Afurika y'Epfo: Abagore batanguye imyiyerekano ya "purple" biyamiriza ihohoterwa rishingiye ku gitsina

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, Khanyisile Ngcobo
- Umwanditsi, Nomsa Maseko
- Igikorwa, BBC Africa
- Yakoze inkuru ari, Johannesburg
- Umwanditsi, Danai Nesta Kupemba
Imirwi iharanira uburenganzira bw'abakenyezi muri Afurika y'Epfo iriko irasaba ko haba imyiyerekano mu gihugu cose, kugira basabe ko ihohoterwa rishingiye ku gitsina (GBV) ryotangazwa nk'ikiza mu gihugu aho bavuga ko amabi akorerwa abagore yabaye ibintu bisanzwe.
Uyu mugambi wo guhimirza watangujwe n'ibiyago ku mbuga hwaniro, kandi uzorangira ku musi wa gatanu mu "kwugara igihugu cose", imbere y'Inama ya G20 ibera i Johannesburg.
Abamenyekanye cane, abanyagihugu, hamwe n'ibihugu bitandukanye berekanye uko bashigikiye iki gikorwa bahindura amashusho yabo yo ku mbuga hwaniro bahashira irangi ry'umutugutu (purple) – irangi risanzwe rikoreshwa mu kumenyesha no kurwanya ihohoterwa rishingiye ku gitsina.
Afurika y'Epfo iri mu bihugu bifise urwego ruri hejuru cane rw'ihohoterwa rishingiye ku gitsina, kandi abagore bamaze kwicwa muri ico gihugu biri ku ncuro zitanu hejuru y'ibiharuro bisanzwe bifatirwako ku rwego mpuzamakungu, nk'uko bishikirizwa na UN Women.
Hagati y'ukwezi kwa Nzero(1) n'ukwa Ntwarante(3) uyu mwaka, abagore 137 barishwe nayo barenga 1,000 barafashwe ku nguvu, nk'uko ibiharuro vy'igiporisi ca Afurika y'Epfo bibivuga.
MURAGABE: IYI NKURU IRIMWO INZIGURO ZIJANYE NO GUFATA KU NGUVU.
Ku musi wa gatanu, abakenyezi basabwe kutaja ku kazi canke ku mashure, kugira ngo bave "mu bariko bafasha ubutunzi umusi umwe gusa", kandi bakaryama hasi iminota 15 isaha zitandatu z'umurango ku masaha yo muri ico gihugu (12:00), kugira bunamire abakenyezi bishwe.
Barasabwa kandi kwambara irangi ry'umukara nk'ikimenyetso co "kwunamira no kwiyamiriza".
Iyi myiyerekano, bise G20 Women's Shutdown, yatunganijwe n'igisata Women for Change, ari na co kiri imbere mu bikorwa vy'uguhimiriza ku mbuga hwaniro.
Harabonetse kandi urwandiko rwo gusaba rwasinywe n'abarenga umuliyoni, rusaba ko reta ifata ingingo zikaze kurushia mu kurwanya iki kiza.
Ikigo kijejwe gucunga ibiza mu gihugu (NDMC) caranse ico gisabo co kwemeza ko ihohoterwa rifatiye ku gitsina ari ikiza mu gihugu, gisigura ko bituzuza ibisabwa n'amategeko.
Ku musi wa kane, Perezida Cyril Ramaphosa yabwiye Inama ya G20 Social Summit yuko Afrika y'Epfo "yatangaje ihohoterwa rishingiye ku gitsina n'ubwicanyi bukorerwa abagore nk'ikiza mu gihugu" mu 2019.
Ariko abaharanira uburenganzira butandukanye bavuga ko hahindutse bike cane, kandi basaba reta gufata ingingo zihuta kandi ziremereye kuri ico kibazo.
Umuvugizi wa Women for Change, Cameron Kasambala, yababajwe n'uko hashizweho "amategeko meza menshi cane" mu myaka iheze kugira haboneke inyishu, ariko hakabura "ishirwa mu ngiro ryayo n'ukwerekana ibiriko birakorwa" ku ruhande rwa reta.
Yabwiye BBC ati: "Twararama gufata ihohoterwa turishira… mu muco wacu no mu migenzo yacu ya minsi yose."
Abandanya ati: "Mu gihe reta yogira intambwe ikomeye kuri iki kibazo, twoca dutangura kubona impinduka ahariho hose. Kuko ni bo bashiraho akarorero hanyuma igihugu gikurikira,"
Umuririmvyikazi Tyla nawe ari mu ari mu bihumbi vy'abantu bashigikiye iri himiriza akaba ari no mubahinduye isanamu yabo ku mbuga hwaniro.
Bamwe bararengeje aho, bashira amafoto y'imitima y'umutugutu (purple), irangi ryo ku nzara, canke impuzu z'iryo bara, mu gikorwa bamaze kwita "purple movement".
Umwigisha wa kaminuza wo muri Afurika y'Epfo atashimye kwivuga izina yabwiye BBC ko yafashe akaruhuko kugira ashobore kuva mu ntara ya Free State aja i Johannesburg kwifatanya n'iyo myiyerekano.
Avuga ko avyishimiye kuko akunda kwiyumvira ku bintu bisanzwe nk'ukwiruka, kandi yipfuza ko iyi myiyerekano izofasha "gutera intege nke" abahohotera abakenyezi.
Ariko bamwe mu bagore barabujijwe n'abakoresha babo kuja muriyo myiyerekano.
Umwe mu bakora ivyo gutegura amshusho y'ibidandazwa (product designer) akorera ishirahamwe rinini yavuze ko bamazwe kubwirwa ko badakwiye kwitabira iyo myiyerekano.
Bamwe mu bagore bumva ko reta idafata ingingo zikwiye ko aribo batanguye gufata ibintu mu minwe yabo.
Lynette Oxeley yaratanguje ishirahamwe Girls on Fire kugira afashe abagore kwikingira biciye mu gutunga ibigwanisho bicira umuriro.
Mu gihugu ca Afrika y'Epfo, umuntu arashobora kugira inkoho ku mugaragaro mu kwivuna, igihe afise uruhusha rwemewe n'amategeko.
Abakenyezi benshi bari muri iryo shirahamwe barigeze gufatwa ku nguvu, kwamburwa, guterwa, canke guhura n'ubundi bwoko bw'ihohoterwa.
Prudence yinjiyemwo mu 2022, inyuma yo gufatwa ku nguvu.
Yabwiye BBC ati: "Navuze nti 'Oya'. Narasemerera, ndarira, mugabo uwamfashe kunguvu ntiyigeze yemera ko ndiko mvuga oya."
Kuronka ubutungane vyabaye urugamba rutoroshe kuko urubanza rwiwe rwarasubijwe inyuma kubera igikoresho bafatisha ibipimo (rape kit) vyatakaye.
Abandanya ati: "Iki si ikibazo c'igiporisi gusa, ni ikibazo c'igihugu cose,"
Naho abo bagore bigishwa gukoresha inkoho, Oxeley yavuze ko gukoresha inkoho ari "ikintu ca nyuma co gukore".
"Si ukwikingira gusa ukoresheje inkoho. Ndipfuza ko abakenyezi bahindura ukuntu biyumva. Bahagarike kunuma."
"N'umva naho utotsinda , ariko uba uriko urarwana birahagije."













