France: Valérie Bacot yagandaguye umugabo wiwe yamuhohotera yahawe umwidegemvyo

Valérie Bacot (yambaye igisikafu) yikubise hasi muri sentare igihe abashikirizamanza bavuga ko akwiye kugirirwa impuhwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Valérie Bacot (yambaye igisikafu) yikubise hasi muri sentare igihe abashikirizamanza bavuga ko akwiye kugirirwa impuhwe

Valérie Bacot yamaze igihe kitari gito ahohoterwa n'umugabo wiwe, inkuru yababaje cane Abafaransa, yaragiriwe n'icaha co kwica uyo mugabo wiwe, ariko akaba yabwiwe ko ashobora gusohoka sentare nk'umugore yidegemvya.

Yaciriwe umunyororo w'imyaka ine, muri yo itatu ikaba ari ic'amaso, ariko akaba yarekuwe kubera umwe yari yawumaze mw'ibohero.

Imbere y'aho, Bacot yikubise hasi muri sentare igihe abashikirizamanza bamutumako kugira ngo bamukubite intahe mu ghanga, ariko akagirirwa impuhwe hanyuma ararekurwa.

Yaremeye ko yishe umugabo wiwe mu kwa gatatu 2016 akoresheje inkoho yiwe (y'umugabo wiwe).

Bacot w'imyaka 40 arasigura ingene yahohotewe kuva ku myaka 12 na Daniel Polette, ico gihe akaba yari umugabo wa nyina mu nyuma aza kuba umugabo wiwe.

Polette yamaze imyaka itari mike ahatira Bacot mu busambanyi n'abandi bagabo, ariko bivamwo biramwankira uyu mugabo atanguye kuvuga ivyo gukorera ivya mfura mbi umukobwa wabo na we.

Abantu barenga 700.000 bateye igikumu ku rwandiko rwasaba ko arekurwa.

'Ubutungane bwarakoze igikorwa cabwo'

Igihe yasohoka ava muri sentare, ikirwi c'abantu bamushigikiye bakomye amashi, bavuza induru ngo "bravo". Yabwiye abanyamakuru ko urugamba rwiwe rutararangira.

Ati: "Sindaremukurwa... naratuntuye ku mutima no ku mubiri", yongerako y'uko ico yipfuza ari ugusubirana n'abana biwe bane.

Bacot yaramaze umwaka wose apfunzwe vy'agateganyo, hanyuma imbere y'uko sentare ifata ingingo abamuburanira bakaba bavuze ko adakwiye kurekurwa vyonyene, ko ahubwo akwiye gukurwako ivyaha yagirizwa.

Umwe mu bamuburanira, Nathalie Tomasini, ati: "Kuri jewe ni intsinzi kubona uyo mukenyezi asubiranye n'abana, numva umunezero udasanzwe".

Avuga ko ubutungane bwakoze igikorwa cabwo, n'aho yipfuza ko umugore yototejwe ahabwa uburenganzira bwo kwivuna mu bufaransa nk'uko bimeze muri Canada.

Ababuranira Valérie Bacot bari babwiye sentare ko icatumye yica umugabo wiwe ari "amarushwa atagira izina yamazemwo imyaka 25 yose n'ubwoba yari afise ko n'umukobwa wiwe nawe yagomba ashikirwe".

Urubanza rwiwe, rurasa n'urwo uwundi mufaransakazi nyene, Jacqueline Sauvage, yapfunzwe inyuma yo kurasa umugabo wiwe yari amaze imyaka 47 yose amutoteza.

Mu 2016, Sauvage yagiriwe imbabazi n'umukuru w'igihugu inyuma y'imyaka ibiri yari amaze mw'ibohero muri cumi yari yaciriwe. Abunganirizi biwe ni bo nyene bongeye kuja kuburanira Bacot.

Polette yasumvya Bacot imyaka 25. Mu myaka ya 1990 yaramaze imyaka ibiri n'igice apfunzwe yafashe ku nguvu Bacot, ariko mu nyuma ararekurwa asubira mu muryango aca amutera inda afise imyaka 17.

Uru rubanza rwateye umujinya Abafaransa maze abarenga 700.000 batera igikumu ku rwandiko rusaba kurekura umupfasoni Bacot

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uru rubanza rwateye umujinya Abafaransa maze abarenga 700.000 batera igikumu ku rwandiko rusaba kurekura umupfasoni Bacot

Mu gitabo ciwe aherutse gusohora avuga ku bijanye n'ubuzima bwiwe, yandika ko igihe cose yamanye ubwoba, ko rero vyari ngombwa ko ivyo bihagarara. Yabwiye sentare ko umugabo wiwe yamye amutera ubwoba n'inkoho.

Avuga kandi ko yamuhatiye mu bumaraya mu kiringo c'imyaka 14. Sentare yahawe amakuru y'ingene yategetswe gusambanywa n'abandi bagabo mu kibanza c'inyuma c'imodoka nto y'umuryango yo mu bwoko bwa Peugeot.

Janine Bonaggiunta ari mu bamuburanira, yasiguriye sentare ko amategeko y'Ubufaransa adahagije ku manza z'ubu bwoko: "Iyo bimaze kugaragara ko murubanza nk'uru harimwo ikibazo c'itoteza umukenyezi yakorewe, ntategerezwa kumara n'umusi umwe mw'ibohero. Ndashaka ko dutera intambwe kuri iki kibazo".