Burundi: Abagore bahohotera abagabo babo, ibihe vyarahindutse canke ni ibisanzwe?

Umugabo yaba muri karitiye Mirango 2 ya zone Kamenge ya Komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura avugwa ko yishwe n’umugore wiwe ku wa 15 Rusama (5) yinjiye ku rutonde rw’abagabo bakorerwa amabi atandukanye n’abo bubakanye, harimwo n’ubwicanyi.
Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe Homme en Detresse, canke 'Abagabo mu Gahinda', ku wa 17 Rusama (5), abagabo batanu bari bamaze “kwicwa bagandaguwe mu kiringo c’imisi cumi n’itanu ya mbere y’ukwezi kwa gatanu biturutse ku mubano mubi n’amatati afatiye ku gitsina mu mihingo itandukanye” y’igihugu.
Umukuru w’iri shirahamwe, Boniface Nduwimana, yabwiye Radiyo Bonesha ikorera i Bujumbura ko “abagabo bageramiwe cane muri iyi misi”, asaba ko abagabo boza baritura intwaro n’ubutungane kugira ngo babafashe.
Abagabo bahohoterwa mu ngo si ikintu gikunze kuvugwa, ariko abahinga baremeza neza ko biriko biriyongera muri ino myaka, aho mbere bishika abicwa bakicwa, bagacibwa ibihimba vy’umubiri, bagakorerwa n’ayandi mabi.
Ihohotera rikorwa mu ngo rikunze kuvugwa ni abagabo bagirizwa gukorera amabi atandukanye abagore babo. Kumbure ni naco gituma hari amashirahamwe atari make aharanira agateka k’abakenyezi, kimwe mu vyo ajejwe kikaba ari ukwiyamiriza iryo hohoterwa rikorerwa abakenyezi mu ngo.
Ibidakunze kuja ahabona ni abagabo bahohoterwa n’abakenyezi babo, aho birinze bishika usanga umugore ashobora gufatwa nk’igitabanga, bikaboneka ko umengo ni akamaramaza.
“Hariho n’abagabo batubahuka kubishira ahabona, baca babinyegeza, ugaca usanga arwariyemwo, agiye gufata inzoga zimukabura zikamuyayura umutwe kugira ngo avyibagire”, nk’uko bivugwa n’abahinga mu vy’inyifato z’abantu.
None koko ihohoterwa rikorerwa abagabo ririho?
Kibinakanwa [izina ryiwe twarihinduye ] wo ku mutumba Musave wa komine n’intara ya Kayanza, yemeza ko yabaye mu bibazo vy’ihohoterwa igihe kitari gito yakorerwa n’uwo yari yubakanye nawe, akavuga ko mu myaka cumi n’ibiri yari amaranye nawe, ata gahengwe yigeze amuha.
Ati: “Jewe nari mfise umugore tutahuza mu kintu na kimwe, ico nakora cose nta gaciro yigera agiha, maze yandurukana ingeso z’ubuhumbu, akaboregwe gutaha ijoro....yanduruka atangura kugurisha n’amatungo y’umuryango, akayagurisha mw’ibanga jewe simenye na kimwe, nagira ndavuga agaca angomorerako abo bakorana ngo ni banyice...eka hagiyemwo ibintu birebire cane”.
Avuga ko kuva batandukanye abandanya akorerwa iterabwoba.
Eka na mugenziwe Kamabanga [izina ryiwe twarihinduye ku bwo umutekano wiwe] mu gisagara ca Kayanza ari mu ngorane zisa n’izo nyene. Avuga ko vyose vyatanguye igihe umugore yatangura kuza aramwiba amafaranga, avamwo atangura kwigira uko yishakiye.
Ati: “Inyuma y’aho sinari nkimubwira ngo yumve. Narituye umuryango aranyemerera ko ayo yagiye arasanzaza azoyagarukana mugabo n’ubundi ntibimukundire kubera ya nyifato mbi yiwe”.
Kamabanga avuga ko umugore wiwe yahavuye aja no mu bapfumu kurondera imiti ngo arondera kumwigarurira ariko Imana igakinga.
Bayaga [Izina ryiwe na we nyene twarihinduye] na we nyene aba muri komine Kayanza wewe avuga ko ibibi umugore yamukoreye ari vyinshi cane bimubabaza.
