Ishavu muri Somalia aho umugabo yavuze ko ari we yarongoye umwana w'imyaka 8 yari yabuzwe irengero

Ahavuye isanamu, Mohamed Salh
- Umwanditsi, Abdinasir Ali
- Igikorwa, BBC Somali
Uburakari bwakwiye Somalia yose inyuma y'aho umwana w'umukukobwa w'imyaka umunani, yari amaze amezi atandatu abuzwe irengero, atowe abana n'umugabo yavuze ko yari yamurongoye.
Uwo mwana umuryango wiwe wari wavuze ko wamubuze irengero mu ntara yigenga muri bimwe bimwe ya Puntland mu kwezi kwa Nyakanga guheze.
Inyuma y'amezi atari make, vyamenyekanye ko se w'uwo mukobwa yari yemeye ko arongorwa n'umuntu akuze, Sheikh Mahmoud.
Abajejwe umutekano barakikuje urugo rw'uwo mugabo ku ndwi iheze baca barinjira ku nguvu aho amariye kwiyugaranira mu cumba we n'uwo mwana w'umukobwa.
Ivyashitse vyateye uburakari ku mbuga hwaniro n'imyiyerekano ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu.
Vyavyuye n'impari nshasha ku bijanye n'amategeko akingira abana, mu gihe gushika ubu ata myaka runaka umukobwa ategerezwa kuba yashikanye kugira arongorwe.
''Ikibabaje kuruta iryo bara ubwaryo ni ibivugwa ko [umwana] yanyurujwe n'uko umuryango wiwe wamaze amezi utazi iyo yagiye,'' Fadumo Ahmed, umukuru w'ishirahamwe riri mu ya mbere akomeye muri Somalia mu kurwanira agateka k'abagore, Somali Women Vision Organisation, niko yabwiye BBC.
''Turizeye ko inzego zibijejwe zifata ingingo y'amategeko ibereye.''
Ku bwa sewabo w'uwo mukobwa w'imyaka umunani, yavanywe muhira iwabo mu gisagara ca Bosaso muri Nyakaganga guheze n'umugore umwe mu bo mu muryango. Uwo mugore yavuze ko aherekeje uwo mwana mu rugendo rwo kuja kuramutsa uwundi sewabo.
Ariko haheze amezi, hagaragaye video ku mbuga hwaniro yerekana uwo mwana ariko aravuga Koroani (Quran).
Umuryango wiwe ubwo nyene waciye utangura kurondeza uwo mwana - nta wuzi igituma batari babikoze hakiri kare.
Bagiye kumenya ko ari mu karere ka Carmo, abana na Sheikh Mahmoud.
Sheikh Mahmoud ubwa mbere yavuze ko yigisha uwo mukobwa Koroani gusa. Ariko amaze kwitwarirwa mu mategeko, yaciye ahindura ivyo yari yavuze, avuga ko yari yarongoye uwo mukobwa bavyumvikanye na se.
Abajijwe na BBC ingene yosigura kurongora umwana w'imyaka umumani, Sheikh Mahmoud yavuze ko imigenzo y'Intumwa ya Islam Muhammad, hamwe n'iy'ishure ry'ivyiyumviro rya Shafi'i, yemera kurongora umwana.
BBC imaze guhinyuza insiguro ziwe - ifatiye ku bandi bahinga ba Islam benshi batavyemera - Sheikh Mahmoud yarashimitse mu kwemeza ko atazoheba ubugeni yagize n'uwo mwana.
Igiporisi ca Puntaland n'abategetsi bajejwe agateka ka zina muntu baciye babijamwo ku wa 25 Ntwarante, bavana uwo mwana mu nzu y'uwo mugabo inyuma y'aho umuryango wiwe witwariye.
Ubu uwo mukobwa ari kumwe n'umuryango wiwe, nk'uko igiporisi ca Puntkland cabwiye BBC.
Hanatangujwe itohoza ku vyashitse, nk'uko abategetsi bo muri reta bavuze.
Ukurongora abana biraba cane muri Somalia.
Ku bw'icegeranyo casohowe mu 2020 n'ishami rya ONU riraba igwirirana ry'abantu na reta ya Somalia, 35% y'abagore bafise imyaka iri hagati ya 20 na 24 mu gihugu barongowe imbere y'uko bakwiza imyaka 18. Mu 2017, ico giharuro cari gihagaze ku 45%.
Urugero rw'abarongorwa ari abana ruva ku mvo nyinshi, harimwo ubukene, umutekano muke n'imigenzo kama rimwe na rimwe yirengagiza imyaka y'umukobwa mu kwumvikana ku bukwe.
Mu kugerageza guhangana n'iki kibazo, ubushikiranganji bwa Somalia bujejwe ibibazo vy'abagore n'uburenganzira bwa zina muntu mu 2023 bwarashikirije inama nshingamateka integuro y'amategeko agenga agateka k'abana.
Ariko iyo nteguro yarasubijwe inyuma abashingamateka bamaze nkwanka zimwe mu ngingo zayo. Iyo nteguro yitezwe gusubizwayo, ariko nta kirangamisi cavyo kihari.










