Umuti ukozwe mu mishatsi ushobora gufasha kuvura amenyo

Dr Sherif Elsharkawy, yambaye ibirato vy'intoke vy'ubururu, mu mwambaro wera w'abakora muri 'laboratoire' hamwe n'amarore yo kwikingira, afise imishatsi mu ntoke

Ahavuye isanamu, King’s College London

Insiguro y'isanamu, Dr Sherif Elsharkawy abona ko ubwo buhinga bushobora kuboneka mu myaka ibiri iri imbere
    • Umwanditsi, Harry Low
    • Igikorwa, BBC News

Abashakashatsi bavuga ko umuti w'amenyo ukozwe mu mishatsi yanyu ushobora kuzofasha kuvura no gukingira amenyo yononekaye.

Abahinga bo muri King's College y'i Londres mu Bwongereza baratoye ko'kératine' - indemamubiri iba mu mishatsi, mu rukoba no mu bwoya - ishobora kuvura igice c'inyuma c'iryinyo no guhagarika ingwara yo kubora kw'amenyo [carie] kugitangura.

Ubushakashatsi bwabo bwerekanye ko 'kératine' izana ikintu kimeze nk'igice c'inyuma c'iryinyo kirikingira igihe ihuye n'amate. Sara Gamea, umushakashatsi kuri King's College i Londres, ari na we yatanguye kwandika kuri ico cirwa, agira ati:"kératine itanga ubundi buryo bugezweho bwo kuvura amenyo,"

Ikintu kimeze nk'umunwa cerekana amenyo atatu yaboze

Ahavuye isanamu, King’s College London

Insiguro y'isanamu, Ingwara yo kubora amenyo ishobora guterwa n'imfyngurwa hamwe n'inzoga birimwo aside

Yongeyeko:"Ubwo buhinga buzibira igihengeri kiri hagati y'ibiraba ibinyabuzima hamwe n'ubuvuzi bw'amenyo, mu gutanga ibikoresho bitagira ingaruka ku bidukikije kandi bisa n'ibisanzwe."

"Uretse ko biva ku bintu vyamuka ku binyabuzima nl'umushatsi n'uruhu, ariko kandi bituma umuntu adakenera gukoresha ibintu bikozwe muri plastique, bikunze gukoreshwa mu gukora amenyo, bisanzwe ari ubumara kandi bitaramba."

Mu vyigwa vyabo, basohoye muri Advanced Healthcare Materials, abo bahinga bakuye 'kératine' mu bwoya.

Umuntu yambaye ibirato vy'intoke vy'ubururu afise agafupa karimwo kératine yera ivuye mu mishatsi.
Insiguro y'isanamu, Abahinga bemeza ko kératine ivuye mu mishatsi ishobora gukoreshwa mu gukora umuti w'amenyo

Basanze ko mu gihe usize kératine ku menyo hejuru, hanyuma agahura n'ibintu biri mu mate, bica bicika ikintu gikomeye gikora nk'igice c'inyuma c'iryinyo mvukanwa.

Uko umwanya ugenda, ico kintu casubiriye igice c'inyuma c'iryinyo kirabandanya gukwega calcium na phosphate, bigaca bivyara ikindi gihimba gikomeye c'iryinyo kimeze nk'ico iryinyo risanzwe.

Indya n'inzoga birimwo aside, kudasukura mu kanwa n'amenyo hamwe n'ubusaza ni vyo bintu bituma amenyo abora, bigatuma umuntu agira ububabare, hanyuma akanavamwo.

Uducupa bashiramwo ibipimo muri 'laboratoire'

Ahavuye isanamu, King's College London

Insiguro y'isanamu, Ubushakashatsi bwakoze n'uwuriko araca Doctorat

Dr Sherif Elsharkawy umwanditsi mukuru muri King's College i Londres, yagize ati:"Mu buryo butandukanye n'amagufa hamwe n'imishatsi, igihimba c'inyuma c'iryinyo ntikigaruka, kivuyeho n'uko biba birangiye.

"Twinjiye mu gihe giteye umunezero aho ubuhinga bushasha butadufasha kuvura ibimenyetso gusa, ariko kandi bugasubizaho ibikorwa vy'umubiri dukoresheje ibikoresho vy'umubiri ubwawo."

"Hifashishijwe iterambere rigeze kure no gufashanya n'amahinguriro, twoshobora vuba kuza turatwenga igitaburamunwa kandi dufise amagara meza, bivuye ku kintu coroshe nk'ugukata umusatsi."