Ati: “Ica mbere yarantaye, yigira mu vyiwe ntazi, atashe ndanka ko yinjira atabanje kumbwira ivyo yarimwo, ubwo nyene aca arampfungisha. Ico carambabaje cane, mbere ndaba nk’umuntu abunzweku mutima.
“Ica kabiri yantanye abana bato, umwana afise umwaka n’igice, namumaranye imyaka nk’iyi ntazi iyo nyina ari.
“Ica gatatu yaraje antwara udufaranga, impuzu n’utwombo two mu nzu.
“Narapfunzwe nzira uyo mugore wanje; yagiye kundega mu butungane, ngize ngo ndisigura nta n’uko banyumvirije, banyagirije ahubwo ko ndiko ndahohotera umukenyezi, ngo nahonyanze agateka kiwe...”.
Umukuru w’ishirahamwe Abagabo mu Gahinda, Boniface Nduwimana, avuga ko n’aho ibikunze kuvugwa gusa ari ihohoterwa rikorerwa abakenyezi, abagabo nabo nyene barikorerwa, kandi bakarikorerwa mu buryo busa na bumwe.
Avuga ko bafise ibitigiri vyinshi vy’abagabo bakubitwa, abakomeretswa, abiyahura, abacumitwa n’abagore, n’ayandi moko yose y’amabi abagabo bakorerwa.
Ati: “Ibitigiri bigenda vyiyongera. Uri abakubitwa n’abagore….uri abakomereka, uri abirukanwa mu mazu, uri abakwa uburenganzira ku matungo…ni ukuvuga arya mabi yose bavuga ku bagore, ubu abagabo nabo barayakorerwa, mbere ibitigiri biriko biraduga cane kubera amategeko akingira abagore atigeze yerekana ikibanza c’umugabo canke ngo agire ico avuga ku mugabo na we yahohotewe”.
Alexis Ndayizigiye, umuhinga mu vy’inyitafo z’abantu akaba anarongoye ikigo gifasha mu kugorora inyifato, Clinique de l’education et de la Psychotherapie, canke Twese Turerere hamwe, yemeza ko ivyo guhohoterwa kw’abagabo bishobora kuba vyariho no kuva kera gusa ntibije ahabona, ariko ko ubu atariko bimeze kubera iterambere mu buhinga bwo gutumatumanako ryarwiriye.
Ati: “Izo ngendo si ukuvuga ngo ni iz’ubu nyene, birashobora kuba vyaraba ariko ntibimenyekane, gusa ubu bitera birwira bivanye n’ibihe igihugu gicamwo, canke umuntu ku giti ciwe ariko aracamwo”.
Abahinga bavuga ko biterwa n’iki?

Boniface Nduwimana avuga ko ingorane ihari ari uko kenshi na kenshi amategeko yagiye araboneka yose yabaye ayakingira abakenyezi hakabura ayakingira abagabo.
Ati: “Icagiye kirabitera cane, mu bitabo bidondora ivy’amahohotera baciye bashirako akantu karenzeko, baca baravuga ko ari ihohoterwa rikorerwa abakenyezi. Muri ico gihe abakenyezi baca babona y’uko umengo amareta afashe ingingo ibakurako ababahohotera.
“Bica bimera nk’uko umenga, abagabo babaye nk’ababoshwe, nk’uko umengo babafashe amaboko. Abakenyezi nabo baca bavuga bati 'ko babadufatiye reka rero natwe tubihore', bica bimera nk’uko ari ukwihora abagabo”.
Abona ko ibiri muri ibi bitabo bivuga ihohotera hari abagore benshi baciye batahura ko bagiye kuba abagabo mu rugo.
Ati: “Uyu musi umugabo arashobora gutegura, agatunganya imigambi y’urugo, hanyuma umugore akaza akavuga ati ‘ko atari jewe nabiteguye ntibija mu ngiro’, akanka kandi uwo mugambi ugahemuka uhagaze n’ubwo woba wari ufise inyungu z’urugo”.
Akandi karorero atanga, ni mu gihe mu rugo umugabo n’umugore bose ari abakozi hanyuma umugore akaba ahembwa umushahara munini gusumba umugabo, “umugore aca yifatira mu minwe ibintu vyose akavuga ati ‘ico ntazotegeka ko gikorwa ntigikorwa, na kare nije mpembwa umushahara munini’”, nk’uko Nduwimana abivuga.
Hejuru y’ibi, Nduwimana yemeza ko hari n’abagore basigaye bagenda babesha ko abagabo babo babahohoteye kubera bafise aya mashirahamwe abavugira.
