Umuti ukozwe mu mishatsi ushobora gufasha kuvura amenyo

Ahavuye isanamu, King’s College London
- Umwanditsi, Harry Low
- Igikorwa, BBC News
Abashakashatsi bavuga ko umuti w'amenyo ukozwe mu mishatsi yanyu ushobora kuzofasha kuvura no gukingira amenyo yononekaye.
Abahinga bo muri King's College y'i Londres mu Bwongereza baratoye ko'kératine' - indemamubiri iba mu mishatsi, mu rukoba no mu bwoya - ishobora kuvura igice c'inyuma c'iryinyo no guhagarika ingwara yo kubora kw'amenyo [carie] kugitangura.
Ubushakashatsi bwabo bwerekanye ko 'kératine' izana ikintu kimeze nk'igice c'inyuma c'iryinyo kirikingira igihe ihuye n'amate. Sara Gamea, umushakashatsi kuri King's College i Londres, ari na we yatanguye kwandika kuri ico cirwa, agira ati:"kératine itanga ubundi buryo bugezweho bwo kuvura amenyo,"

Ahavuye isanamu, King’s College London
Yongeyeko:"Ubwo buhinga buzibira igihengeri kiri hagati y'ibiraba ibinyabuzima hamwe n'ubuvuzi bw'amenyo, mu gutanga ibikoresho bitagira ingaruka ku bidukikije kandi bisa n'ibisanzwe."
"Uretse ko biva ku bintu vyamuka ku binyabuzima nl'umushatsi n'uruhu, ariko kandi bituma umuntu adakenera gukoresha ibintu bikozwe muri plastique, bikunze gukoreshwa mu gukora amenyo, bisanzwe ari ubumara kandi bitaramba."
Mu vyigwa vyabo, basohoye muri Advanced Healthcare Materials, abo bahinga bakuye 'kératine' mu bwoya.

Basanze ko mu gihe usize kératine ku menyo hejuru, hanyuma agahura n'ibintu biri mu mate, bica bicika ikintu gikomeye gikora nk'igice c'inyuma c'iryinyo mvukanwa.
Uko umwanya ugenda, ico kintu casubiriye igice c'inyuma c'iryinyo kirabandanya gukwega calcium na phosphate, bigaca bivyara ikindi gihimba gikomeye c'iryinyo kimeze nk'ico iryinyo risanzwe.
Indya n'inzoga birimwo aside, kudasukura mu kanwa n'amenyo hamwe n'ubusaza ni vyo bintu bituma amenyo abora, bigatuma umuntu agira ububabare, hanyuma akanavamwo.

Ahavuye isanamu, King's College London
Dr Sherif Elsharkawy umwanditsi mukuru muri King's College i Londres, yagize ati:"Mu buryo butandukanye n'amagufa hamwe n'imishatsi, igihimba c'inyuma c'iryinyo ntikigaruka, kivuyeho n'uko biba birangiye.
"Twinjiye mu gihe giteye umunezero aho ubuhinga bushasha butadufasha kuvura ibimenyetso gusa, ariko kandi bugasubizaho ibikorwa vy'umubiri dukoresheje ibikoresho vy'umubiri ubwawo."
"Hifashishijwe iterambere rigeze kure no gufashanya n'amahinguriro, twoshobora vuba kuza turatwenga igitaburamunwa kandi dufise amagara meza, bivuye ku kintu coroshe nk'ugukata umusatsi."










