Ibitero vyo mu kirere vya Amerika na Somalia muri Mogadishu

Abajejwe umutekano bahagaze imbere y'ihoteri yo mu muji wa Beledweyne inyuma y'igitero co kuwa 12 Ntwarante 2025

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abarwanyi ba Al-Shabab bamaze amezi biyegeranya kandi bagavye ibitero vyo kwivuna
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News

Leta ya Somalia imenyesha ko ingabo za Leta Zunze Ubumwe za Amerika zifatanije n'iza Somalia zagavye ibitero vyo mu kirere ku barwanyi ba Al Shabab mu ntambara zo kurwanira kwigarurira umuji ngirakamaro.

Igitero cari citeguriwe neza cane, cagabwe kuri Adan Yabaal, akarere kari mu buraruko bw'umugwa mukuru Mogadishu, inyuma y'amasaha make al Shabab ziteye umukwabu w'ibitero kuri uwo mugwa mukuru.

Mu barwanyi 12 bishwe harimwo abakuru batari bake b'uwo mugwi wa al Shabab wamaze kwishikana kuri al Qaeda, nk'uko bishikirizwa mw'itangazo ry'ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru ku rubuga X.

Izo ntambara za vuba zibaye mu gihe hari hasanzwe ubwoba bw'uko abarwanyi bishimikiza amatwara y'idini rya Islamu basubiye kugwiza ibitero muri Somalia, harimwo ivyatumberejwe ku rukurikirane rw'imodokari za perezida Hassan Sheikh Mohamed mu kwezi guheze.

Al-Shabab, isanzwe igenzura ibice binini vyo mu bumanuko no hagati na hagati muri Somalia, yarwanye na leta kuva harashize imyaka 20. Ishaka gutembagaza ubutegetsi buhari igashiraho leta ya ki-Isilamu.

Ingabo ziri mu butumwa bwo kugarura amahoro zashizweho n'Ubumwe bwa Afrika, zarasunitse uwo mugwi w'abarwanyi mu 2022 na 2023, ariko uguma ari umugwi ukomeye n'ubwo bawugavyeko ibitero vyinshi.

Leta ya Somalia yoyo ikomeza kwemeza ko uwo mugwi wamaze gutakaza inguvu.

Ibitero vyaraye bigabwe kuri uyu wa gatatu bugorovye, vyarimwo ingabo za leta ya Somalia n'izo Ubumwe bwa Afrika zirongowe na Amerika Africom, vyari bifise intumbero yo guca intege abo barwanyi, nk'uko bimenyeshwa n'ubushikiranganji bwo kumenysha amakuru.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bumenyesha ko ico gitero cari gitumbereye ikibanza cakoreshwa n'abarwanyi bahuriramwo mu kwihisha, kandi ko igikomeye ari uko "ata banyagihugu b'aba civiles baguye muri ico kibanza".

Adan Yabaal, mu karere ka Middle Shabelle, yafashwe na al Shabab mu 2016, imbere y'uko yisubizwa na leta mu 2022.

Hadutse intambara zikomeye mu kare ku munsi wa gatatu, inyuma y'aho al Shabab zigabiye ibitero muri ico gisagara, zikoresheje ibirwanisho bikomakomeye.

Mu nyuma uwo mugwi wamenyesheje ko wafashe ico gisagara. Babiri mu banyagihugu baho babwiye ikigo c'itangazamakuru AFP ko abarwanyi bafashe Adan Yabaal.

Leta ntiyavuze uwoba aramutswa ico gisagara ubu.

Perezida Hassan Sheikh Mohamud yagendeye ico gisagara mu kwezi guheze, avugana n'abagaba b'ingabo, aho yashimangiye ku kamaro k'ico gisagara mu ntambara na al Shabab.

Mu kindi gitero, igisirikare ca leta cavuze ko cishe abatari munsi ya 35 mu barwanyi ba al Shabab mu muji wa Baidoa kuri uno wa kane, inyuma yo gushaka gutera ikambi y'igisiirkare muri uwo muji, nk'uko vyemezwa n' ubwo bushikiranganji.

Perezida Mohamud yimye agaciro ibikorwa vya al Shabab vyo gushaka gusatira, avuga ko ivyo gusubira inyuma ku rugamba rimwe na rimwe bishobora gushika, ata wushobora kuvyirinda.

Yemeza ko leta yiwe yiyemeje kurwanya uwo mugwi gushika iwutsinze.