Ati: “Aho abagore baronkeye amashirahamwe menshi abavugira, bageze n’aho rimwe na rimwe bagenda kubeshera abagabo kugira abagabo bafatwe mpiri, abo bagore basigare bigenga mu ngo, bakore ivyo bashaka kubera ko umugabo atigeze aronka aho avugira”.
Ibihe bidasanzwe igihugu caciyemwo

Alexis Ndayizigiye wewe asigura ko ibijanye n’ihohotera mu ngo biri mu rwego rw’uko umuntu ashobora guhindura inyifato bivanye n’ivyo yaciyemwo.
Ati: “Nk’akarorero, murabona y’uko igihugu cacu caciye mu bihe bidasanzwe bitandukanye vy’ingwano, rero ibi bihe twaciyemwo birashobora gutuma uburyo abantu bafata ibigumbagumba canke uburyo bihanganira ibije kubababaza burangwa n’agashavu kenshi."
Iyindi mvo ya kabiri avuga ko ari inkurikizi y’urugamba rw’abagore rwo guharanira agateka kabo, aho abagore nabo hageze aho babona ko nabo bashoboye.
Ati: “Nk’akarorero, urabona y’uko hariho abagore bafise inguvu ziruta iz’abagabo. Ico gihe rero, iyo bishitse abagabo bagakora amakosa canke hakaba ico batumvikana, uca usanga abakenyezi nabo baciye bakoresha inguvu zabo bafise. No mu kibano twarumva ngo mukanaka arakubita umugabo canke muka naka nawe ari n’ukuntu atemerera umugabo ivyo ashaka."
Ikindi avuga, ni uko hari abagabo bashobora kuba bahora batubahiriza agateka k’umukenyezi, urugo rukiri rutoyi, “ariko iyo amaze kuvyara, hari aho usanga abana bamaze gukura, wa mukenyezi yahora afatwa nabi, ahohoterwa, nawe rero aca vuga ati ‘oya ni bihagarare, nanje ubu naronse abantu bashobora kungwanirira’. Wa mukenyezi nawe agaca ashaka kwihora kuko aba afise abandi bantu yishimikije”.
Ikindi kigira gatatu avuga, yerekana ko iyo hari nk’umukenyezi yahohotewe cane, afashwe nabi igihe kirekire canke afise irindi shavu n’ibindi bintu vyamubabaje mu mibano gushika aho mu mutwe atagishobora kwihangana, maze ugasanga akoze ivyo atokwubahutse gukora.
Ati: “Hari abagore bahengera abagabo babo baryamye bakabasuka kw’amarike, canke bakabaca ibihimba vy’umubiri, canke naho bakanabica. Muci ico gihe rero uyo muntu aba afise ikibazo c’amagara yo mu mutwe.
“Erega harya iyo umuntu arinze yiyumvira kwica uwo babanye, bavyaranye,…aba afise ikibazo mu mutwe”.
Iyo umugabo ahohotewe ingaruka ni izihe?
Umuhinga Alexis Ndayizigiye avuga ko iyo umugabo yahora azi ko ari we mutwe w’urugo, afise ijambo rya nyuma, ibintu bimuhindukanye, arahungabana, akagira ingorane, bamwe bakarwara indwara zo mu mutwe, abandi bagata bakomoka, mbere bamwe no kwiyahura bakiyahura.
Ati: “Uca usanga iyo atagifise ka gateka yari afise mu bagabo, aho abantu bahora bavuga bati ‘ni umugabo afise ijambo rya nyuma’, arashobora guca aja mu bihe bidasanzwe, agashobora no kurwara.
“Abagabo barahohoterwa ariko kubera gutinya kubura ijambo mu bantu, kubera wa muco w’Ikirundi w’uko kubera kwumva ko umugabo yahohotewe ari akamaramarza, benshi baravyigumizamwo. Abo rero ico ubabonerako usanga banywa inzoga nyinshi cane, bakagira akabonge, mbere n’indwara zo mu mutwe zikabafata”.
Kubwa Alexis Ndayizigiye hampande yo kwitura abahinga mu bijanye n’inyifato kugira ngo abubakanye bashobore gutekanirwa, ikiyago mu ngo ni ikingi y’umuryango, haba kuri kazoza k’umuryango canke k’igihugu.










