Video: Akazi k'ububaji ku mugore, ntivyoroshe ariko birashoboka
Evelyne Minani umugore w'imyaka 36, akora umwuga wo kubaza usanzwe wiganjemwo abagabo.
Avuga ko abikunda kandi bimaze kumushikana ku ntambwe ishimishije.
Baba abo bakorana canke abamurongoye mu kazi, baramushingira intahe ko abishoboye mbere kurusha abagabo bamwe bamwe.








