwatanguye gutanga umuyagankuba kuva mu kwezi kwa kabiri mu 2022.
Ethiopia irizera ko urugomero rwa Grand Ethiopian Renaissance Dam (Gerd) ruzotanga umuyagankuba ugera ku ncuro zibiri y'uwahora uboneka, ugatanga itango y'iterambere, mu gihe inusu ya miriyoni 127 z'abanyagihugu ba Ethiopia badafise umuyagankuba.
Umugambi ni ugutanga megawatt zirenga 6.000 zivuye kuri urwo rugomero ruri ku birometero hafi 30 y'urubibe Ethiopia ihana na Sudan.
Misiri na Sudan bavuga ko hategerezwa kubaho amasezerano ahuriweko na bose y'ingene Gerd yokoreshwa mu gutinya ko Ethiopia, inyotewe amasoko ntanganguvu, yokwongereza ingorane z'ukubura kw'amazi zari zisanzwe zihari.
Ibiganiro vy'uwo mugambi vyarongeye gutangura mu kwezi guheze inyuma yo guhagarara mu 2021.
Sudan - ubu irangwamwo intambara hagati y'ingabo zayo - ntaco irashikiriza kw'itangazo ry'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed ryo ku munsi wa Mungu.
Mw'itangazo ryagiye ahabona ku rubuga rwa Facebook, umushikiranganji wa Misiri ajejwe amakungu, yavuze ati: '' Ethiopia yikoranye igikorwa co kuzuza ikigega wahonyanze amasezerano y'amabwirizwa ngenderwako yasinyweko n'ibihugu 3 mu 2015 kandi akavuga ko igikorwa ca Ethiopia ''kitakurikije amategeko''.
Iryo tangazo rivuga riti: "Amasezerano y'amabwirizwa ngenderwako atugenga avuga ko hategerezwa kubaho umwumvikano uhuriweko n'ibihugu 3 ku ivyerekeye kwuzuza urugomero rwa Gerd imbere y'uko ibikorwa nyezina bitangura.''
"Ingingo Ethiopia yafashe ku giti cayo zifatwa nko kugaya inyungu n'uburenganzira bw'ibihugu vy'iyo uruzi Nil rutemba ruja bikoresha amazi y'uruzi Nil n'umutekano w'amazi yavyo nk'uko bitegekanijwe n'amabwirizwa y'itegeko mpuzamakungu.''